{"id":4857,"date":"2020-02-18T15:56:47","date_gmt":"2020-02-18T14:56:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4857"},"modified":"2020-05-09T14:20:05","modified_gmt":"2020-05-09T12:20:05","slug":"gufungura-ingaburo-imitumba-burundi-giheta-muruta-kayanza-gitega","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gufungura-ingaburo-imitumba-burundi-giheta-muruta-kayanza-gitega\/","title":{"rendered":"Gufungura ingaburo yikwije birashoboka mu mitumba?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Imfungurwa z\u2019umurundi wo hasi, wo mu mitumba ya kure nka za Muruta, Bugabira, Cankuzo canke Giheta zitandukaniye ku tuntu duto. Bakunda gufungura ivyo birimira, kandi kuri bo, igikuru nuko bironkera ico barya, ibijanye n\u2019akamaro k\u2019imfungurwa, ntubabaze.  Ibi biri mu matohoza twakoze i Muruta mu ntara ya Kayanza no mu Giheta mu ntara ya Gitega.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kayanza,\nintara izwi cane ko ibamwo abantu benshi kandi baguma biyongera uko\nbukeye n\u2019uko bwije. Muruta ni imwe mu makomine agize iyo ntara, na\nyo ikaba irimwo ibiterwa bitari bike bitandukanye, ariko bitewe mu\nmirima ubona ko iriko iratituka. Abamenyeshamakuru b\u2019ikinyamakuru\nJimbere barishikiye muri komine Muruta bagiye kuganira n\u2019abenegihugu\nibijanye n\u2019ivyo bafungura. Tuhashitse, D\u2019Arie Ndarugirire\numukamakare w\u2019imyaka 60 yatwakiranye urweze ku muhana iwe. Aca\nategura imfungurwa. Ni ho yagira ati: \u00ab<em>\nMushitse hageze. Mu minota mike ndabafungurira\u00bb<\/em>.\nYakora ibikorwa vyinshi mu mwanya muto. Mu rugo iwe, hari abana\nbenshi, kandi avuga ko ari abiwiwe. Agira ati: \u00ab <em>Ni\nabuzukuru banje. Ndabafise ari 30. Harimwo rero abibera iwanje\u00bb, <\/em>aca\naratwenga<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Samunani zuzuye neza, imfungurwa zari zihiye. Abana ni bo batangura gufungura imbere y\u2019abandi. Yabagaburiye ibijumbu bihakwa kwuzura isani, harimwo n\u2019ibiharage n\u2019imboga z\u2019amashu. Abana bari  buzuye akayabagu, mu vyukuri batebejwe n\u2019ugukaraba gusa. Mu minota ibiri gusa, isahani yari isigaye yera, kandi ntibahaze. Wa mutamakazi aca abasohokanira amazi ababwira ati: \u00ab <em>Ni mwakire amazi na yo musozeko\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ahejeje kugaburira abana, uyo mukamakare yatubwiye ko, afise umwitwarariko wo kugaburira umuryango wiwe hamwe n\u2019abandi babayeho nabi bo mu kibano, ariko asanga uburyo afise butabimworohereza neza. Agira ati: <em>\u00ab Ibijumbu ni vyo nirimira. Ibiharage nta vyo nsigaranye. Ivyo nari narasumye vyaraheze, kandi ntegerezwa gusuma ibindi ku mafaranga y\u2019amarundi angana n\u20191300 ku kiro. Imboga ndaziterera mu karima k\u2019igikoni, ntizigera zibura. Nipfuza kuza ndahindura ingaburo ariko uburyo ntibubinyemerera. Ariko n\u2019ubwo biri uko, ndagerageza kuburyo hatigera haburako utuboga. Nibazako na vyo ari vyiza gusumba\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"WSU9C575AE\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/dufatire-ku-vyo-abarundi-bafungura\/\">Dufatire ku vyo abarundi bafungura<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Dufatire ku vyo abarundi bafungura\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/dufatire-ku-vyo-abarundi-bafungura\/embed\/#?secret=GjMagivSas#?secret=WSU9C575AE\" data-secret=\"WSU9C575AE\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab\u00a0Dufungura ibibonetse\u00a0\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muhira\nkwa D\u2019Arie, icayi co mugatondo ntikiboneka buri gihe. Agira ati:<em>\n\u00ab Hari igihe nteka icayi co mugatondo dukoza ibijumbu, ariko\nsikenshi. Tumenyereye gufungura kabiri ku munsi, ku murango no\nmw\u2019ijoro\u00bb. <\/em>Kuri\nwe, icayi co mu gatondo si co cihutirwa muri iki gihe. Agira ati: \u00ab\n<em>Ibihe\nvyarahindutse. Ubu umuntu arwana n\u2019uko yofungura kabiri biba\nbikwiye, kandi ababishikakako ni abatunzi. <\/em>D\u2019Arie,\nntakenye cane. Ararima kijambere, kandi aho aba, hari umurima\nw\u2019ibitoke, ibiharage, imyumbati n\u2019uw\u2019ibijumbu. Ariko n\u2019ubwo\narima ubwoko butandukanye bw\u2019ibiterwa, nta bwo vyerera mu gihe\nkimwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati: <em>\u00ab Ubu, dufungura ibijumbu kuko ni vyo vyeze. Ibitoke na vyo, ndavyengamwo inzoga kugira ndonke amahera yo kugura akunyu, utuvuta n\u2019agafu k\u2019ibigori.  Rero, ku mutaga dufungura ibijumbu n\u2019ibiharage, mw\u2019ijoro tugafungura ubugari bw\u2019ibigori n\u2019utuboga\u00a0\u00bb. <\/em> <br>Avuga ko gufungura ingaburo yikwije canke guhindagura imfungurwa, kuri we bisa nk\u2019ibikigoye. <\/p>\n\n\n\n<p>Lazare Nzojiyobiri umwirimizi wo mu Giheta ku mutumba Nyamugari, na we nyene abayeho mu buzima bumeze kimwe n\u2019ubwo kwa D\u2019Arie. Nzojiyobiri, arubatse kandi avyaye kane. Avuga ko akora ibishoboka vyose, kugira umuryango wiwe uronke ingaburo yikwije.