{"id":4779,"date":"2020-01-28T10:05:32","date_gmt":"2020-01-28T09:05:32","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4779"},"modified":"2021-01-27T15:16:07","modified_gmt":"2021-01-27T14:16:07","slug":"akaranga-umuco-gukwa-kahise-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/akaranga-umuco-gukwa-kahise-burundi\/","title":{"rendered":"Gukwa mu Burundi: karashize ingani twice umuco ngo ni ibirori?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu Burundi, umuco wo gukwa umugeni wamyeho kandi ibirori vy\u2019urwo rubanza vyaba bifise uko bitunganijwe bihuye n\u2019akaranga k\u2019abarundi.&nbsp; Ariko aho bigeze ubu, abategura izo manza bashaka kuryosha ibirori bisunze ibibera hanze bakibagira umuco barazwe n\u2019abasokuru.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00abUwutaye\nakaranga aba ataye ibanga\u00bb abo ni ba sokuru babivuga, Ernest\nNahimana yize ivy\u2019imico n\u2019akaranga nyafrika yongera ko ati<em>:&nbsp; <\/em><em>\u00ab<\/em><em>Sinzi\nko urwaruka rubikora rubizi canke ari ukutamenya mugabo ni vyinshi bakora\nbititura umuco<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> Tutabeshanye\nibihe birahinduka bigatuma havuka ubundi buryo bwo gutunganya imanza ku mvo z\u2019uburyo\numwanya, canke ibigezweho ariko hari n\u2019utuntu dutoto dufise insiguro ikomeye mu\nmuco w\u2019ikirundi ataco vyotwara &nbsp;twubahirijwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Aho itituka rihagaze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urubanza rw\u2019ugukwa ruratanguye, umuryango uje gusaba urashitse utasavye n\u2019irembo, ukumva ingoma ngo dundurindunduri, imvyino n\u2019intambo bagashirako, Ernest Nahimana akibaza ati: <em>\u00abMbe wovugiriza imirisho uwo utazi hama usubire umubaze ikimugenza? Ni nko kwivuguruza kuko ntuba uzi ikimuzanye ko ari amahoro gusa womuha ikaze n\u2019akavyino kavuga amakenga ufise bikunze ukagatera hama mugaheza mukayaga\u00bb<\/em>. Uretse ivyo hari naho bicarika abashitsi hatuma wibaza ibibazo vyinshi kuko n\u2019intebe y\u2019umuhungu aje gukwa ishirwa ahateretse uruhimbi, igisabo ngico, ivyakunze mu gushariza ikibanza ngo ni wo muco ariko mu bisanzwe ivyo ntaho vyakabonetse kuko ni nkogushikiza umukwe mu nzu kandi ivyo ari ibidakorwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ernest abandanya agira ati: <em>\u00abHari n\u2019ibindi vyiharajwe umukobwa agahonga umuhungu ku munsi wo gukwa, utuganuke akamuha amasaha, ibirato akamukura akamwambika agahebuza rero, ni uko aca amuha n\u2019icumu n\u2019inkizo tuzi neza ko icumu umuhungu arihabwa n\u2019umuryango ata wundi vyagenewe, noneho umukobwa arahongwa ntahonga\u00bb<\/em>. Ariko hari n&rsquo;igihe inyuma yo guha agashimwe uwimirije kuba umugabo wiwe asubira akagaha sebukwe canke inabukwe. Ivyo bigasa nk\u2019ukwikundwakaza kuko agashimwe gahabwa nyina w\u2019umwigeme, se w\u2019umuhungu yaza nk\u2019umusavyi ntakaganuke yaba akeneye na gato.&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikosa none rigaruka kwa nde?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yaba abakuze canke urwaruka, bose batanako amakosa. Nanette Inamahoro ni umwigeme akiri muto akora ivya d\u00e9cor muri Village Market. N\u2019ugutangara kwinshi agira ati:&nbsp; <em>\u00ab&nbsp;N&rsquo;iryambere numvise ko gushira uruhimbi mu vyo nkora bidahuye n\u2019umuco ariko ahubwo jewe narinzi ko mba ndiko ndawugarukira kuko mba nshaka ko bicara ahatunganije neza\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Antoinette Nahimana ni umupfasoni asa n\u2019uwukuze yimirije imyaka 66 we ngo ikosa ni iry&rsquo;urwaruka rwirukira ivyo rubonye vyose kuko ku gihe cabo bagerageza gusubiramwo uko bashoboye ingene babikora &nbsp;kera. Na yo Cybelle Kaneza, umwana yakuriye aha mu gisagara we nta kibazo na kimwe bimuteye n\u2019agatwengo kenshi ati: <em>\u00abLes choses changent, dutegerezwa gutera imbere ivyo abakuze babimenye\u00bb<\/em>. <\/p>\n\n\n\n<p>Leila Mutoni\nwewe asanzwe yikundira imvyino z\u2019ikirundi agira ati:&nbsp; <em>\u00ab&nbsp;N\u2019ubundi\ntwagerageza, kuki abadukurira batatuvunira akagohe? Turabikora baraba\nbakihorera bigateba bikamenyerwa kuburyo n\u2019abana bakura babibona uko<\/em><em>\u00bb<\/em><em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nanette kubera ko atari azi ko ivyo akora aba ariko arica umuco asaba abajejwe ivyo kubungabunga umuco kwikebuka bakavyigisha kuko uburyo bwo kwigisha bwaragwiriye. Bakoresheje nk\u2019ubuhinga ngurukanabumenyi mu mwanya muto vyoba vyumviswe n\u2019urwaruka kuko ariho rusamarira.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\">   <strong>Inkuru yatororokanijwe na Kathia Gretta Iradukunda, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong>        <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Burundi, umuco wo gukwa umugeni wamyeho kandi ibirori vy\u2019urwo rubanza vyaba bifise uko bitunganijwe bihuye n\u2019akaranga k\u2019abarundi.&nbsp; Ariko aho bigeze ubu, abategura izo manza bashaka kuryosha ibirori bisunze ibibera hanze bakibagira umuco barazwe n\u2019abasokuru. \u00abUwutaye akaranga aba ataye ibanga\u00bb abo ni ba sokuru babivuga, Ernest Nahimana yize ivy\u2019imico n\u2019akaranga nyafrika yongera ko ati:&nbsp; \u00abSinzi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4780,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,211],"tags":[380],"coauthors":[34],"class_list":["post-4779","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-imicokama","tag-akaranga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4779","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4779"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4779\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4784,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4779\/revisions\/4784"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4780"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4779"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4779"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4779"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4779"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}