{"id":4875,"date":"2020-02-20T11:34:39","date_gmt":"2020-02-20T10:34:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4875"},"modified":"2020-02-20T11:34:41","modified_gmt":"2020-02-20T10:34:41","slug":"ntiwokwicirwa-ninzara-mu-gisagara-ca-ngozi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ntiwokwicirwa-ninzara-mu-gisagara-ca-ngozi\/","title":{"rendered":"Ntiwokwicirwa n\u2019inzara mu gisagara ca Ngozi"},"content":{"rendered":"\n<p>\n<strong>Ngozi\nni igisagara ca gatatu mw\u2019iterambere aha mu Burundi inyuma\ny\u2019igisagara ca Bujumbura na Gitega. Abashaka gufungura ntibavunika\niyo bari mu gisagara ca Ngozi kuko inzu z\u2019uburiro, ubunywero,\namahoteri, biri hose muri ico gisagara kandi nka hose bateka ubwoko\nbwinshi bw\u2019imfungurwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nKu\nwa kane igenekerezo rya 4 ndamukiza igihe c\u2019isaha indwi n\u2019igice,\numugwi w\u2019abamenyeshamakuru b\u2019ikinyamakuru Jimbere ni ho twashika\nmu gisagara ca Ngozi. tuhashitse turabaza abari aho duti: \u00ab <em>Ni\nhehe twofungura hameze neza <\/em>\u00bb?\nNa bo bati: \u00ab<em>\nNi mwaba mushaka imfungurwa zimeze neza, nimuje kwa\u00abMama tantine\u00bb<\/em>.\nMbega ukuntu abo bahungu batwakiriye neza! Umwe muri abo bahungu aca\naratujana gushika ahari inzu y\u2019uburiro. Mu vyukuri, iyi nzu\ny\u2019uburiro yanditseko \u00abFildaus\u00bb iri hambavu y\u2019umusigiti nko ku\nmetero 50 uvuye kw\u2019isoko nkuru. Muri ubwo buriro, abantu baguma\nbasunikana kugira baronke aho bicara. \u00ab<em>\nNi mwinjire, haracariho ivyo gufungura: umuceri, ipilawu, ibiharage,\nubwishaza, ifiriti, ifi, ubutsima bw\u2019umwumbati, inyama ku\ngitunguru,kw\u2019isosi,&#8230;\u00bb <\/em>izo\nmfungurwa zose zadondagurwa n\u2019umukozi ahakora yitwa C\u00e9leste\nNganji.<\/p>\n\n\n\n<p> Ku mutaga, abafungura kwa \u00abMama tantine\u00bb bakunda gufungura ubugari bw\u2019umwumbati ku nyama n\u2019isosi. Shabani Mossi, akunda gufungura aho, agira ati: <em>\u00ab Bateka neza, barafise akabirya ugereranije n\u2019ubundi buriro buri hafi y\u2019aha. Aha, uraronka ico ushaka kandi ku mwanya uziyeko wose. Ni uburiro bw\u2019akarorero kandi banakira neza abantu\u00bb<\/em>. Twihweje ubwoko bw\u2019ifungurwa zitekwa aho, twasavye ibitandukanye, tugize turatamira: \u00ab <em>Yoo, mbega ukuntu biryoshe<\/em>\u00bb! Umengo ntiwohava.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"HtHa4sbbdC\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwimbu-agatasi-2019-2020-ubushikiranganji-uburimyi-ubworozi-ibidukikije-burundi\/\">Umwimbu w\u2019agatasi wa 2019-2020: \u00abIbintu vyifashe neza ariko ntakuryama umukondorazosi\u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umwimbu w\u2019agatasi wa 2019-2020: \u00abIbintu vyifashe neza ariko ntakuryama umukondorazosi\u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwimbu-agatasi-2019-2020-ubushikiranganji-uburimyi-ubworozi-ibidukikije-burundi\/embed\/#?secret=UqAw856gEE#?secret=HtHa4sbbdC\" data-secret=\"HtHa4sbbdC\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>\nBukeye\nbwaho, imbere yuko tuduga mu ntara ya Kirundo, twabanje guca kwa\n\u00abMama tantine\u00bb, ngo twihereze icayi, umukate canke umurete w\u2019amagi\nnkuko dusanzwe tubimenyereye mu buriro bumwebumwe bwo mu gisagara ca\nBujumbura, ariko siko twabisanze. Aho kuri \u00abFildaus\u00bb, no mu gatondo\nbatanga imfungurwa nk\u2019izo ku murango. Bamwe mu bahafungura\nbahitamwo gufungura: umuceri, ibiharage, imboga n\u2019inyama, abandi\nbagafungura igitoke gitetse hamwe n\u2019 \u2018amakaroni\u2019, abandi na bo\nbagafungura ibiharage n\u2019icapati. Fatouma Murekatete nyene ubwo\nburiro, amenyesha ati: \u00ab<em>Benshi\nmu bafungurira ngaha bakora ibikorwa biruhisha, ni yo mpamvu\nbahitamwo gufungura ibifungurwa bibafata mu nda\u00bb. <\/em>Gushika\nigihe c\u2019isaha z\u2019ine imfungurwa zo mu gatondo ziba zigitangwa.