{"id":4923,"date":"2020-03-01T10:58:18","date_gmt":"2020-03-01T09:58:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4923"},"modified":"2020-05-09T14:22:52","modified_gmt":"2020-05-09T12:22:52","slug":"burundi-njebarikanuye-bigeme-musenge-mukora","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-njebarikanuye-bigeme-musenge-mukora\/","title":{"rendered":"Njebarikanuye: \u00ab Bigeme, musenge mukora \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uwu munsi w\u2019Imana ushitse mu bihe vyiza vyo mw\u2019ikarema, aho abakirisu bose bitegurira guhimbaza umunsi mukuru wa pasika, \u00ab Njeba \u00bb yahisemwo guhanura abo bigora gufatanya amasengesho n\u2019ibikorwa. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nishimwe mukundwa,<\/p>\n\n\n\n<p>Ndagukeje kuba warakiriye Rurema nk\u2019umwami n\u2019umukiza mu buzima bwawe kandi ndakwipfurije amahirwe mw\u2019ibanga wahisemwo. Ncuti nziza urazi ko jewe nawe twahora turi abagenzi bashika ariko kuva aho uhinduriye ingendo ugashira umutima wawe wose ku masengesho hari vyinshi vyagiye birahinduka.<\/p>\n\n\n\n<p>Nishimwe, mwigeme\nmwiza twarukanye, utarizizirwa cane n\u2019amasengesho ya buri munsi urazi ko wakora\nudukorwa twinshi two muhira ugahimbara abavyeyi. Mama wawe aho yaba ari hose\nnta mutima wasimba kuko yaba azi ko muhira hari umuzezwanzu atunganya ivyo mu rugo.\nNdibuka ukuntu so wawe yakunda kwama ariko aragutaka amashurwe mu bantu ngo\nyavyaye umwana atarera amaboko azogira ico yimarira mu buzima. kukaba nkanko\nibikorwa vyawe vyarigaragaza mu kibano hose.<\/p>\n\n\n\n<p>Si ugushikuza.\nMukundwa, aha ubona twese abahungu bo mu kibano ubwa mbere waratambuka\ntukagukurikiza amaso, ni ivyo wahora wibonera. Umwe wese yaripfuza ko womubera\numufasha kubera ibikorwa vyiza twakubonako. Twabona ko uri umukobwa w\u2019umwete arajwe\nishinga no guteza imbere urugo. Ariko ubu siko tukubona. Ntituzi ko ari\nugushira umutima wawe ku Mana canke ari uguhungira ibikorwa ku Mana. <\/p>\n\n\n\n<p>Nishimwe,\nwarahindutse. Abavyeyi bararira ntibakironka uwubategurira udufungurwa, ntibagira\nuwubahereza amazi, uwubarahurira agacanwa canke uwubafasha mutundi dukorwa.\nBarumunawe na basazawe barakwibagiye ngo ntibakikubona kuko usigaye wibera ku\nrusengero. Narumvise abo mu kibano bitwengera ngo usigaye uzindukira ku\nrusengero sakumi z\u2019igitondo ugasenga ntuheze, waheza naho ukigumirayo bikanka\nko utaha. <\/p>\n\n\n\n<p>Ncuti\nyanje, gusenga ni vyiza. Ariko wibuke n\u2019ibikorwa vy\u2019iterambere vy\u2019aho ubaye, ntiwiyibagize\nko Imana ifasha uwifashije. Ntuzohendwe n\u2019ubuto ngo wiyumvire yuko vyose Imana izobigusanza\naho uri mu gihe utazoba wakoze. Ni ukuri kwose usenge wongere ukore ni ho Imana\nizokwumvira amasengesho yawe kandi ni na ho uzobonwa neza haba mu muryango no\nmu kibano. Ba sokuru barayamaze bati : \u00ab Usaba Imana wicaye mu mbari\nikagusukako umunyota. \u00bb <\/p>\n\n\n\n<p>Yari mwene Data Njebarikanuye\u00a0\u00a0\u00a0\u00a0\u00a0\u00a0<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"QLbMAoWaPR\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/njebarikanuye-akaranga-indimi-burundi-kumenyesha-amakuru\/\">Njebarikanuye : \u00ab Izo ndimi zitaratorerwa amazina ni muzigeze aho ! \u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Njebarikanuye : \u00ab Izo ndimi zitaratorerwa amazina ni muzigeze aho ! \u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/njebarikanuye-akaranga-indimi-burundi-kumenyesha-amakuru\/embed\/#?secret=ZKsRQry88X#?secret=QLbMAoWaPR\" data-secret=\"QLbMAoWaPR\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uwu munsi w\u2019Imana ushitse mu bihe vyiza vyo mw\u2019ikarema, aho abakirisu bose bitegurira guhimbaza umunsi mukuru wa pasika, \u00ab Njeba \u00bb yahisemwo guhanura abo bigora gufatanya amasengesho n\u2019ibikorwa. Nishimwe mukundwa, Ndagukeje kuba warakiriye Rurema nk\u2019umwami n\u2019umukiza mu buzima bwawe kandi ndakwipfurije amahirwe mw\u2019ibanga wahisemwo. Ncuti nziza urazi ko jewe nawe twahora turi abagenzi bashika [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[384],"coauthors":[34],"class_list":["post-4923","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-opinions","tag-njebarikanuye"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4923","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4923"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4923\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4927,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4923\/revisions\/4927"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4923"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4923"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4923"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4923"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}