{"id":4899,"date":"2020-02-26T17:06:28","date_gmt":"2020-02-26T16:06:28","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4899"},"modified":"2020-02-26T17:17:03","modified_gmt":"2020-02-26T16:17:03","slug":"ivyamwa-vyoba-vyagenewe-abatunzi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ivyamwa-vyoba-vyagenewe-abatunzi\/","title":{"rendered":"Ivyamwa vyoba vyagenewe abatunzi?"},"content":{"rendered":"\n<p> <strong>Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n\u2019abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n\u2019abifise.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\n<em>Fungure\nn\u2019imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi!<\/em>\nIryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze\nkuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu\ngisagara ca Bujumbura ari vyinshi, ikiguzi cavyo kirerekana neza ko\nbidahangarwa n\u2019uwo ari we wese.<\/p>\n\n\n\n<p>\nAmatunda,\n\u2018ipasiteke\u2019, inazi, imihwi, amabungo, amavoka, ni vyo vyiganje\ncane mw\u2019isoko kwa Siyoni. Abaza gusuma ivyo vyamwa usanga ari bake\ncane. Abadandaza b\u2019ivyo vyamwa basa n\u2019abamaze kubimenyera. Nkuko\nvyemezwa n\u2019umwe mu badandaza  ipasiteke. Agira ati: <em>\u00ab\nAbaguzi, haza imparurwa\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p> Uyo mudadanza avuga ko badandaza ipasiteke zikomoka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Izo na zo zikaba zigurwa amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u2019ibihumbi 7000 n\u2019ibihumbi 10.000. Ico kiguzi mu vyukuri nta muguzi w\u2019amikoro make yogihangara. Uyo mudandaza agira ati:\u00ab<em>Abarimyi barima ipasiteke aha mu gihugu nta bwo bazironka buri gihe, ni yo mpamvu duhitamwo kuzironderera ahandi<\/em>\u00bb. Ipasiteke zirimwa ino, dushobora kuzigurisha amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u2019ibihumbi bitatu n\u2019ibihumbi bine.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"2HqsqLfLp8\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwihwezo-ku-mfungurwa-zigaburirwa-abantu-bari-hamwe\/\">Umwihwezo ku mfungurwa zigaburirwa abantu bari hamwe<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umwihwezo ku mfungurwa zigaburirwa abantu bari hamwe\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwihwezo-ku-mfungurwa-zigaburirwa-abantu-bari-hamwe\/embed\/#?secret=ZIZL3goqFM#?secret=2HqsqLfLp8\" data-secret=\"2HqsqLfLp8\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>\n<strong>Bigurwa\nn\u2019abifise<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nIzo\nmparurwa z\u2019abantu baza kutugurira ivyamwa, usanga abadandaza\nbaramaze kumenyana. Abo na bo babigura akenshi ni abafise inzu\nz\u2019uburiro, amahoteri(inzu z\u2019ingenzi), abanyamahanga, abarondera\nivyamwa vyo guha abarwayi canke abana babo. Hirya yaho, muri iyo soko\nnyene, hari umugore umwe yemeza ko ivyo bavuga ari vyo. Uyo mugore \navuga ko ivyamwa abigura abijana mu buriro bwiwe buri hagati mu\ngisagara ca Bujumbura. Akaba abikoramwo umutobe, uruvange rw\u2019ivyamwa\nn\u2019 ivyamwa abaguzi barenza kw\u2019imfungurwa iyo babishatse kuko biba\nbihari. Ntakangwa n\u2019igiciro c\u2019ivyamwa, agira ati:\u00ab <em>ukwo\nbigenda kwose ivyamwa bitegerezwa kudahara mu nzu y\u2019uburiro bwanje\nkuko birunguka\u00bb. <\/em>Hariumugore\nakomoka mu gihugu ca Congo ari mu kiruhuko c\u2019akazi, yariko aragura\nivyamwa ajana mu hira, we avuga ko i Burundi ivyamwa vyaho bizimbutse\ngusumba iwabo muri Congo.<\/p>\n\n\n\n<p> Kwerekana urutonde rw\u2019ivyamwa n\u2019ibiciro vyavyo mu bibanza bimwebimwe bisanzwe bidandarizwamwo aha mu gisagara ca Bujumbura biri mu bituma abahatumbera baba imparurwa.   Agatobe kavanze kandi koroshe usanga karonderwa n\u2019abakeneye ibinyobwa bigereranye kandi bidakaze. Imvange y\u2019ivyamwa bita \u00absaugrenus\u00bb igurwa amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u20196.000 n\u201910.000, si uwo ari we wese ayihangara.<\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Ivyamwa\nbibayabaye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nAbadandaza\nbatembereza ivyamwa mu mabarabara batuma n\u2019abatifise bashobora\ngufungura icamwa. Baguma bazunguruka mu makaratiye bakanashika no\nhagati mu gisagara ca Bujumbura bagenda bagurisha uduhiba tw\u2019inanasi\nbahimbaguye n\u2019imihwi bashobora gutanga umwumwe. Ikiguzi gishobora\nkuva kw\u2019100 gushika ku 200 y\u2019amafaranga y\u2019amarundi, mu gihe\nababicururiza mu mazu usanga batavyorosha kuko ivyamwa babigurisha ku\nkiro, atari ukwo, nturonka namba. Aho rero usanga ikiro c\u2019imihwi\nmitomito utegerezwa kuriha amafaranga y\u2019amarundi angana n\u20191500,\nhama ikiro c\u2019imihwi myizamyiza ukariha 3000.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n\u2019abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n\u2019abifise. Fungure n\u2019imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi! Iryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze kuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura ari vyinshi, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":4902,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,207],"tags":[23,385],"coauthors":[100],"class_list":["post-4899","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-ubutunzi","tag-bujumbura","tag-ivyamwa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4899","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4899"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4899\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4903,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4899\/revisions\/4903"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4902"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4899"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4899"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4899"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4899"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}