\nMurekatete yongerako ati: \u00ab<em>\nIziko riguma ryaka gushika ku mugoroba. Dushaka ko atawufungurira aha\nabura ico afungura kandi ku mwanya wose ashakiye\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Ivyamwa\nvyo gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nUcinjira\nFildaus, uhasanga ivyamwa vy\u2019ubwo butandukanye: imicungwa,\namatunda, \u2018ipasiteke\u2019,  imavoka, amabungo n\u2019imihwi ku bwinshi.\nAriko ivyamwa bafungura usanga bitandukanye bivanye n\u2019imfungurwa\nbafunguye. <em>\u00ab\nAbakunda ivoka baba bariko bafungura umuceri, abandi n\u2019ubwo atari\nbenshi basaba imvange y\u2019ivyamwa. Abenshi mu badushorera usanga bari\nmu myaka yitereye\u00bb, bivugwa <\/em>na\nNganji umwe mu bakozi bo ngaho.<\/p>\n\n\n\n<p> Nganji abona ko ivyamwa bidahurumbirwa cane. Agira ati:\u00ab <em>Bake ni bo basaba ivyamwa iyo baheje imfungurwa canke imbere yo gufungura. Bavugako ivyamwa ari ivy\u2019abana bagikura, kandi ko bibazimbira ubusa. Ariko barihenda. Jewe nibaza ko ivyamwa bifise akamaro kanini cane ku magara y\u2019umuntu gusumba mbere n\u2019inyama\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"uZfmJBPXMP\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gufungura-ingaburo-imitumba-burundi-giheta-muruta-kayanza-gitega\/\">Gufungura ingaburo yikwije birashoboka mu mitumba?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Gufungura ingaburo yikwije birashoboka mu mitumba?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gufungura-ingaburo-imitumba-burundi-giheta-muruta-kayanza-gitega\/embed\/#?secret=TTBUywNbfA#?secret=uZfmJBPXMP\" data-secret=\"uZfmJBPXMP\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ngozi ni igisagara ca gatatu mw\u2019iterambere aha mu Burundi inyuma y\u2019igisagara ca Bujumbura na Gitega. Abashaka gufungura ntibavunika iyo bari mu gisagara ca Ngozi kuko inzu z\u2019uburiro, ubunywero, amahoteri, biri hose muri ico gisagara kandi nka hose bateka ubwoko bwinshi bw\u2019imfungurwa. Ku wa kane igenekerezo rya 4 ndamukiza igihe c\u2019isaha indwi n\u2019igice, umugwi w\u2019abamenyeshamakuru b\u2019ikinyamakuru [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":20,"featured_media":4877,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[55],"coauthors":[113],"class_list":["post-4875","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ngozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4875","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/20"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4875"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4875\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4881,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4875\/revisions\/4881"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4877"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4875"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4875"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4875"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4875"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}