{"id":4842,"date":"2020-02-12T10:01:40","date_gmt":"2020-02-12T09:01:40","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4842"},"modified":"2020-05-09T14:19:46","modified_gmt":"2020-05-09T12:19:46","slug":"bujumbura-abanyamyuga-barahayanisha-ibikorwa-vyabo-akaranga-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-abanyamyuga-barahayanisha-ibikorwa-vyabo-akaranga-burundi\/","title":{"rendered":"Bujumbura: abanyamyuga barahayanisha ibikorwa vyabo"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uwu wa 11 ruhuhuma, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw\u2019imico kama, akaranga n\u2019inkino Hakizimana Godefride yuguruye icese ibikorwa vy\u2019ihayanisha-gurisha ry\u2019ivyahinguwe n\u2019abahinga banyamyuga bo mu ntara z\u2019uburaruko, ubumanuko n\u2019uburengero. Ico gikorwa kikaba cabereye kuri Palais des Arts mu gisagara ca Bujumbura. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ntawokwiyibagiza ko uruhara rw\u2019abahinga ari ntangere mu buzima bw\u2019igihugu n\u2019abanyagihugu kuko ivyo bahingura usanga biriko birakoreshwa haba mu kwikenura, kwishariza, gushariza aho abantu babaye n\u2019aho \u00a0barangurira imirimo ya minsi yose. Nico gituma ubushikiranganji bw\u2019imico kama, akaranga n\u2019inkino bwafashe umugambi wo kuza burahuza abanyamyuga kugira baronke akaryo ko kwerekana ubuhinga bwabo, bungurane ubwenge,uwufise ico arusha mugenzi we akimwereke kandi bashobore no kugurisha ivyo bahinguye maze banikenure mu vyo bakeneye mu buzima bwabo bwa minsi yose.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ngo\nhari n\u2019ibitegekanijwe gukorwa muri ico gisata&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hakizimana Godefride avuga ko bagiye\nkwicarira ibibazo bijanye n\u2019imyuga ndangakaranga, bamirire kure abigana n\u2019abiyitirira\nubuhinga bw\u2019abanyamyuga b\u2019abarundi. Ngo hazoshirwa imbere kandi ugukingira ivyo\nbahingura mu kubibika neza, hashirweho amategeko gutyo boroherwe mu mwuga wabo\nbongere baronke uturusho.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo munyamabanga abandanya avuga kandi\nko bazokwugurura amasoko ateza imbere ico gisata haba mu Burundi canke mu\nmakungu kugira abo banyabuhinga baronke akaryo ko kumenyekanisha Uburundi\nbiciye mu vyo bakora bongere biteze imbere ku bijanye n\u2019uburyo bwo kubaho mu\nmiryango yabo. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hoba hari\nakarusho abanyamyuga babibonamwo?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Manirambona Alexis&nbsp; ni umwe mu bari bitabiriye ico gikorwa co\nkwerekana ubuhinga bafise. Nk\u2019umuhinga mu gushushanya, avuga ko usivye ko ivyo\nacapa bimwinjiriza amahera yo kwiyungunganya mu muryango, ngo biranerekana\nakaranga k\u2019igihugu, ubuzima abantu babayemwo, kandi ngo birerekana ubushobozi\nbw\u2019ukwiyumvira abo banyamwuga bafise.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Kubwimana Esp\u00e9rance yihweje ibintu n\u2019ibindi bikorwa n\u2019abanyabuhinga, yagize ati<em>:\u00ab Mu vy\u2019ukuri abarundi turafise impano tukabura aho tuyigaragariza. Birateye igomwe kubona ushobora kubona ingene umuntu yiyumvira atavuze ahubwo uvyirabiye mu co yahinguye\u00bb.<\/em> Nk\u2019uwarariko araratira ijisho ntiyanatanzwe no kwigurira tumwe mu dusharizo azomanika mu nzu.<\/p>\n\n\n\n<p>Hakizimana Godefride ahamagarira rero abanyabuhinga gukura amaboko mu mpuzu, bakagira umwete wo gukomeza ibikorwa batibagiye kuja mu mashirahamwe n\u2019amakoperative gutyo bakorere mu migwi kugira bungurane ubumenyi nakare bagira ngo \u00abImitwe ikora ikoranye\u00bb. Yanagiriye ko anamenyesha ko ico gikorwa catangujwe icese \u00a0kuva kuri uwu wa 11 ruhuhuma kizomara imisi 3, abahinga banonosoye ivy\u2019ubuhinga bazoba bariko baragendera abo banyamyuga baraba abarusha abandi babaha ubushimwe ariko ngo n\u2019abatazoba mu ba mbere bozoronka uturusho kuko na bo bari mu bakoze.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uwu wa 11 ruhuhuma, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw\u2019imico kama, akaranga n\u2019inkino Hakizimana Godefride yuguruye icese ibikorwa vy\u2019ihayanisha-gurisha ry\u2019ivyahinguwe n\u2019abahinga banyamyuga bo mu ntara z\u2019uburaruko, ubumanuko n\u2019uburengero. Ico gikorwa kikaba cabereye kuri Palais des Arts mu gisagara ca Bujumbura. Ntawokwiyibagiza ko uruhara rw\u2019abahinga ari ntangere mu buzima bw\u2019igihugu n\u2019abanyagihugu kuko ivyo bahingura usanga biriko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4843,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209],"tags":[],"coauthors":[189],"class_list":["post-4842","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4842","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4842"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4842\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4845,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4842\/revisions\/4845"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4843"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4842"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4842"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4842"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4842"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}