{"id":4807,"date":"2020-02-04T11:17:13","date_gmt":"2020-02-04T10:17:13","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4807"},"modified":"2020-05-09T14:18:19","modified_gmt":"2020-05-09T12:18:19","slug":"burundi-sosumo-urudandazwa-isukari","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-sosumo-urudandazwa-isukari\/","title":{"rendered":"Muri Sosumo bati: \u00ab Uwuzofatwa adandaza ikiro c\u2019isukari amafaranga arenze 2 340 Fbu azohanwa \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uyu wa 3 Ruhuhuma 2020, umuyobozi mukuru w\u2019ishirahamwe rihingura isukari (Sosumo), Aloys Ndayikengurukiye yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yatangaza<\/strong> <strong>ko ata kibazo c\u2019isukari gihari mu bubiko bwayo. Akaba yaciye aboneraho kugabisha abadandaza boba bayinyuruza.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abakurambere bati:\n\u00abAmazi arakena yuzuye impange\u00bb. Ubu na ho umuntu arashobora kuvuga ati: \u00abIsukari\nirakena kandi ububiko bwa Sosumo bwirirwa burasohora amatoni n\u2019amatoni buri\nkwezi\u00bb. Si agaseseshwa rumuri haraheze iminsi hibonekeza mu gisagara ca\nBujumbura ikena ry\u2019isukari mu makaritiye atari make yahora idandarizwamwo. Aho\nibonetse na ho ugasanga ibiciro vyariyongereye ku rugero ruteye ubwoba.<\/p>\n\n\n\n<p>Minani\nni umwe mu ba dandaza b\u2019utubutike. Isukari ubu\nasigaye ayita umuzi w\u2019ibuye. Agira ati: <em>\u00ab\nHaraheze iminsi amahera y\u2019isukari narayahevye. Jewe ntarironkera umutahe ukwiye\nnta yo noba nkigonda. Agafuko k\u2019ibiro 50 ugize imana ukaronka aho ukarangura\nugatora ku 125&nbsp;000 Fbu. Ni hamwe uc\u2019usanga kugira ukuremwo ayawe\nugurishije ku kiro 2&nbsp;800 Fbu. Ayo na yo ni abakiriya bake woronka bayigura.\nNaciye ndayiheba <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ngo\nisukari yoba inyuruzwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aloys Ndayikengurukiye,\numuyobozi mukuru muri Sosumo arababazwa cane n\u2019ingene abantu bidodomba ngo nta sukari\nikiboneka kandi bafatiye ku kuntu yagiye irasohoka kuva mu kwezi kwa mbere kw\u2019umwaka\nuheze 2019 basanga isukari basohoye yagiye iriyongera ku kwezi ku kwezi. Atanga\nakarorero ko mu kwezi kwa mbere kw\u2019umwaka uheze basohoye ibiro 1 358 200 ariko\nmuri uwu mwaka wa 2020, mu kwezi kwa mbere basohoye ibiro 1&nbsp;415 000. <\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muyobozi\nmukuru akaba yaboneyeho kugabisha abadandaza bafise inyifato itabereye yo\nkunyuruza isukari bashaka guca amaboko abanyagihugu kugira babungukeko\numurengera, ko abazofatwa bazohanwa hisunzwe amategeko.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku baduza ibiciro\nna bo, amenyesha abantu bose ko ibiciro vy\u2019isukari vyashinzwe n\u2019ishirahamwe Sosumo\nbitahindutse. Ivyo na vyo bikaba bimeze uku gukurikira: umufuko w\u2019ibiro 50\nugurishwa 111 500 Fbu ku wuwuguze mu bubiko bwa sosumo. Uwo na we aca\nawugurisha ku 114 000Fbu ku baja kuyidandaza ku kiro. Abo na bo bo ku kiro\nbadandaza uwo mufuko ku 117 000Fbu. Ni ukuvuga ko ikiro kimwe gitegerezwa\nkugurishwa 2 340Fbu. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019ingingo\nzishingiye kw\u2019itangwa ry\u2019isukari zahavuye zifatwa <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo\ngutanga neza isukari mu gisagara ca Bujumbura, mw\u2019ishirahamwe Sosumo babaye\nbarafata ingingo zitandukanye: bagiye kwongereza ku rutonde rw\u2019abatora isukari\nmu bubiko bwa Sosumo ama alimentations makuru makuru ari mu ma karitiye kuko\nngo basanze muri rusangi ayo ma alimentations ari yo ayigurisha neza, nayo abadandaza\nbatwara isukari irenze amatoni ane bazohora bayitora mu biringo bibiri (kabiri\nmu kwezi) kuko ngo iyo bayitwariye rimwe baca bayinyegeza (ariko iyo ngingo ngo\nntiraba abayitwara mu ntara za Bujumbura,Bubanza,Cibitoke,Bururi na Rumonge).<\/p>\n\n\n\n<p>Na yo abajejwe\nintwaro n\u2019umutekano basabwe gucungera ko isukari iriko iratangwa hisunzwe amategeko.\nBohana cane kandi uwo wese yofatwa yayinyegeje canke yadugije ibiciro.\nBagafasha guhagarika isukari iva mu gisagara yimurirwa kunyegezwa mu bubiko bwo\nmu ntara zo hagati mu gihugu. Bakongera bagakomeza igikorwa co kugwanya inzoga\nzitemewe n\u2019amategeko kuko zikorwa hakoreshejwe isukari nyinshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019ishirahamwe Sosumo rero bakaba bemerera icese abarundi bose, ko rifise isukari ikwiye izobashikana kw\u2019isekeza ryo kwimbura iyindi ryimirije. Ariko bagasaba ko iyo ihari yotangwa hakurikijwe amategeko n\u2019ibiciro vyashinzwe na Sosumo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uyu wa 3 Ruhuhuma 2020, umuyobozi mukuru w\u2019ishirahamwe rihingura isukari (Sosumo), Aloys Ndayikengurukiye yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yatangaza ko ata kibazo c\u2019isukari gihari mu bubiko bwayo. Akaba yaciye aboneraho kugabisha abadandaza boba bayinyuruza. Abakurambere bati: \u00abAmazi arakena yuzuye impange\u00bb. Ubu na ho umuntu arashobora kuvuga ati: \u00abIsukari irakena kandi ububiko bwa Sosumo bwirirwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4809,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[383],"coauthors":[189],"class_list":["post-4807","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-sosumo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4807","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4807"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4807\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4811,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4807\/revisions\/4811"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4809"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4807"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4807"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4807"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4807"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}