{"id":4799,"date":"2020-02-01T12:17:31","date_gmt":"2020-02-01T11:17:31","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4799"},"modified":"2020-05-09T14:17:56","modified_gmt":"2020-05-09T12:17:56","slug":"burundi-amagara-imiti-kuvura-abana-abavyeyi-ku-buntu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-imiti-kuvura-abana-abavyeyi-ku-buntu\/","title":{"rendered":"\u00abGute uvuga ko utwakira ku buntu ariko ukadutuma kwigurira imiti  hanze\u00bb ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe hari abavyeyi batari bake biyabira ko bagura imiti iyo bagiye kwibaruka kandi reta yariyemereye ko bazohora bakirwa ku buntu ndetse n\u2019abana babo bakavurwa ku buntu gushika bakwije imyaka itanu, Thad\u00e9e Ndikumana, umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu amenyesha ko hari aho bikenerwa ko bayigura. Ariko rero, akagabisha abaganga bikika mu kiza ntibayitange kandi ihari, co kimwe n\u2019ababesha ngo imiti yarakoze atari vyo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em>Umugore wanje namutanzeko ibihumbi 30.000 aho yibaruka. Nahatswe kugwana bampaye facture. Je nibaza ko ayo mafaranga ari abaganga bayiririye kuko umukuru w\u2019igihugu yari yararivumereye ko tuzohora twibaruka ku buntu. Erega bari banse n\u2019ukumurekura ngo atahe. Iyo ntaronka umubanga ayangurana n\u2019ubu ni yo aba akiri<\/em>\u00bb. Uwo ni Emmanuel Sinamenye aba mu Ruziba muri komine ya kanyosha iri mu ntara ya Bujumbura.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu, akagira ati&nbsp;<em>:<\/em><em>\u00ab<\/em><em>Mu vy\u2019ukuri abavyeyi\nbibaruka ku buntu. Ariko rero hari abatabitahuye neza. Hari ingwara bishika\nzikaduka abaganga bahejeje kumwakira. Muri ico gihe araheza akariha imiti\nyakoresheje<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Thadd\u00e9e Ndikumana, amenyesha ko amafaranga arenga ibice 60% ari yo akoreshwa mu kugura imiti abavyeyi bakoresha iyo bariko baribaruka hamwe n\u2019abana bari munsi y\u2019iyo myaka 5. Kubw\u2019iwe akagira ati ntakwo reta y\u2019Uburundi itagira kuko burya nk\u2019iyo umuvyeyi yibarutse babanje kumubaga hagenda amafaranga angana canke arenga 400.000 y\u2019amarundi.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"smujbFkHXZ\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-ingwara-gufungura-nabi-burundi\/\">Mu Burundi, ibitigiri vy\u2019abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c\u2019imyaka 9<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Burundi, ibitigiri vy\u2019abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c\u2019imyaka 9\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-ingwara-gufungura-nabi-burundi\/embed\/#?secret=maScBOmvjA#?secret=smujbFkHXZ\" data-secret=\"smujbFkHXZ\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Naho biri uko\u2026&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp; &nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ngo ubushikiranganji buramaze kubona, bwisunze amaraporo\nbuhabwa, ko hari abaganga batanga ibitigiri vy\u2019imiti yakoze y\u2019umurengera canke\nna ho ntibaronse imiti abayigenewe, bagahitamwo&nbsp;\nkubarungika kuyigurira hanze muri Pharmacie. Kubw\u2019ivyo, ubushikiranganji\nbukamenyesha ko bugiye kuza burabikurikiranira hafi, abaganga badashimye\nkuvyubahiriza n\u2019ugukurwa bagakurwa mu mabanga bajejwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo abajejwe gutororokanya ibiharuro ku rwego rw\u2019intara\nn\u2019uguhinyuza ko imiti yakoze koko kandi yahawe abayigenewe, bahamagarirwa\nn\u2019ubushikiranganji&nbsp; bakukira kurushizaho\nkuba maso, bagakurikiranira hafi ico kibazo kugira ngo reta izohore iriha imiti\nyakoreshejwe koko.<\/p>\n\n\n\n<p>Erega ngo hari abahora bashikiriza mu maraporo ko hari&nbsp; abavyeyi bakiriye co kimwe n\u2019abana kandi\nvy\u2019ukuri bitigeze bishika. Ni vyo, ngo&nbsp;&nbsp;\nhari aboba bahora bareka gutanga imiti, atari kugira ngo bayigurishe\nmaze bishirire amafaranga mu mifuko yabo, ariko bakayihangira kugira ngo barabe\nko boteza imbere ivuriro bariko. Thadd\u00e9e Ndikumana amenyesha ko ivyo batavyerewe.\nAkagira ati&nbsp;:\u00ab <em>Nibakoreshe\nimiti ico yagenewe, Reta ntizoreka kuriha imiti ibaye yakoreshejwe mu kuri<\/em><em>\u00bb<\/em><em>. <\/em>Ariko rero,\nmuri rusangi, ibice70% vy\u2019amavuriro ngo bikora neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Tubamenyeshe ko ayo majambo yashikirijwe kuri uwu wa 30 Nzero aho umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu yagirisha inama abarongoye intara z\u2019ubuvuzi mu Burundi, hamwe n\u2019abajejwe gutororokanya ibiharuro n\u2019ukwihweza uko imiti yagenewe abana n\u2019abavyeyi bibabaruka ku buntu ikoreshwa, mu kigo ca INSP, i Bujumbura.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe hari abavyeyi batari bake biyabira ko bagura imiti iyo bagiye kwibaruka kandi reta yariyemereye ko bazohora bakirwa ku buntu ndetse n\u2019abana babo bakavurwa ku buntu gushika bakwije imyaka itanu, Thad\u00e9e Ndikumana, umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu amenyesha ko hari aho bikenerwa ko bayigura. Ariko rero, akagabisha abaganga bikika mu kiza ntibayitange kandi ihari, co kimwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4800,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[247,382],"coauthors":[231],"class_list":["post-4799","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abana","tag-kwibaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4799","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4799"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4799\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4801,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4799\/revisions\/4801"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4800"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4799"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4799"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4799"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4799"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}