{"id":4882,"date":"2020-02-24T14:31:34","date_gmt":"2020-02-24T13:31:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4882"},"modified":"2020-05-09T14:22:24","modified_gmt":"2020-05-09T12:22:24","slug":"burundi-umunyeshure-kevin-niyonkuru-cibitoke-guhingura-ifu-ibijumbu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umunyeshure-kevin-niyonkuru-cibitoke-guhingura-ifu-ibijumbu\/","title":{"rendered":"Kevin, umunyeshure  abangikanya ishure no guhingura ifu y\u2019ibijumbu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu ntumbero yo guteza imbere igiterwa c\u2019ikijumbu mu gutanga isoko ku barimyi bahora barima bakabura aho bashorera, kwiha akazi no kugaha urundi rwaruka, Kevin Camus Niyonkuru yaratanguje umugambi wo guhingura ifu mu bijumbu ikorwamwo ubuyi, imikate, ibitumbura, ivyapati, ama-gateaux, n\u2019ibindi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019akamwemwe kenshi, amatu y\u2019ifu y\u2019ibijumbu\nmu minwe, Kevin Niyonkuru w\u2019imyaka 25 y\u2019amavuka arishimira igikorwa co\nguhingura ifu mu bijumbu yatanguje kandi akizera ko kizomushikana kure kuko avuga\nko atarota agihagarika. Uwo musore ni imvukira yo mu Ntara ya Cibitoke komine Buganda\nku mutumba wa Ruhagarika. Emwe, ngo inyigisho zitandukanye zijanye no kwihigira\nakazi yagiye arajamwo ni zo zatumye yiyumvira uwo mugambi.<\/p>\n\n\n\n<p>Umubajije igituma yahisemwo guhingura\nifu mu giterwa c\u2019ibijumbu agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Nimba ata\nvyo mwari muzi ikijumbu kirafasha kugabanya risques za Cancer. Rero burya, naho\nabarimyi babirima, abantu bamwebamwe baranka kurya ibijumbu ngo bitera\nikirungurira. Ivyo ni vyo vyatumye ngira iciyumviro co kubihingura kugira abo banka\nikirungurira bashobore kurya ikijumbu biciye mu mukate, igitumbura, ubuyi, n\u2019ibindi\nbidatera ikirungurira, na ya ma-risques de cancer agabanuke ndetse n\u2019ibindi\nvyiza biri mu kijumbu abantu bibashikeko<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Erega uwo\nmugambi wahavuye uja mungiro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Akabuwe n\u2019ukuntu yabona abarimyi\nbarima ibijumbu bakabura isoko kandi azi akamaro kavyo, mu ntango z\u2019ukwezi kwa\nnyakanga 2018, Kevin yahavuye arondera urundi rwaruka 16 bishira hamwe kugira\nbahe agaciro ikijumbu. Mu ntango z\u2019ukwezi kwa ntwarante 2019, ifu y\u2019ibijumbu\nbahinguye bari bamaze kuyishikana kw\u2019isoko. <\/p>\n\n\n\n<p>Intango yama igoye buri igihe. Kevin agira ati: <em>\u00ab\nTugitangura twabanje guhura n\u2019ikibazo co kubura umutahe hamwe n\u2019ubukene bw\u2019imashini\nzidufasha gushira mungiro uwo mugambi. Ariko kubera ko twari twavyiyemeje twarawutanguye\nmaze dutangura <\/em><em>twanikira ibijumbu ku zuba\ntutabona aho tuzokura imashine zo kubisya. Ariko ku bw\u2019amahirwe, twahavuye tubona\nkoperative ifise ibikoresho babuze ico babikoresha, baza kuturondera ngo\ndukorane, maze na twe duca turemera. Ubu ivyo bikoresho ni vyo dukoresha mu kurindira\nko turonka ivyacu<\/em><em>\u00bb<\/em><em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari n\u2019ivyo\nKevin asaba\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko umuntu agirwa n\u2019uwundi, Kevin\narasaba ko umuntu wese afise umutima wo gufasha ko yobaterera agacumu k\u2019ubumwe\nkugira bashobore gushitsa neza ihangiro bihaye, kuko kugeza ubu bafise\nubushobozi bwo guhingura ibiro 300 gusa ku kwezi. Akabona ko nk\u2019abobafashisha\nibikoresho vyo guhingura ibijumbu, kumenyekanisha ivyo bahingura,kubongerereza\numutahe ndetse n\u2019abobaha ibikoresho vyo mu biro ngo boba bafashije bikomeye.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo musore asanzwe ari n\u2019umunyeshure\nkuri ENS mu gisata ca Genie Electrique mu mwaka wa 3 aranasaba urundi rwaruka\nkutarera amaboko no kutagaya akazi bitwaza ko abandi bobatwenga. Mbere aranavunira\nakagohe urunganwe rwiwe ko rutorindira kubanza guheza kwiga kaminuza kugira\nrutanguze imigambi, ahubwo nyabuna ko botangura bagifise utuguvu kandi bakagira\numutima wo gukorera hamwe n\u2019abandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko Kevin Camus Niyonkuru amenyesha ko ifu bahingura igurwa amafaranga 2500 ku kiro, na yo uwutwara kuva ku biro 10 akayimuha ku 2000.<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ntumbero yo guteza imbere igiterwa c\u2019ikijumbu mu gutanga isoko ku barimyi bahora barima bakabura aho bashorera, kwiha akazi no kugaha urundi rwaruka, Kevin Camus Niyonkuru yaratanguje umugambi wo guhingura ifu mu bijumbu ikorwamwo ubuyi, imikate, ibitumbura, ivyapati, ama-gateaux, n\u2019ibindi. N\u2019akamwemwe kenshi, amatu y\u2019ifu y\u2019ibijumbu mu minwe, Kevin Niyonkuru w\u2019imyaka 25 y\u2019amavuka arishimira igikorwa co [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4883,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[171],"coauthors":[189],"class_list":["post-4882","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-cibitoke"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4882","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4882"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4882\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4890,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4882\/revisions\/4890"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4883"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4882"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4882"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4882"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4882"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}