{"id":4785,"date":"2020-01-29T10:16:26","date_gmt":"2020-01-29T09:16:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4785"},"modified":"2020-05-09T14:17:45","modified_gmt":"2020-05-09T12:17:45","slug":"music-fizzo-dj-israel-bantu-boy-entertainment-buja-fm-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/music-fizzo-dj-israel-bantu-boy-entertainment-buja-fm-burundi\/","title":{"rendered":"Fizzo ati \u00ab Narinze ntaha ntanazi ko DJ Isra\u00ebl yakubiswe \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu kiganiro yagiranye na mugenziwe Marvin Lee bakorana kwiradiyo Buja FM, DJ isael yavuze ko yaraye akubiswe n\u2019akagwi gashigikiye Bantuboy gahagarariwe na kizigenza Big Fizzo. Muri ico kiganiro nyene, avuga ko atariwe mu journaliste we nyene yapanzwe gukubitwa, ngo kuri liste Fizzo yahaye ako kagwi, ngo aba journalistes 6 \u00a0bagiye \u00ab\u00a0guhabwa indero\u00a0\u00bb. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uruganda rwa Jimbere rumaze kwumva ivy&rsquo;iyo nkuru, rwaciye rwihutira kurondera&nbsp; Big Fizzo. Kuri&nbsp; telefone ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Je naguye mu gahundwe. Naho bavuga ko yakubitiwe, siho narindi. Twari tuvanye ngiye gutora urufunguruzo rw\u2019imodoka<\/em>\u00bb. Narirya tuzi ko ururimi rwumwe ngo rukamwa ayasosa, twashatse kwegera DJ Isra\u00ebl ariko ntitwamutoye kugira twumve uko vyagenze. Ariko abandi bariririmvyi bari kumwe nawe banabonye uko vyatanguye nuko vyaheze, baratwiganiye uko vyagenze. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muti ukuri n\u2019ukuhe&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu bararirimvyi bari bahari atashatse ko tumuvuga izina yagize ati\u00a0: <em>\u00ab\u00a0Hari mu ma 22h30 canke 23h. Twariko tunywera ku kabare twita kwa Da Fofo imbere ya Down Town Hotel kuri avenue de l\u2019Universit\u00e9. Kurya nyene bisanzwe, mwicaranye mu kabare kandi mufise ibintu vy&rsquo;akazi muhuriramwo, nkumu artiste n\u2019umu DJ et surtout umu journaliste culturel, ivyo muyaga ntibibura. Barahaririye kuri vyinshi, ubona ko ari n\u2019abagenzi kuko baraheruka no gusohorana indirimbo, baravuganye ivyuko concert \u00ab\u00a0Who\u2019s the best\u00a0\u00bb itakibaye, haragera naho bavugana ivyakazi basangiye. Niho Fizzo yabwira DJ Isra\u00ebl ko yamubeshe ko bazosohora vid\u00e9o y\u2019indirimbo baririmbanye. Munyuma barahagurutse baravuganira no kuruhande\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"SB64ZJbu4v\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-entertainment-big-fizzo-satb-lacosta-beach\/\">None \u00ab Who\u2019s the best \u00bb concert izoba canke ntizoba ?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0None \u00ab Who\u2019s the best \u00bb concert izoba canke ntizoba ?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-entertainment-big-fizzo-satb-lacosta-beach\/embed\/#?secret=S6qwE0trzz#?secret=SB64ZJbu4v\" data-secret=\"SB64ZJbu4v\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Muti none DJ Isra\u00ebl yaje gukubitwa gute&nbsp;? <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyu yaduhaye amakuru atashatse ko izina ryiwe rivugwa yari no\u00a0 mubabangurukanije arabandanya atwiganira uko vyagenze <em>\u00ab\u00a0Fizzo na DJ Isra\u00ebl bamaze akanya bavuganira ku ruhande, umwe mubo twari twicaranye (Samley) niho yamuhamagara incuro zine atamwitaba. Ko yoba yaravyumvise canke atavyumvise ntavyo twomenya. Samley aho ahagaze n&rsquo;ijwi rikankama ati &lsquo;Mbe ko ugayana wibonamwo iki\u00a0?&rsquo;. DJ Isra\u00ebl yamwishuye nawene amutuka mbere aranamutyoza ko avumba inzoga. Ivyo vyarashavuje Samley aca arahaguruka amukubita ikofe. Mbonye ko bigira bibe birebire, narahagurutse ndababanguranya. Nsubiye kwicara nibaza ko vyaheze, twishituye tubona Isra\u00ebl ahagaze imbere ya Samley kandi, ngo yakubiswe kw&rsquo;itama rimwe ngo nakubite no kurindi. Uwuraho ntiyarinze kwingingwa, burya yavuze yamwusuye irindi kofe rya pfunga buso. Niko gusubira guhaguruka nkabangurukanya ariko DJ Isra\u00ebl yaguma avuga ngo tumureke ashake amumene amaso. Yaranafukamye mwibarabara, ngo tumureke ariko turamuzibira\u00bb.<\/em> Fizzo nawe yongerako ati <em>\u00ab\u00a0Nibaza ko ari affaire yo mu kabare kuko DJ Isra\u00ebl na Samley nabagenzi. Unashima bakorana ibintu vyinshi\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Fizzo ati \u00ab&nbsp;Je nta liste y\u2019aba\njournalistes nigeze ntegura gukubita&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri ico kiganiro bagiranye na Malvin Lee,&nbsp; DJ Isra\u00ebl yavuze ko hari aba journaliste 6 bari ku rutonde. Abo nabo ngo ni Alain Nova, Spok\u2019s, Vivance, Ami pro na Malvin Lee ubwiwe. Ico abo ba journalistes bose bahuriyeko, nuko b\u2019anima ama emissions culturels ku ma radio bakorako. Umwe muri abo ba journalistes bari kuri urwo rutonde ati&nbsp;: \u00ab<em>&nbsp;Je simbona ico twoba dupfuye kuko nikiganiro ca nyuma twagiranye twagikoze neza tuvana amarembe&nbsp;<\/em>\u00bb. Fizzo nawe araba tranquilisa ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Jewe iyo mfitaniye ikibazo n\u2019umuntu, ndamurondera tukabivuganako vyanse ndafise inzira ncishamwo atariyo kugwana. Je nta mu journaliste dufitaniye ikibazo, n\u2019abo ba Spok\u2019s avuga twari kumwe aho nyene. Ico ntatahura n\u2019ukuntu DJ Isra\u00ebl yabinzanyemwo vyabaye namaze no kwitahira<\/em>\u00bb.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu kiganiro yagiranye na mugenziwe Marvin Lee bakorana kwiradiyo Buja FM, DJ isael yavuze ko yaraye akubiswe n\u2019akagwi gashigikiye Bantuboy gahagarariwe na kizigenza Big Fizzo. Muri ico kiganiro nyene, avuga ko atariwe mu journaliste we nyene yapanzwe gukubitwa, ngo kuri liste Fizzo yahaye ako kagwi, ngo aba journalistes 6 \u00a0bagiye \u00ab\u00a0guhabwa indero\u00a0\u00bb. Uruganda rwa Jimbere [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":27,"featured_media":4787,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[316],"tags":[381,325],"coauthors":[186],"class_list":["post-4785","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-aba-stars","tag-buja-fm","tag-fizzo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4785","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/27"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4785"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4785\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4794,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4785\/revisions\/4794"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4787"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4785"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4785"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4785"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4785"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}