{"id":4906,"date":"2020-02-27T11:31:42","date_gmt":"2020-02-27T10:31:42","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4906"},"modified":"2020-05-09T14:23:33","modified_gmt":"2020-05-09T12:23:33","slug":"umukenyezi-yibungenze-yoba-yemerewe-kurangura-amabanga-yabubatse-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umukenyezi-yibungenze-yoba-yemerewe-kurangura-amabanga-yabubatse-burundi\/","title":{"rendered":"Umukenyezi yibungenze canke yibarutse, ni gushika ryari yemerewe kurangura amabanga y\u2019abubatse?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Iyo\numukenyezi yibungenze akaza arava amaraso mu gihe arangura amabanga y\u2019abubatse\nahanurwa guca abihagarika kugira imbanyi ntiveyo canke ngo yandure indwara zifatira\nmu bihimba vy\u2019irondoka nk\u2019ama <\/strong><strong>\u00ab<\/strong><strong>infections<\/strong><strong>\u00bb<\/strong><strong>. Na yo mu gihe yibarutse ngo abwirizwa kubanza kuruhuka\ngushika ku minsi 42 kugira abone kwongera guhindukirira umugabo. Ivyo\nbimenyeshwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n\u2019irondoka(Gyn\u00e9cologue).<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi haracari abagabo bapfa\nkurangura amabanga y\u2019abubatse iyo abagore babo bibungenze canke bibarutse\nbiturutse ku mico n\u2019imigenzo y\u2019abarundi ibahimiriza kuguma ku mugirwa wo\ngukurakuza (kurangura amabanga\ny\u2019abubatse mu gihe umukenyezi yibungenze) ngo ni ho umwana ari mu nda yokura canke uwo gukanda\numuvyeyi ngo bashaka ace akira ningonga iyo aheruka kwibaruka.<\/p>\n\n\n\n<p>B.S wo mu ntara ya Kirundo, afise\nabana batanu. ku bijanya n\u2019amabanga y\u2019abubatse avuga ko umugore wiwe haba mu\ngihe yibungenze canke yibarutse adashobora kumusinzirana, ngo akira gusa kuba\nyiyumva atuguvu tumushoboza gutera akabariro. Kwiyumvira ko yoba ahohotera\numugore wiwe ivyo ntubimubaze. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em> Jewe\nntaraba umugabo nibaza ko umugore afise imbanyi atawumwabira, ariko rwanje acibungenga\nabakurambere bambwiye ko hageze ko \u2018nkurakuza\u2019 kugira umwana ari mu nda akure\nneza. Iwanje, umwana wa mbere yavukiye i muhira. Abavyeyi bitereye mu myaka ni\nbo bamuvyaje. Bukeye abo bamwibarukije baciye bantegeka gutera akabariro ko\nkumukanda kugira akire vuba. Rero ivyo kurangura amabanga y\u2019abubatse biri mu\nmico yacu<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>Naho biri ukwo K.E w\u2019i Bubanza avuga\nko n\u2019ubwo ariko babitegekwa n\u2019imico, kurangura amabanga mpuza bitsina\nbacibaruka, baba bariko barafatwa ku nguvu. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Jewe iyo bishitse mba shaka gucungura aho ndara gusa\nnay\u2019ubundi mba ndiko ndakubagurwa<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abahinga mu\nvy\u2019irondoka bo babibona gute<\/strong><strong>?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Gilbert Nibitanga wo mu kigo Vyaruheke\nkiri mu Kamenge, avuga ko ari vyiza ko umugore yibungenze yabirwa kuva agisama\ngushika yibaruke ariko akabikorana ubwitonzi n\u2019ubuhinga butamubabaza ku nda.\nIvyo akaba abivuga asigura yuko atari ugukurakuza ahubwo ari kubera ko mu\nntanga (imbuto z\u2019umugabo) harimwo ivyo bita \u00abprostaglandines\u00bb zituma iyo\numukenyezi yegereje kwibaruka ubwinjiriro bw\u2019igitereko (Cole de l\u2019ut\u00e9rus)\ncoroha, ibise bikaza vyoroshe gutyo agashobora kwibaruka neza. Mu gihe umugore\nafise ikibazo naho co kuva amaraso mu gihe c\u2019imibonano uwo muganga avuga ko\nigitereko kiba kiri hafi. Ku bw\u2019ivyo icihutirwa ni uko yoca ayihagarika vuba na\nbwango kugira yirinde ko imbanyi ikoroka canke kwandura ama \u00abinfections\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku vyo benshi bita gukanda umuvyeyi, Muganga\nNibitanga avuga ko ari bibi kuko umuvyeyi aheza kwibaruka arushe. Agira ati: <em>\u00ab Acibaruka, igitereko kiba cuguruye,\nhavamwo amaraso kandi aba yakomeretse. Kuryamana na we rero kuba ari\nukumutoneka no kumukubagura. Mu buvuzi, tubaha imiti ibavura hama umugabo\ntukamubwira ko arindira umugore wiwe akaruhuka igihe kingana n\u2019amayinga 6 ni\nukuvuga iminsi 42\u00bb.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>Rero uwo muganga amenyesha ko abantu bohumuka bakavavanura n\u2019imico n\u2019imigenzo mwene iyo bakitura abaganga babinonosoye igihe cose bagize akababakira ku mabanga y\u2019abubatse. Akemeza neza ko mu buvuzi ata na hamwe vyemewe ko umukenyezi yabirwa acibaruka kuko kumujaniranya vyotuma yanduriramwo ama \u00abinfections\u00bb canke agatwarira inda mu kiriri bigatuma haboneka abana b\u2019intahekana.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iyo umukenyezi yibungenze akaza arava amaraso mu gihe arangura amabanga y\u2019abubatse ahanurwa guca abihagarika kugira imbanyi ntiveyo canke ngo yandure indwara zifatira mu bihimba vy\u2019irondoka nk\u2019ama \u00abinfections\u00bb. Na yo mu gihe yibarutse ngo abwirizwa kubanza kuruhuka gushika ku minsi 42 kugira abone kwongera guhindukirira umugabo. Ivyo bimenyeshwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n\u2019irondoka(Gyn\u00e9cologue). [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4907,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[262],"coauthors":[189],"class_list":["post-4906","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abagore"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4906","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4906"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4906\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4908,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4906\/revisions\/4908"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4907"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4906"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4906"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4906"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4906"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}