{"id":4774,"date":"2020-01-27T17:15:16","date_gmt":"2020-01-27T16:15:16","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4774"},"modified":"2020-05-09T14:17:30","modified_gmt":"2020-05-09T12:17:30","slug":"burundi-umukenyezi-inkingi-amahoro-iterambere-umuryango-ikibano-kaminuza","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umukenyezi-inkingi-amahoro-iterambere-umuryango-ikibano-kaminuza\/","title":{"rendered":"Umukenyezi, inkingi y\u2019amahoro n\u2019iterambere mu muryango, mukibano no kwisi yose"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Urwaruka rurakwiye gukurana umutima runtu, rukaruka ruzi akamaro n\u2019ikibanza ntangere umukenyezi afise mw\u2019iterambere ry\u2019imiryango n\u2019igihugu. Ariko rero ngo ntaterambere rishoboka at\u2019amahoro ahari. Urwaruka ntirwokwibagira kandi ko amahoro meza ahera mu rugo. Ku rundi ruhande naho ngo umugabo agirwa n\u2019umugore kuko bose buzuzanya. Ninaco gituma umugabo yotana n\u2019ikigazuzo imigenzo n\u2019imico icinyiza umukenyenzi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari mu kiyago cabaye kuri uwu wa 24 nzero 2020 mu nyubakwa za kaminuza \u00abLumi\u00e8re de Bujumbura Ku Bumenyi\u00bb. Urwaruka rw\u2019abanyeshure biga mu ma kaminuza yo mu Burundi rugize ishirahamwe BNSU (Burundi National Students Union) rwariko ruyaga n\u2019abarukurira mu myaka, mu buhinga no mu vyiyumviro. <\/p>\n\n\n\n<p>Alice Rwamo umwigisha mushakashatsi muri\nkaminuza y\u2019Uburundi akaba arongoye ishirahamwe ry\u2019abakenyezi banonosoye\namashure ya kaminuza, mu kiyago yagiriraniye n\u2019urwo rwaruka yarusiguriye ko\numukenyezi abuzwa gutera imbere no kubura amahoro n\u2019umutekano cane cane mu rugo\n&nbsp;abamwo. Ivyo kenshi ngo biva ku bagabo\nbahohotera abagore babo binyegeje inyuma y\u2019imico isanzwe ikandamiza umukenyezi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kuvuga ko abakenyezi babuzwa amahoro\nn\u2019umutekano mu ngo no mu kibano, Alice Rwamo afatira ku ngingo ya ONU (Resolution\n1325). Agira ati: <em>\u00abImbere y\u2019iyemezwa ry\u2019iyo\nngingo 1325 basanze umukenyezi, yicwa canke akamererwa nabi kubera ukubura\namahoro n\u2019umutekano. Muri iyo ngingo &nbsp;baciye basaba ko umukenyezi yo habwa ikibanza\nno mu bijanye no kubungabunga ayo mahoro ntabe uwuhitanwa no kubura amahoro\nahubwo akaba ikiremwa ku buryo bwagutse. Aho abaye akagira ivyo ahakoze\nbisasagaza amahoro n\u2019umutekano nkako ni na we yamana n\u2019utwana dutoya\ntwomufatirako akarorero\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umukenyezi araburira amahoro mu\ndukorwa two muhira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nikobamye Salvator ni umunyeshure yiga muri\nKaminuza imwe iri mu gisagara ca Bujumbura. Afatiye akarorero k\u2019ingene ibintu\nvyifashe mu Burundi, aremeza ko umugore n\u2019umugabo badafise ibikorwa bimwe mu\nkibano vyerekana akarenganyo umugore agirirwa. Agira ati: <em>\u00ab Umugore afise udukorwa twinshi umugabo atabazwa: nko gusenya, kuvoma,\nguteka, kwoza abana, kwahirira ibitungwa, kurima, \u2026 aho hose umugabo aba yibereye\nmu kabare\u00bb. <\/em>Uyo musore akabona ko hariho akarenganyo kajanye n\u2019ivyo bikorwa\nbabona ko umenga ntibiboneka umugore akora ariko ntabishimirwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Yishimikije icegeranyo cakozwe na Oxfam mu\n2019, Rwamo na we avuga ko ico cegeranyo cerekana ko hari akarenganyo gakabije.\nKuko ngo umugore akora cane siwe yisununura ku bijanye n\u2019amafaranga.&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;  Aguma akena ata n\u2019uwumuraba ariko ngo ugasanga\numugabo ni we aca atunga cane. Agira ati: <em>\u00abBirababaje,\nuzumva hari abagabo bavuga ngo: umugore wanje nta kazi afise kandi yirirwa\narakora ibikorwa mbabara muryango kuva mu gatondo gushika ku mugoroba. Ni hamwe\nanataha umugore akaryamira amahiri \u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Adelin Hatungimana, umuhuzabikorwa mw\u2019ishirahamwe mpuzamakungu Accord afatiye ku vyashikirijwe mu kiyago barimwo, akaba yavuze ko amahoro n\u2019umutekano bihera mu rugo imbere yuko ashika mu kibano, mugihugu no kw\u2019isi yose. Ku bw\u2019ivyo, urwaruka rukwiye kwaruka ruzi yuko abagabo bahamagarirwa gufashanya no kwubahana n\u2019abakenyezi babo kugira bubake ikibano ciza kirangwa amahoro n\u2019umutekano, ni naho bazubaka isi izira ubugunge.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Urwaruka rurakwiye gukurana umutima runtu, rukaruka ruzi akamaro n\u2019ikibanza ntangere umukenyezi afise mw\u2019iterambere ry\u2019imiryango n\u2019igihugu. Ariko rero ngo ntaterambere rishoboka at\u2019amahoro ahari. Urwaruka ntirwokwibagira kandi ko amahoro meza ahera mu rugo. Ku rundi ruhande naho ngo umugabo agirwa n\u2019umugore kuko bose buzuzanya. Ninaco gituma umugabo yotana n\u2019ikigazuzo imigenzo n\u2019imico icinyiza umukenyenzi Hari mu kiyago cabaye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4776,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[226],"coauthors":[189],"class_list":["post-4774","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-ubutinyanka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4774","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4774"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4774\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4778,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4774\/revisions\/4778"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4776"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4774"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4774"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4774"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4774"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}