{"id":4802,"date":"2020-02-03T11:55:18","date_gmt":"2020-02-03T10:55:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4802"},"modified":"2020-05-09T14:18:12","modified_gmt":"2020-05-09T12:18:12","slug":"burundi-umwuga-kubumba-abatwa-uniproba-bujumbura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwuga-kubumba-abatwa-uniproba-bujumbura\/","title":{"rendered":"Atagikozwe, umwuga wo kubumba urazimangana mu Burundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amajambere arakaza. Ariko none burya kuyabangikanya n\u2019ubuhinga kama ntivyoshoboka\u00a0? Dufatire ku mwuga wo kubumba. Uwowambika akandi karangi, ntiwohava utanga agafaranga gusumba ako baronka ubu\u00a0? N\u2019abo bahinga bawo ari bo batwa bagasirimuka ? Mbega none abo gushigikira ico gikorwa ni bande\u00a0? Ni muri iyi nkuru.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Harabaye igihe aho umutwa\nyari yihagazeko kubw\u2019umwuga wiwe wo kubumba. Ico gihe inkono cari igikoresho\ncifashishwa muri vyinshi haba mu kuvoma, guteka, kugemura eka no mu gushingura\nibinyantete. Mu gucirira inkono, yarihagararako kuko yirukirwa na benshi, amasafuriya\nn\u2019ibikurutu (bidons) bitaraza. Umutwa yarabumba ikiyiko, igikombe\nakaguterekeraho, isahani (umubehe) bikozwe&nbsp;\nmw\u2019ibumba akaguhereza. <\/p>\n\n\n\n<p>Harabaye igihe aho umutwa\natasegerereza kuko yikora ku buhinga bwiwe, akikubita mw\u2019isoko canke mu mihana\nn\u2019inkono ziwe maze uwo munsi akabukura mu cibo. Ubu inkono si yo abonamwo\nubuzima. None ko isi yavamwo ibumba, agasenyi ko gucanga na ryo akagatiyura aho\ninzuzi zagasheshe, umuriro wo guturira inkono ziwe ntumuzimbe, wumva yarakenye\niki&nbsp;? <\/p>\n\n\n\n<p>Kutarima iwe nticari\nikibazo kuko uwo ahaye inkono yamuha ikivumvu c\u2019ibijumbu, yahura n\u2019uwundi\nakamuhereza inaga nawe akamuha ubwishaza, akicara akaramvya ati&nbsp;: \u00ab <em>Jewe mutwa ku mwuga wanje sinzogira ico\nnkena <\/em>\u00bb. Erega n\u2019abakozano (abatari abatwa ariko babumba) bamaze kubona ko\nharimwo imari yinyegeje mw\u2019ibumba basigaye baniganira kubumba.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umuzo\nw\u2019abazungu warasubije inyuma ibikorwa vy\u2019amaboko y\u2019umutwa \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Icatera umutwa\nkwishigikira mbere kikamutungisha ku nguvu, kwari uko we yatanga ibikoresho\nbimeneka ningoga, gutyo bakama bamwituye. Ngayo rero amasafuriya, amabido,\namasahani ya kizungu araje. Ivyo vyose umutwa arashoboye kubikora, mugabo\nivyiwe birirabura kandi hejuru y\u2019ivyo, bimeneka vuba (ariko kandi ndaguye\nndagarutse, hari n\u2019amasahani ya kizungu akorotse udatora).<\/p>\n\n\n\n<p>Nuko rero ijambo\nry\u2019ibikorwa vya \u00ab Mutwa \u00bb riranizwe, umurundi yirukiye ibiramba (kandi nkako). Umusangwabutaka\nntumubaze ivy\u2019itongo kuko yahura n\u2019isuka agiye kugazura ibumba, kanatsinda inzu\nzabo wasanga ziteye ha mwonga (aho ashobora kuronka amazi, ibumba, umusenyi wo\nkuvanga na ryo, vyoroshe).&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Nahimana Makurata, umukenyezi w\u2019umutwakazi apanze inzu mu kanyosha agira ati\u00a0: \u00ab<em> Jewe naho nirirwa ndasega impuzu mu mpangu z\u2019abantu, ndafise umwuga wo kubumba inkono, ariko mfise ikibazo co kubura aho nkura ibumba eka n\u2019isoko nozishoramwo kuko iyisumbuye bahora bampa amafaranga 150 canke 200. Nanje rero nkabiraba hasi hejuru nkasanga sinoronka ico ngaburira abana. Ni yo mpamvu navuye i Gitega iwacu muri Bugendana nza gusegerereza. Iyo ndonse uduhuzu, tumwe ndadushira abana, utundi nkatudandaza kugira ndonke akarasiyo<\/em> \u00bb.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"DnFgJWsh8H\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ababorayi-imiduga-amapikipiki-bujumbura-burundi\/\">\u00ab Ababorayi \u00bb b&rsquo;i Bujumbura ngo baryamye ku gahiye<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00ab Ababorayi \u00bb b&rsquo;i Bujumbura ngo baryamye ku gahiye\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ababorayi-imiduga-amapikipiki-bujumbura-burundi\/embed\/#?secret=UUp1JuutIh#?secret=DnFgJWsh8H\" data-secret=\"DnFgJWsh8H\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hari\nikiriko kirakorwa kugira ngo uwo mwuga ugarukirwe&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Honorable Nengo Salvator\naserukira ishirahamwe ry\u2019abatwa Uniproba, amenyesha&nbsp; ko uwo mwuga wabo azi inyungu zawo na cane\ncane ko abatwakazi bawuronkamwo ikirirenza. Hamwe n\u2019ivyo akavuga ko amaze\nkubiyaga n\u2019umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n\u2019ubworozi kugira ngo\nitegeko rihari ryaje rihagarika ibikorwa vy\u2019ukwimba ibumba riryinjiza mu mugwi\nw\u2019ubutare, ryirwe gushasha. <\/p>\n\n\n\n<p>Honorable Salvator we akabona ko naho atawoba akivoma mu nkono, ngo hoboneka abahinga bofasha abatwa mu kubaronsa inyigisho zo guhingura ibikoresho bigezweho bikorwa mw\u2019ibumba ari nk\u2019amasahani, ibikombe, inkono zo gushariza n\u2019ibindi, ngo abatwakazi na bo botuburura.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amajambere arakaza. Ariko none burya kuyabangikanya n\u2019ubuhinga kama ntivyoshoboka\u00a0? Dufatire ku mwuga wo kubumba. Uwowambika akandi karangi, ntiwohava utanga agafaranga gusumba ako baronka ubu\u00a0? N\u2019abo bahinga bawo ari bo batwa bagasirimuka ? Mbega none abo gushigikira ico gikorwa ni bande\u00a0? Ni muri iyi nkuru. Harabaye igihe aho umutwa yari yihagazeko kubw\u2019umwuga wiwe wo kubumba. Ico [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4803,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[431],"coauthors":[231],"class_list":["post-4802","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-uniproba"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4802","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4802"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4802\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4804,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4802\/revisions\/4804"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4803"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4802"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4802"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4802"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4802"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}