{"id":4846,"date":"2020-02-13T08:44:09","date_gmt":"2020-02-13T07:44:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4846"},"modified":"2020-05-09T14:19:53","modified_gmt":"2020-05-09T12:19:53","slug":"gushushanya-ivyamwa-inyama-impapuro-amasashe-ingabirano-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gushushanya-ivyamwa-inyama-impapuro-amasashe-ingabirano-burundi\/","title":{"rendered":"Ashushanya inyama n\u2019ivyamwa bikozwe mu masashe n\u2019impapuro. Birasize ubwenge"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Urumva nyene, ni za nyama, za papayi, ya mavoka, na wa mukeke muzi. Dani-Kasembe, umuhinga-munyamyuga&nbsp; wo mu ntara ya Rumonge abishushanya mw\u2019ibumba akura mu nkaratasi, nabo abanyamero babirabukwa aho biteretse mw\u2019isahani bakamucunga ku kigohe mbere bamwe n\u2019iryinyo bagashinga ko, bagatangazwa n\u2019uko basanze ari ibuye ryibereye aho&rsquo;o.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yemwe ngo iyarara ni ryo rimwihera.\nDani avuga Ko abamubona kenshi ariko aratoratora amasashe n&rsquo;ibipapuro bataye,\nhaba mw&rsquo;ikuburiro canke mu tuguriro, bamutunga intoke babwirana ngo urya ni\numusazi, mbere bamwe akumva bavugana ngo karabaye. Ico akora ngo abima amatwi\nagashishikara kuko aba azi Ko birimwo ubuhiye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Vyatanguye nk\u2019inzozi&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dani kasembe agira ati:\u00ab<em>Mu mwaka wa 2011, ni ho narota ndiko ndakora inyama n&rsquo;ivyamwa mu masashe. Kuko narinsanzwe nzi ubuhinga bwo gushushanya ibintu ndabicishije mu nyandiko, maze kwikangura, nibwira nti karubutse, umwuga wa kabiri uravutse kuko vyose biza mu kurota. Ni ho natangura kubishira mu ngiro, mu nyuma ndateba nja hamwe n&rsquo;abandi tugira ishirahamwe bita \u00abArt in Africa \u00bb kugira ngo dushobore gukora vyinshi bishoboka<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<blockquote class=\"twitter-tweet\"><p dir=\"ltr\" lang=\"in\">???? Kuva kuri uyu wa 11\/02 gushika ku wa 14 ruhuhuma, hariko haraba ihayanisha-gurisha kuri Palais des arts, mu gisagara ca <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Bujumbura?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Bujumbura<\/a>. Abahinga banyamyuga batandukanye bo mu <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> barahazanye ivyo bahinguye <br>\u25b6 <a href=\"https:\/\/t.co\/pL964Ut5zi\">https:\/\/t.co\/pL964Ut5zi<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/artwork?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#artwork<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/talents?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#talents<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/4diMGkM3qk\">pic.twitter.com\/4diMGkM3qk<\/a><\/p>\u2014 Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1227525077631197184?ref_src=twsrc%5Etfw\">February 12, 2020<\/a><\/blockquote> <script src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\"><\/script>\n\n\n\n<p><strong>Uko babibumba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Dani\u2013Kasembe abimenyesha, inyuma yo kwegeranya impapuro n\u2019ibikaratokarato barabibombeka bakabimaza nk\u2019indwi 2 canke zirenga gato bariko barondera ico bo bita \u00abibumba\u00bb. Ivyo birangiye, baraheza bagasekura rya bumba, bugingo&nbsp; rinoze bakarondera \u00abcolle\u00bb ikora nk\u2019ishashara mu kumatanya uduce tumwetumwe tw\u2019ivyo yipfuza guhingura, bagakora amagufa, bakayateranya hanyuma bagatanga ishusho y\u2019ikintu. Ivyo birangiye, baraheza bakavyanikira, hakaba intambuko yo kubikuyengeza(kubiseena), bakabisiga irangi bagaheza bakiga ingene hoboneka isoko yavyo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intambamyi..<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo Dani-kasembe akunda gukora\nibintu vy&rsquo;ubuhinga busamaza ndetse bugatangaza benshi, avuga ko abura abamufata\nmu mugongo ngo bamufashe kubishira ahabona ibikorwa vyiwe kugira ngo ashobora\nkubishora no hanze y&rsquo;igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Dani-kasembe amenyesha kandi Ko\nbenshi mu barundi bataramenya agaciro k&rsquo;ibikorwa vy&rsquo;abanyamyuga. Agira ati: \u00ab<em>Ni koko hari abaza\nbakavyihweza bikabashimisha&nbsp; ariko hageze\nkukigura akaguha amahera adashoboka kandi hari aho usanga bitahuritse bivanye\nn\u2019uburyo bw\u2019abanyagihugu batobato<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo Dani agasaba ko hoba amashirahamwe ashigikira abanyamyuga b&rsquo;i Burundi kugira ngo impano zabo zishike kure hashoboka kandi zambaye akaranga k&rsquo;abahinga-banyamyuga b&rsquo;i Burundi eka n\u2019igihugu kivugangwe kubw\u2019akaranga k\u2019ibikorwa vy\u2019amaboko vy\u2019abarundi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Urumva nyene, ni za nyama, za papayi, ya mavoka, na wa mukeke muzi. Dani-Kasembe, umuhinga-munyamyuga&nbsp; wo mu ntara ya Rumonge abishushanya mw\u2019ibumba akura mu nkaratasi, nabo abanyamero babirabukwa aho biteretse mw\u2019isahani bakamucunga ku kigohe mbere bamwe n\u2019iryinyo bagashinga ko, bagatangazwa n\u2019uko basanze ari ibuye ryibereye aho&rsquo;o. Yemwe ngo iyarara ni ryo rimwihera. Dani avuga Ko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4847,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209],"tags":[46],"coauthors":[231],"class_list":["post-4846","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga","tag-rumonge"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4846","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4846"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4846\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4851,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4846\/revisions\/4851"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4847"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4846"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4846"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4846"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4846"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}