{"id":4872,"date":"2020-02-20T11:06:24","date_gmt":"2020-02-20T10:06:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4872"},"modified":"2020-05-09T14:22:14","modified_gmt":"2020-05-09T12:22:14","slug":"umwimbu-agatasi-2019-2020-ubushikiranganji-uburimyi-ubworozi-ibidukikije-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwimbu-agatasi-2019-2020-ubushikiranganji-uburimyi-ubworozi-ibidukikije-burundi\/","title":{"rendered":"Umwimbu w\u2019agatasi wa 2019-2020: \u00abIbintu vyifashe neza ariko ntakuryama umukondorazosi\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kiretse ibiterwa bimwe bimwe biri mu mugwi w\u2019ibinyamikerera nk\u2019ibiharage bisanzwe bitarinda amazi menshi, umwimbu w\u2019agatasi k\u2019umwaka wa 2019-2020 wagenze neza nk\u2019uko vyemezwa n\u2019ubushikiranganji bw\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije. Naho biri uko, bahanurwa kutawigina ngo bawusesagure&#8230; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo\nbushikiranganji bumenyesha ko umwimbu w\u2019agatasi wimbuwe ku rugero rwiza cane,\nnk\u2019uko bwavyiboneye ku rubuga, bigizwe ahanini n\u2019ibinyantete (ibigori, umuceri)\neka n\u2019ibishorera mu kuzimu (ibiraya, ibijumbu, imyumbati n\u2019ibindi).<\/p>\n\n\n\n<p>Ku\nbiharage ho, biturutse ku mvura nyinshi yagiye iragwa muri ico gihe c\u2019irima,\nngo abarimyi nta co bashoboye kuhanoba. Ariko ngo hari icizere c\u2019uko igihe\ngikurikira hazoba akarusho, nk\u2019uko umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema avyizigiza\nabarimyi yisunze ivyigwa vyakozwe n\u2019abahinga b\u2019ivy\u2019ihindagurika ry\u2019ikirere.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ariko rero\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo\nmushikiranganji ashikiriza ko bimaze kugaragara ko iyo umwimbu wabonetse abanyagihugu\nbawigina, maze bakawiyariramwo abatawugurishije bakawengamwo inzoga zitanemewe\nn\u2019amategeko nk\u2019umugorigori, umudiringi n\u2019izindi. Akabahamagarira kwikebuka\nbagaheba iyo ngendo.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari\nn\u2019abandi rero baba bakibona umwimbu wa mbere, bagaca batangura kuwushorera hanze\nmu bihugu bihana imbibe n\u2019Uburundi, biciye mu nzira zinyuranye n\u2019amategeko.\nAbo, bakagabishwa ndetse n\u2019ibihano bakazobihabwa baramutse bafashwe\nbabirenzeko.<\/p>\n\n\n\n<p>Abadandaza bikika mu kiza bakarangura umwimbu mu banyagihugu ku giciro kivuna ku kugira ngo bo bazoce babishorera hanze y\u2019igihugu biyegeranirize agafaranga gatubutse, ngo bagiye gukurikiranirwa hagufi uwufashwe ahanwe n\u2019amategeko kuko bisa n\u2019ugupfukama abarimyi mu nda.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"WnIwPqNjfh\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ubushikirangaji-uburimyi-agatasi-kirundo-kayanza-bujumbura\/\">Mu bushikiranganji bw&rsquo;uburimyi bati: \u00abumwimbu w&rsquo;agatasi uzoba mwiza cane\u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu bushikiranganji bw&rsquo;uburimyi bati: \u00abumwimbu w&rsquo;agatasi uzoba mwiza cane\u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ubushikirangaji-uburimyi-agatasi-kirundo-kayanza-bujumbura\/embed\/#?secret=QRyshoJDmU#?secret=WnIwPqNjfh\" data-secret=\"WnIwPqNjfh\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hari ivyo ubwo bushikiranganji\nbwirata<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuba\numwimbu wagenze neza muri rusangi, ntivyashitse ku gihamana. D\u00e9o Guide Rurema,\namenyesha ko ari ivyamwa vy\u2019ukuboko reta y\u2019Uburundi yashizemwo ibicishije mu\nbushikiranganji bw\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije mu kuronsa abanyagihugu\nifumbire, imbuto zirobanuye hamwe n\u2019imiti y\u2019ibiterwa ku giciro kitavuna.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikitokwibagirwa, ni uruhara rw\u2019abarimyi bo bakoranye umwete udasanzwe mu kurima bakurikije inyigisho z\u2019Ubushikiranganji biciye ku bahinga basanzwe babakurikirana, bagakingira isi ndimwa mu guca imikobeko nayo imisozi ihanamye bakayitera ko ubwatsi.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema agahamagarira abarimyi guhora barima bisunga impanuro bahabwa n\u2019ubushikiranganji arongoye. Umwimbu ubaye mwinshi cane na ho, reta y\u2019Uburundi ifise umugambi w\u2019uko izohora iwugura, hanyuma iwusubiza abanyagihugu batarinze kuvunika.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kiretse ibiterwa bimwe bimwe biri mu mugwi w\u2019ibinyamikerera nk\u2019ibiharage bisanzwe bitarinda amazi menshi, umwimbu w\u2019agatasi k\u2019umwaka wa 2019-2020 wagenze neza nk\u2019uko vyemezwa n\u2019ubushikiranganji bw\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije. Naho biri uko, bahanurwa kutawigina ngo bawusesagure&#8230; Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko umwimbu w\u2019agatasi wimbuwe ku rugero rwiza cane, nk\u2019uko bwavyiboneye ku rubuga, bigizwe ahanini n\u2019ibinyantete (ibigori, umuceri) eka n\u2019ibishorera [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4873,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[244],"coauthors":[231],"class_list":["post-4872","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-umwimbu"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4872","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4872"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4872\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4878,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4872\/revisions\/4878"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4873"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4872"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4872"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4872"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4872"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}