{"id":4829,"date":"2020-02-08T12:40:06","date_gmt":"2020-02-08T11:40:06","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4829"},"modified":"2020-05-09T14:19:25","modified_gmt":"2020-05-09T12:19:25","slug":"njebarikanuye-akaranga-indimi-burundi-kumenyesha-amakuru","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/njebarikanuye-akaranga-indimi-burundi-kumenyesha-amakuru\/","title":{"rendered":"Njebarikanuye : \u00ab Izo ndimi zitaratorerwa amazina ni muzigeze aho ! \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mw\u2019ikete rya kabiri, Njebarikanuye yaramutse yidodombera \u00ab itituka \u00bb ry\u2019ururimi rw\u2019ikirundi mu mvugo canke mu nyandiko, na cane cane mu bimenyeshamakuru.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Majambere, mwananje\nnkunda cane,<\/p>\n\n\n\n<p>Mbanje kukuramutsa ndakwipfuriza kurambira mu kazi ko kumenyesha amakuru numvise usigaye ukora. Uzokaronkere mwo ivyiza wipfuza, kandi niwigenza runtu nta nkeka uzobishikako. <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"r5b8y8hFuf\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-urusimbi-ubunyonyezi-burundi-banyagisagara-be-maso\/\">Banyagisagara, be maso !<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Banyagisagara, be maso !\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-urusimbi-ubunyonyezi-burundi-banyagisagara-be-maso\/embed\/#?secret=J7Prp1gjmz#?secret=r5b8y8hFuf\" data-secret=\"r5b8y8hFuf\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Kibondo canje,\nurazi ingene nakureze. Wakuriye mu ndero y\u2019ikirundi kandi ikirundi ni rwo\nrurimi rwaduhuza. Ego ni ko, narakujanye kw\u2019ishure kugira ntidusigare inyuma\ny\u2019amajambere kandi sinkekeranya ko wahigiye vyinshi n\u2019indimi mva mahanga ziri mwo.\nUbu rero kari akaryo keza ko gushobora kuyagira abantu bose, umwe wese mu\nrurimi atahura neza. Ariko ivyo nsigaye numva uvuga, ni agahomerabunwa! <\/p>\n\n\n\n<p>Ni ukuri kwose mwananje, ndagusavye wikebuke amazi atararenga inkombe. Reka kwica indimi. Geza aho reka gukoresha indimi zitaratorerwa amazina ngo muri mu gihe c\u2019amajambere. Mpora niyegereza akaradiyo muri kirya kiganiro ukunda kuremesha. Ni ukuri kwose ndamaramara nkabura iyo ndagikwirwa iyo numva ingene uriko urica ikirundi kandi ari co karanga karanga abarundi. Mwananje, ko numvise utavuga ikirundi, ntuvuge igifaransa, icongereza canke igiswahili, zose ucangatiranya, ubwo uramenya abo ubwira ? <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"Q6qVIQhPKl\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/igitabu-imigani-imyibutsa-imico-burundi\/\">\u00ab Ijambo ryubaka \u00bb: igitabu gishasha ca Z\u00e9non Manirakiza kiri mwo imigani 7 n\u2019imyibutsa 300 mishasha<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00ab Ijambo ryubaka \u00bb: igitabu gishasha ca Z\u00e9non Manirakiza kiri mwo imigani 7 n\u2019imyibutsa 300 mishasha\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/igitabu-imigani-imyibutsa-imico-burundi\/embed\/#?secret=RNDMwvclwe#?secret=Q6qVIQhPKl\" data-secret=\"Q6qVIQhPKl\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Ehe, ejo bundi, naje mu gisagara ca Bujumbura nje gushigikira umushingantahe Z\u00e9non Manirakiza aho yar\u2019ariko arashira ahabona igitabo ciwe gishasha \u00abIjambo ryubaka\u00bb, mu muduga narimwo nagiye numva umwe mu rwaruka rwariko rurinjira rwinamura ngo: \u00ab<em> Sogeya hiyo vieux uno mubebi tujane <\/em>\u00bb<em>.<\/em> Bugingo umuduga ugiye numva uwundi ngo: \u00ab<em> Braza, stop! Harasigaye bengine ba sto bawili dehors acha ba entrer kwanza <\/em>\u00bb<em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ni ibara. Ikirundi muriko muracica. Uzi ko n\u2019umushingantahe Z\u00e9non mu gihe yariko aravuga ibijanye n\u2019igitabu ciwe canditswe mu Kirundi gusa, yateye ivyatsi abantu mutitura urwo rurimi ? Yagize ati: \u00ab<em> Birababaje! Ni gake umuntu yize n\u2019aho yoba atahejeje ishure yovuga canke yokwandika ikirundi kirunzwe amayagwa ayaga ico abarundi bagona adasobetsemwo amajambo y\u2019izindi ndimi no mu gihe yoba ariko avugana n\u2019uwuzi ikirundi gusa <\/em>\u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p>Mwananje, ehe sha ndaguhanure. Niwige kubungabunga ururimi kavukire. Ntumere nka ba bandi bavuga ngo<em>: \u00abIkirundi conyene kiragoye kuvuga\u00bb<\/em>, canke ngo:<em> \u00abikirundi kirakenye\u00bb<\/em>. Ndibuka hari ikinyamakuru nasomye, aho umwigisha wo muri kaminuza y\u2019uburundi D\u00e9nis Bukuru ku munsi wahariwe ururimi kavukire yavuga ko abantu benshi bica ikirundi bitwaje ngo kirakenye. Ariko yarabibeshuje aho yagira ati: \u00ab<em>Haba na mba, ikirundi si ururimi rukenye! Ahubwo nyabuna ukutitaho kumenya ivya kera ngo tubivuge mu kirundi no kutamenya ivy\u2019ubu mu Kirundi ni vyo vyonona ururimi.Erega abakiri bato bica urwo rurimi babikura ku bakuze, mu nsamirizi, mu binyamakuru,n\u2019ahandi <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"W2gKywlzQz\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikirundi-ururimi-burundi-cebulac-kaminuza\/\">Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba \u2026<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba \u2026\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikirundi-ururimi-burundi-cebulac-kaminuza\/embed\/#?secret=CVSHpz2pXW#?secret=W2gKywlzQz\" data-secret=\"W2gKywlzQz\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Rero Majambere\nmwananje, mu kurangiza, ndagusavye guhera ubu, wige guhitamwo ururimi rumwe\nushaka gucishamwo inkuru ni ho n\u2019ivyo uzoshikiriza bizogira akanovera gutyo\nabakwumviriza canke abasoma ivyo wandika bazogutahura neza wongere ubabere\nicitegererezo kandi n\u2019ururimi rugume rukingiwe. \u00ab Mbwire gito canje, gito\nc\u2019uwundi cumvireho \u00bb!<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Njebarikanuye<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mw\u2019ikete rya kabiri, Njebarikanuye yaramutse yidodombera \u00ab itituka \u00bb ry\u2019ururimi rw\u2019ikirundi mu mvugo canke mu nyandiko, na cane cane mu bimenyeshamakuru. Majambere, mwananje nkunda cane, Mbanje kukuramutsa ndakwipfuriza kurambira mu kazi ko kumenyesha amakuru numvise usigaye ukora. Uzokaronkere mwo ivyiza wipfuza, kandi niwigenza runtu nta nkeka uzobishikako. Kibondo canje, urazi ingene nakureze. Wakuriye mu ndero [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4830,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[229],"coauthors":[34],"class_list":["post-4829","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-indimi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4829","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4829"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4829\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4833,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4829\/revisions\/4833"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4830"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4829"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4829"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4829"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4829"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}