{"id":4928,"date":"2020-03-02T14:49:35","date_gmt":"2020-03-02T13:49:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4928"},"modified":"2020-05-09T14:23:01","modified_gmt":"2020-05-09T12:23:01","slug":"kwonsa-neza-birakinga-imbanyi-zitavanako-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwonsa-neza-birakinga-imbanyi-zitavanako-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Kwonsa neza birakinga imbanyi z\u2019urutavanako \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Iyo abagore baheruka kwibaruka bahanurwa guca baza baronsa abana babo neza kandi ku gihe umwana ashakiyeko ibere kuko biri mu buryo bukinga imbanyi zikunda kwibonekeza ku bavyeyi batari bake bibungenga bakiva mu kiriri. Ivyo bishikirizwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n\u2019irondoka (gyn\u00e9cologue). <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari abavyeyi\nbatari bake na canecane ab\u2019usanga bafise ubuzi barangurira kure y\u2019aho basanzwe\nbaba canke abatinya kwonsa ku gutinya ko amabere yabo yogwa bitabashobokera ko\nbama bariko baronsa abana babo neza kandi ku gihe. Muri ico gihe hari abagore bahitamwo\nkwikama amaberebere, abandi bakagura amata y\u2019inka bakayashira mu ma \u00ab bib\u00e9rons\u00bb,\nakaba ari yo basigira abakozi bo mu nzu (abayaya) kugira baze kuyaha umwana mu\ngihe bibonetse ko ashaka kwonka.<\/p>\n\n\n\n<p>Patricia wo mu ntara\nya Bubanza asanzwe akorera akazi kiwe mu gisagara ca Bujumbura. Mu myaka ine amaze yubatse ubu ni umuvyeyi w\u2019abana\nbatatu. Ku bijanye no kwonsa neza umwana avuga ko bitamushobokera bivanye\nn\u2019akazi akorera kure y\u2019urugo rwiwe. Uwo muvyeyi agira ati&nbsp;<em>: <\/em>\u00ab<em> Jewe umwana ndamwonsa mu gatondo ka kare no\nmw\u2019ijoro gusa. Ku mutaga nca mpitamwo kwikama amaberebere canke nkasigira amata\numukozi aza guha umwana <\/em>\u00bb<em>.<\/em> Uyo muvyeyi nyene anavuga ko atari we\ngusa hari n\u2019umukenyezi bakorana ku kazi wewe atigera yonsa na rimwe ahubwo\numwana anywa amata kubera ngo yanka ko amabere yiwe agwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Gilbert Nibitanga, umuhinga mu bijanye n\u2019irondoka, avuga ko ukutonsa neza umwana usivye ko atari vyiza ku mwana bituma n\u2019abakenyezi bama batwaye imbanyi z\u2019urutavanako. Uyo muganga agira ati: \u00ab<em> Burya rero hari abibaza ko umugore acibaruka atosama inda. Nagire ndababwire ko inyuma y\u2019ukwezi kumwe gusa na ho umukenyezi yoba atarongera kubona amaraso ashobora gusama iyo aranguye amabanga y\u2019abubatse mu gihe uwo muvyeyi atonsa neza ku mwanya umwana ashakiyeko kwonka. Ivyo<\/em> <em>birashobora gutuma kandi uwo muvyeyi anahindura igihe yahora abonera ubutinyanka <\/em>\u00ab\u00a0<em>Cycle menstruel<\/em>\u00ab\u00a0\u00bb<em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"dRgCIG6L5Y\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umukenyezi-yibungenze-yoba-yemerewe-kurangura-amabanga-yabubatse-burundi\/\">Umukenyezi yibungenze canke yibarutse, ni gushika ryari yemerewe kurangura amabanga y\u2019abubatse?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umukenyezi yibungenze canke yibarutse, ni gushika ryari yemerewe kurangura amabanga y\u2019abubatse?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umukenyezi-yibungenze-yoba-yemerewe-kurangura-amabanga-yabubatse-burundi\/embed\/#?secret=5XqmZYABlM#?secret=dRgCIG6L5Y\" data-secret=\"dRgCIG6L5Y\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab M\u00e9thode maman \u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Nibitanga\narongera akamenyesha ko ku bakenyezi bikama amaberebere bakayasiga biyumvira ko\nari co kimwe no kwonsa, ko atari vyo. Agira ati: \u00ab <em>Kwonka ni igihe umwana\nanunuza ibere rya nyina wiwe barikumwe. Ivyo rero turabihanura abavyeyi kuko\nubwo buryo tubwita <\/em>\u00ab\u00a0M<em>\u00e9thode maman<\/em>\u00ab\u00a0<em> ni nabwo buryo ba nyokuru\nbacu ba kera bakoresha kandi bwarabafasha gutandukanya imvyaro <\/em>\u00bb<em>.\n<\/em>Uyo muganga anavuga ko iyo umugore yonsa neza nk\u2019uko abisabwa n\u2019abaganga ashobora\nkumara amezi 6 atarongera kubona amaraso ariko iyo adakurikiza impanuro\nz\u2019abaganga mu minsi 42 gusa ashobora kuba yamaze kubona amaraso. <\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Gilbert ahimiriza rero abakenyezi kugerageza kwamana n\u2019abana baconka batararenza amezi 6 kuko ari bo baba bagikeneye ingaburo y\u2019amaberebere gusa. Iyo babikurikije neza birafasha gutandukanya imvyaro. Ku batonsa neza, muganga Nibitanga asaba ko boca bijukira kwitura abaganga kugira babahe ubundi buryo bwo gutandukanya imvyaro atari \u00ab m\u00e9thode maman \u00bb.<strong> \u00a0<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iyo abagore baheruka kwibaruka bahanurwa guca baza baronsa abana babo neza kandi ku gihe umwana ashakiyeko ibere kuko biri mu buryo bukinga imbanyi zikunda kwibonekeza ku bavyeyi batari bake bibungenga bakiva mu kiriri. Ivyo bishikirizwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n\u2019irondoka (gyn\u00e9cologue). Hari abavyeyi batari bake na canecane ab\u2019usanga bafise ubuzi barangurira kure [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4929,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[390],"coauthors":[189],"class_list":["post-4928","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-kwonsa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4928","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4928"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4928\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4955,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4928\/revisions\/4955"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4929"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4928"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4928"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4928"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4928"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}