{"id":4914,"date":"2020-02-28T15:34:59","date_gmt":"2020-02-28T14:34:59","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4914"},"modified":"2020-05-09T14:23:22","modified_gmt":"2020-05-09T12:23:22","slug":"maconco-umukwe-umwami-mwezi-gisabo-kahise-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/maconco-umukwe-umwami-mwezi-gisabo-kahise-burundi\/","title":{"rendered":"Kahise : vyinshi mutazi kuri Maconco"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abarundi benshi bazi Maconco nk\u2019umumenja kuko bivugwa ko yivye imbwa y\u2019umwami. Emile Mworoha, umuhinga mu vy\u2019akahise,\u00a0yigana afatiye ku butohoji yagize ko Mwezi Gisabo ari we yagomwe imbwa ya Maconco, arayimutira hanyuma yanka kuyimusubiza ari na ho bahereye barabana iry\u2019ingwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Maconco yari umwe mu batware-bishikira b\u2019umwami Mwezi Gisabo. Agereranya, Emile mworoha amenyesha ko, uwo muhungu wa Kaganza wo mu muryango w\u2019abenengwe, yoba yavutse mu 1865. Yari umwishikira w\u2019i Muramvya ahitwa i Busimba hafi yo mu Bugarama, agatwara kandi ahitwa mu Nyankarange, i Mbo, ahegeranye no ku Muzinda. Kubw\u2019ubutwari, ubukerebutsi n\u2019ubuhizi ku rugamba, Maconco yahavuye ashimwa n\u2019umwami Mwezi Gisabo amugira umukwe wiwe amuha abakobwa 3 ari bo Mpangaje, Mugamba na Kwakwara. Kandi burya Maconco yari afise amazina yerekana ubutwari bwiwe. Bamutazira Rukobe rwa Gisabo aririra kurangwa, ntaririre kuramba. Ni Rumena zimijuka. Rukookera inkindi abasimba bakookeye amakete (inkindi\u00a0: insato z\u2019ingwe, amakete\u00a0: impuzu z\u2019ibiti).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intandaro\ny\u2019ukwankana yabaye imbwa Mushuzo&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Mworoha abivuga ngo mu gihe c\u2019umwami Mwezi Gisabo, uruhigi rwari\nrufise ikibanza gikomeye cane. Maconco akaba yari afise imbwa y\u2019umugina yakunda\nguhiga cane. Burya na Mwezi ngo yarakunda guhiga cane. Ni ho umwami yayigomwa\narayimutira, uwuri uwundi arayimuha. Maconco ntarindiriye amaso agahera mu\nkirere, yahavuye afatwa n\u2019agashavu, atangura kugenda riniga. Hama umunsi umwe Maconco\nyibutse imbwa yiwe yambuwe na sebukwe ku ruyeri, atwarwa n\u2019agashavu ahenuza\numugore wiwe yibungenze yitwa Mugamba (umukobwa w\u2019umwami), uno agwira inda aca arapfa\n(Yamusunuje agira ngo Genda hiyo so wawe yatwaye imbwa yanje). Urwo rupfu\nrw\u2019umwana w\u2019umwami ruca ruba intandaro y\u2019uguhigana bikomeye.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwami amaze kwumva inkuru y\u2019uko Maconco yishe umugore wiwe\u00a0amwita umumenja maze arungika ingabo ziwe (abadasigana) kumufata iyo yar\u2019ari ku ngoro iwe i Busimba. Ni ho Maconco yahungira mu Nyankarange ku rundi rugo rwiwe.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"xciXuGrIcc\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubuhinga-gukinda-imico-burundi\/\">\u00abGukinda birabaho kandi bisaba ubuhinga bukomeye\u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00abGukinda birabaho kandi bisaba ubuhinga bukomeye\u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubuhinga-gukinda-imico-burundi\/embed\/#?secret=aOdhtazcxg#?secret=xciXuGrIcc\" data-secret=\"xciXuGrIcc\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Maconco, Kirima n\u2019abadagi bagwaniriza hamwe Mwezi\nGisabo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo batari ku ntumbero imwe, uwo muhinga mu vy\u2019akahise, avuga ko bose\nbaciye bahuriza ku nama yo kugwanya Mwezi. N\u2019ubwo biri ukwo urwo rugamba ngo\nntirwaboroheye na mba kuko n\u2019abadasigana (ingabo za Mwezi) bari bakomeye\ncane.&nbsp; Umwami Mwezi amaze kubona urugamba\nrukamvye, yahavuye ahunga ava i Bukeye aca i Mbuye, i Kiganda n\u2019ahandi. Ageze i\nFota, ni ho yakaba impuzu yari yambaye n\u2019iza Bihome (umwe yambara iz\u2019uwundi yariyambaye).\nBahavuye bica uwo Bihome bazi ngo bishe umwami, Mwezi ahungira i Burunga.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamaze kubona basugerejwe, abaganwa ba Mwezi, Ntarugera, Rugema,\nKijogori, Nduwumwe n\u2019abandi bahanura umwami ko yokwemera ko batsinzwe. Von\nBeringe, umukuru w\u2019ingabo z\u2019abadagi, ni ko kubabwira ko bozana umwami kandi ata\nco bazomugira. Bamushikanye. Baciye bamwubakira inzu abamwo kuko izindi bari\nbarazituriye. Kw\u2019itariki 6 z\u2019ukwo kwezi nyene haciye hashirwa igikumu ku\nmasezerano y\u2019i Kiganda. Mwezi Gisabo yagumye ari umwami ariko mu bo yatwara\nMaconco na Kirima ntibarimwo nk\u2019uko amasezerano yabivuga. Maconco baciye bamuha\ngutwara Muramvya, asubira no ku cibare ciwe i Busimba aho yahora atwara, Kirima\nna we bamuha i Bukeye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Maconco yiba inkoho y\u2019abadagi bimukwegera urupfu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mworoha amenyesha ko uwatwara akarere ka Afirika y\u2019ubuseruko kari\nkiganziwe n\u2019ubudagi yari muri Tanzaniya atashimye na mba amasezerano yemejwe na\nVon Beringe, kubw\u2019itegeko rivuga ko hazoba abo umwami atagirako ububasha aca asubirizwa\nna Von Grawert abwirwa ko azoca asubiza ububasha umwami Mwezi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntibukeye kabiri, abasoda b\u2019abadagi barara kwa Maconco, aca abiba inkoho. Kwakwara, umugore wiwe ni ho yavyongorera se wiwe (Mwezi). Buno nyene, abadagi baciye baza kumufata, bamumanukana i Bujumbura hafi y\u2019aho benshi bazi uno munsi kw\u2019izina ryo kuri Grand Bureau.\u00a0 Emile Mworoha akamenyesha ko Maconco yapfuye \u00a0arashwe na Von Grawert, mu 1905.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abarundi benshi bazi Maconco nk\u2019umumenja kuko bivugwa ko yivye imbwa y\u2019umwami. Emile Mworoha, umuhinga mu vy\u2019akahise,\u00a0yigana afatiye ku butohoji yagize ko Mwezi Gisabo ari we yagomwe imbwa ya Maconco, arayimutira hanyuma yanka kuyimusubiza ari na ho bahereye barabana iry\u2019ingwe. Maconco yari umwe mu batware-bishikira b\u2019umwami Mwezi Gisabo. Agereranya, Emile mworoha amenyesha ko, uwo muhungu wa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4915,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[388,284],"coauthors":[231],"class_list":["post-4914","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-maconco","tag-mwezi-gisabo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4914","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4914"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4914\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4922,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4914\/revisions\/4922"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4915"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4914"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4914"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4914"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4914"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}