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bihinduka ku minsi mikuru<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>I muhira iwe, bakunda gufungura imyumbati, ubutsima bw\u2019imyumbati canke bw\u2019ibigori, ibijumbu, isombe, n\u2019izindi mboga. Mu vyukuri, igihe twamugendera ku muhana iwe, twasanze bagire baheze gufungura ibiharage n\u2019intete z\u2019ibigori zigeretsweko imboga. Izo mfungurwa ziheze, baciye bazana imyumbati ihoze yo guhekenya. Mathilde nyina w\u2019abana, yatwakiranye akanyamuneza agira ati: \u00ab <em>Ni mushike yemwe. Imyumbati ihoze mwohekenya ni yo dusigaranye. Ni mwumvirize ku vyo twirimira ino iwacu mu Giheta\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"gBJlVjS6La\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-ingwara-gufungura-nabi-burundi\/\">Mu Burundi, ibitigiri vy\u2019abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c\u2019imyaka 9<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Burundi, ibitigiri vy\u2019abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c\u2019imyaka 9\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-ingwara-gufungura-nabi-burundi\/embed\/#?secret=7lVs7HQYBy#?secret=gBJlVjS6La\" data-secret=\"gBJlVjS6La\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Yaboneyeho akaryo keza ko kutwiganira neza ivyo bafungura. Agira ati: <em>\u00ab Izo ntete z\u2019ibigori mwabonye dufungura, burya twazisaruye mw\u2019iyimbura riheze. Turiko turazimara mu bubiko. Nari narimbuye imyumbati, ibijumbu n\u2019ibiharage, ubu rero twikora ku mboga z\u2019amashu n\u2019irengarenga ziri mu karima k\u2019igikoni. Ni vyo duca tuba turafungura mu kurindira ko ibindi vyera. Aha ntidufungura ivyo dushaka, ahubwo dufungura ivyo twejeje. Umuntu aguma agwanagwana kugira ntabure amavuta n\u2019umunyu vyo kurunga imfungurwa, nta kindi \u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019ivyamwa bafungura, Lazare agira ati: <em>\u00abAbana bakunda gufungura amavoka iyo ahari, kandi yo aranadandazwa cane kw\u2019isoko\u00bb. <\/em>Imihwi na yo gute? Lazare avuga ashize amanga ati: \u00ab <em>None irya twengamwo inzoga si imihwi? Bayirya iyo tugira twenge inzoga\u00bb<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019imfungurwa bafungura mu bihe vy\u2019iminsi mikuru, Lazare  avuga ko bahindura ivyo bahora bafungura. Agira ati: <em>\u00ab Namwe murabizi ko utogaburira umwana ibijumbu ku Noheri, utegerezwa kubatera iteka na bo bakarya umuceri n\u2019akanyama, canecane ak\u2019ingurube. Ni ukwinezereza. Kubera ko iminsi mikuru ari imbarwa mu mwaka, umuntu aba arayitegurira imbere y\u2019igihe\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"dxDTKKjGvN\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kirundo-umugambi-nawe-nuze-care-burundi\/\">\u00ab Nawe Nuze \u00bb: kuva 2016, abakenyezi ibihumbi 46 baramaze gufashwa na Care International Burundi mu ntara ya Kirundo<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00ab Nawe Nuze \u00bb: kuva 2016, abakenyezi ibihumbi 46 baramaze gufashwa na Care International Burundi mu ntara ya Kirundo\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kirundo-umugambi-nawe-nuze-care-burundi\/embed\/#?secret=VDAa2grDq4#?secret=dxDTKKjGvN\" data-secret=\"dxDTKKjGvN\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Imfungurwa z\u2019umurundi wo hasi, wo mu mitumba ya kure nka za Muruta, Bugabira, Cankuzo canke Giheta zitandukaniye ku tuntu duto. Bakunda gufungura ivyo birimira, kandi kuri bo, igikuru nuko bironkera ico barya, ibijanye n\u2019akamaro k\u2019imfungurwa, ntubabaze. Ibi biri mu matohoza twakoze i Muruta mu ntara ya Kayanza no mu Giheta mu ntara ya Gitega. Kayanza, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":20,"featured_media":4858,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[],"coauthors":[113],"class_list":["post-4857","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4857","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/20"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4857"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4857\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4860,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4857\/revisions\/4860"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4858"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4857"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4857"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4857"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4857"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}