{"id":4812,"date":"2020-02-05T12:20:00","date_gmt":"2020-02-05T11:20:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4812"},"modified":"2020-05-09T14:18:29","modified_gmt":"2020-05-09T12:18:29","slug":"kwitegura-gutuza-inzige-fida-fao-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwitegura-gutuza-inzige-fida-fao-burundi\/","title":{"rendered":"Kimwe mu vyokorwa  mu gutuza inzige ni ukuzifungura"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu ntumbero yo kwitegurira kuvugutira umuti inzige hamwe zotera mu Burundi, reta y\u2019Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije ihamagarira abanyagihugu kuzozitoragura bakazifungura. N\u2019Ubushikiranganji buri ku kivi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Igitero ca mbere c\u2019inzige cateye mu Burundi conona ibintu\nbitari bike, cibonekeje ku ngoma y\u2019umwami Mwezi Gisabo. Icasubiriye, cabonetse\nmu 1986 ( ico gihe abanyagihugu baraziriye barazikomesha). \u00ab<em>N\u2019ubu tuzozitamira hamwe zohangara\nUburundi<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuki inkuru y\u2019inzige igarutse muri\niki kinjana&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu mpera\nz\u2019umwaka wa 2019, ibihugu nka Kenya, Etiyopiya, Sudani y\u2019epfo, Erythr\u00e9e na Somaliya&nbsp;\nvyaratewe n\u2019inzige zitwa \u00abSchistocerca gregaria\u00bb zizwi ko zikwiragira ahantu hanini kandi mu\nmwanya muto . Hirya y\u2019ejo kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 26 nzero 2020, uburere\nbushika 10 bwo muri Kenya bwari bwamaze guterwa ndetse zirakwiragira no mu\ntundi duce two muri ico gihugu. Reta y\u2019Uburundi rero ikaba igomvye kuzitirira\nitaronerwa, ubona ko zitandukiriye ibihugu vy\u2019akarere ka Afirika y\u2019Ubuseruko .<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuzifungura birakwiye kugira ngo\nzituzwe&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko\nubushikiranganji bw\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije bubimenyesha, hari\nibikorwa biriko birategurwa: Gushiraho umugwi uhurikiyemwo ibisata bitandukanye\nuzoshobora guhagarikira ibikorwa vyo gukinga, uw\u2019abahinga bajejwe gucungera no\ngutangiriza hakiri kare, ingendo yo guhanahana ivyiyumviro mu bihugu bimaze\nguterwa n\u2019ivyo biza vy\u2019inzige, gutumatumana ko amakuru mu karere\u2026.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo bushikiranganji bubandanya bumenyesha ko bwamaze kwiga ubuhinga bumwe bumwe bwofasha mu kugwanya izo nzige na bwo bukaba ari nko kuzitora n\u2019iminwe ndetse no gukoresha imiti ihinguwe. Ariko rero, ic\u2019iyo miti ngo ikoreshwa barinze gupompa, ngo si ico guhera ko kuko hanini hakoreshwa indege ivyo na vyo bigatuma hashobora kwononekara ubuzima bw\u2019abantu n\u2019ibidukikije na canecane amazi n\u2019ikirere. Hejuru y\u2019ivyo, izo nzige zishwe n\u2019imiti\u00a0 ziba zirimwo ubumara zirahindukira zikaba indya z\u2019inyoni ndetse n\u2019abantu.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019ivyo\nvyose rero, amashirahamwe nka Fida, ibanki y\u2019isi yose, ishirahamwe&nbsp; FAO akaba ahamagarirwa n\u2019ubwo bushikiranganji\nkwifatanya na bwo mu gushiraho integuro yo gukinga ico kiza mu ntumbero yo\ngukingira Uburundi, abarundi n\u2019ivyabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Cyriaque Nimpagaritse, umwe mu banyagihugu twayaze akagira ati\u00a0<em>:\u00ab Nimba ziribwa bwa Swa canke bwa mivuri ( imisenene), zizokwona ibiterwa ni vyo ariko na twe amenyo yo kuzisya tubaye turayakarisha\u00bb.\u00a0 <\/em>Weho ubivugako iki\u00a0?<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ntumbero yo kwitegurira kuvugutira umuti inzige hamwe zotera mu Burundi, reta y\u2019Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije ihamagarira abanyagihugu kuzozitoragura bakazifungura. N\u2019Ubushikiranganji buri ku kivi\u2026 &nbsp;Igitero ca mbere c\u2019inzige cateye mu Burundi conona ibintu bitari bike, cibonekeje ku ngoma y\u2019umwami Mwezi Gisabo. Icasubiriye, cabonetse mu 1986 ( ico gihe abanyagihugu baraziriye barazikomesha). \u00abN\u2019ubu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4813,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[432],"coauthors":[231],"class_list":["post-4812","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-fao"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4812","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4812"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4812\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4815,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4812\/revisions\/4815"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4813"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4812"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4812"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4812"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4812"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}