{"id":4816,"date":"2020-02-06T14:00:41","date_gmt":"2020-02-06T13:00:41","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4816"},"modified":"2020-05-09T14:18:57","modified_gmt":"2020-05-09T12:18:57","slug":"buterere-abatwa-imyuga-iterambere-assejeba-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/buterere-abatwa-imyuga-iterambere-assejeba-burundi\/","title":{"rendered":"Buterere: Abatwa ngo bagiye guheba iyarara bijukire imyuga"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe igice kinini c\u2019abatwa bo ku Buterere babeshejweho n\u2019ivyo batoratora mw\u2019iyarara, ubu abatari bake muri bo bemezako ico kibanza bagiye kugiheba maze bijukire imyuga yo izobafasha kwibeshaho hamwe no kwigisha abana babo, gutyo bahebe kuzera inze.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Isidore Ndacayisaba icegera c\u2019uwurongoye ishirahamwe \u00abUmwizero ku rwaruka rw\u2019abatwa\u00bb ASSEJEBA (Association Espoir pour les Jeunes Batwa) afatiye kuri rusasuma yabaye mu 2015 avuga ko abatwa barenga 300 ari bo baba ku Butere. Abo bose bakaba batagira akazi kuko batize kandi nta n\u2019amatongo yo kurima bafise.<\/p>\n\n\n\n<p>Ndikumana Evariste arongoye\nishirahamwe ASSEJEBA, umwizero w\u2019uko abatwa bazosirimuka bakabaho nk\u2019abandi\nbarundi bose ni wose. Biciye mw\u2019iryo shirahamwe risanzwe ryitaho ikibazo\nc\u2019indero kandi bakaba bazi ko abana batokwiga bashonje kukaba nkako \u00ab hakora mu nda\u00bb, baratanguje umugambi wo kwigisha imyuga abato\nn\u2019abakuze kugira bige kwiyungunganya no kwibeshaho.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni muri uwo mugambi nyene, mu kigo <a rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Don Bosco (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\" href=\"https:\/\/www.facebook.com\/1696186727285793\/posts\/2508494036055054\/?app=fbl\" target=\"_blank\">Don Bosco<\/a> kiri ku Buterere hatunganirijwe inyigisho z&rsquo;imyuga zamaze amezi abiri (kuva mu ntango za kigarama 2019 gushika mu mpera za nzero 2020), aho abatwa bashika 120 bagizwe n\u2019abagore79 n\u2019abagabo 41 bigishijwe kubaza, gushona no kujisha. <\/p>\n\n\n\n<p>Abaronse izo nyigisho baranahawe\nimpapuro z\u2019umutsindo batako baranatekererwa ibikoresho bizobafasha gutangura\ngukora ivyabo bisunze imyuga bize. Eunice Reddick umunyamabanga nshingwabikorwa\nmu buserukizi bwa reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi ari na bwo bwafashe\nmu mugongo uwo mugambi arakenguruka ico gikorwa cakozwe. Agirako anatera akamo\nabasangwabutaka ko bokoresha neza ingabire baronkejwe bakirinda kuyigurisha\nahubwo nyabuna ikabashikana ku vyo bipfuza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abatwa\nbahawe inyigisho z\u2019imyuga basaba gukurikiranirwa hafi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ange Nkurunziza&nbsp; ni umutwakazi wo ku Buterere. Mw\u2019ishirahamwe\nASSEJEBA yahigiye umwuga wo kubarira impuzu kandi arawishimira cane. Avuga ko\nuwo mwuga ugiye kumukura kw\u2019iyarara maze yijukire ibikorwa vyo kwiteza imbere.\nAriko arasaba ko abiyumviriye uwo mugambi batoca babaheba, ahubwo nyabuna ko\nbobaguma hafi, bakaza barabagendera baraba ko bariko barashira mu ngiro neza\nivyo bigishijwe. <\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019umunezero mwinshi ubonekera mu\nmaso, Bucumi Francine ati: <em>\u00ab<\/em><em>Bahora\nbavuga ko abatwa ata co dushoboye, ubu ni baze barabe. Narize kujisha\nibiseke,inkoko, indaha(Sacs <\/em><em>\u00e0<\/em><em> mains ).\nNshobora kuja aho ari ho hose bakampa akazi mu vyo nize. Eka noneho tugiye no\nkuja hamwe twebwe abasangwabutaka twigirire <\/em><em>\u00ab<\/em><em>atelier<\/em><em>\u00bb<\/em><em> yacu, maze iyarara turihebere ibikona<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Na yo Innocent Nduwimana umwe mu\nrwaruka rwize umwuga wo kubaza, agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Ubumenyi\nbarabuduhaye, n\u2019ivyuma babiduhaye, none tuzokorera he? Uwukoze iciza aracuhira,\nni baduhe n\u2019<\/em><em>isaramara (ibaziro)<\/em><em> baturonse n\u2019imbaho tuzotangurirako. Kandi bazohore baza\nkuturaba batwereke n\u2019ibindi kuko tutazi vyose bivuye ku mwanya muto twavyize<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Isidore Ndacayisaba icegera c\u2019uwurongoye ASSEJEBA asaba ko abo basangwabutaka bahawe inyigisho boca bishira mu migwi bagatangura guhiga aho bazokorera imyuga bigishijwe. Akaba yabasezeranije ko ASSEJEBA rizobaguma hafi mu kiringo c\u2019amezi abiri. Ariko abo batwa bagahamagarirwa kandi kugira umutima wo gukora no kwigisha abandi bataronse izo nyigisho kugira bose bavavanure n\u2019iyarara.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe igice kinini c\u2019abatwa bo ku Buterere babeshejweho n\u2019ivyo batoratora mw\u2019iyarara, ubu abatari bake muri bo bemezako ico kibanza bagiye kugiheba maze bijukire imyuga yo izobafasha kwibeshaho hamwe no kwigisha abana babo, gutyo bahebe kuzera inze. Isidore Ndacayisaba icegera c\u2019uwurongoye ishirahamwe \u00abUmwizero ku rwaruka rw\u2019abatwa\u00bb ASSEJEBA (Association Espoir pour les Jeunes Batwa) afatiye kuri [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4817,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[23,240],"coauthors":[189],"class_list":["post-4816","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-bujumbura","tag-buterere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4816","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4816"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4816\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4821,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4816\/revisions\/4821"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4817"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4816"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4816"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4816"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4816"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}