{"id":4769,"date":"2020-07-20T14:12:23","date_gmt":"2020-07-20T12:12:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4769"},"modified":"2020-07-20T14:36:24","modified_gmt":"2020-07-20T12:36:24","slug":"burundi-ibice-birenga-75-kwijana-abarundi-igisata-uburimyi-intambamyi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibice-birenga-75-kwijana-abarundi-igisata-uburimyi-intambamyi\/","title":{"rendered":"Ibice birenga 75 kw\u2019ijana vy\u2019abarundi bakorera mu gisata c\u2019uburimyi n\u2019ubwo gifise intambamyi nyinshi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ni kubera iki bahurumbira igisata c\u2019uburimyi? Vyoba ari vyiza cane twishuye ico kibazo dukoresheje ibiharuro vyavuye mu vyigwa vyakozwe. Muri iyi&nbsp; inkuru tugire tubashikirize, ikinyamakuru Jimbere kiragaruka cane ku bijanye n\u2019ico gisata kivamwo ica kane c\u2019ubutunzi buboneka mu Burundi buri mwaka.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igihugu gito kiri\nmu karere k\u2019ibihugu vya Afirika y\u2019ubuseruko, Uburundi ni igihugu gifise uburinganire\nbwababa ibirometero kwadarato 28000. Mu mwaka w\u20191962 Abanyagihugu bakibamwo\nbaharurigwa mu miriyoni 2,9 bakaba barigwije incuro zine kuva ico gihe gushika\nmu 2015 aho bari bageze ku miriyoni 11 z\u2019abantu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bw\u2019iryo\ngwirirana rikomeye ry\u2019abantu mu gihugu, usanga benshi baba mu mitumba kandi\nbatunzwe n\u2019ukurima ivyo bigatuma hibonekeza itituka ry\u2019amasoko y\u2019ubutunzi kama.\nUbu ibiharuro vyerekana ko Uburundi buri mu bihugu bifise abantu benshi muri\nAfirika: abantu bababa 400 ku kirometero kwadarato, bukaba bufata ikibanza ca\ngatatu inyuma y\u2019Urwanda n\u2019izinga rya Maurice.<\/p>\n\n\n\n<p>Umugambi w\u2019igihugu\nujejwe iterambere (PND) mu vyo washikirije ku bijanye n\u2019ingene ibintu vyifashe\nmu gisata c\u2019uburimyi mu Burundi, urerekana akamaro n\u2019uruhara rw\u2019uburimyi mu\nbutunzi bw\u2019igihugu: <em>\u00abUburimyi burafasha\ngushika ku bice 39,6% bw\u2019ivy\u2019Uburundi bukoresha ku mwaka, ibice 84% vy\u2019abakozi\nbakorera mu burimyi, ibice 95% vy\u2019ivyimburwa&nbsp;\nkandi ni ho hava ivyimburwa bikoreshwa mu mahinguriro ahingura ibiterwa<\/em>\u00bb.\nAriko n\u2019ubwo biri ukwo: \u00ab<em>B<\/em><em>ivuye ku\nmahindagurika y\u2019ibihe, ubu uburimyi busigaye butanga umwimbu muke. Muri iki\ngihe umwimbu mu burimyi n\u2019ubworozi uri hasi cane y\u2019umwimbu warukenewe<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intambamyi n\u2019ivyiza vy\u2019igisata c\u2019uburimyi: ubutaka,\nimyavu y\u2019ikizungu n\u2019ukwimbuka<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dufatiye ku vyigwa\nvy\u2019igihugu vy\u2019uburimyi mu Burundi(ENAB),&nbsp;\nuburimyi bukorwa n\u2019ibice birenga 90% vy\u2019abantu, tugereranije n\u2019imiryango\ny\u2019abantu bashika umuriyoni bakorera muri ico gisata dusanga buri rugo rwose\nrurima ikivi kingana ,n\u2019igice c\u2019ihegitari. Ibice vy\u2019isi ndimwa vyababa 90%&nbsp;&nbsp; bikaba biterwamwo ibiterwa mbumbarugo kandi\nibice 80% vyimburwa mu gihugu bikaba bifungurwa n\u2019ababa mu gihugu. Ibiterwa\nmbumbarugo rero biri mu migwi mikurumikuru y\u2019ibiterwa: Ibinyantete, imboga,\nibinyamizi hamwe n\u2019ibinyamateke vyerera mu kuzimu, ibinyamavuta hamwe\nn\u2019ibitoke. Kuri ivyo tudondaguye, hiyongerako ibiterwa birimirwa gushorwa ari\nvyo ikawa, icayi, ipampa, ikigazi, igikaju(umusigati) hamwe na \u00ab<em>quinquina<\/em>\u00bb-\nUburundi bukaba bushora mu makungu ibirenga ica kabiri c\u2019ivyimbuwe kuri ivyo\nbiterwa( amakuru dukesha ibiharuro vy\u2019ibanki nkuru y\u2019igihugu BRB).<\/p>\n\n\n\n<p>Naho ibiterwa\nmbumbarugo ari vyo vyiganje&nbsp; mu\ngihugu,&nbsp; bihura n\u2019intambamyi nyinshi\nzituma habaho igabanuka rikabije ry\u2019umwimbu. Izo ntambamyi na zo ni izi: Isi\nyaratitutse bivuye k\u2019ugudakoresha bishemeye umwavu w\u2019ikizungu, ukutaryohora\nbikwiye ubuhinga&nbsp; bujanye n\u2019ukumenya\ngukoresha amazi, kunagura no guha agaciro uburimyi, uguhingura no kubika neza\numwimbu, abarimyi bataronswa ingurane bashaka mu mabanki bashobora gushira mu\nburimyi, ukubura aho kurima hakwiye biturutse kwigwirirana ry\u2019abantu,\nukutamenya uburyo bwiza bwo kurima( ibice 10% vy\u2019abarimyi ni bo bahurikiye&nbsp; mu mashirahamwe y\u2019uburimyi)\u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi,\nivyigwa vyakozwe na ENAB vyerekana ko ico gisata c\u2019uburimyi kitabuze na co\nivyiza co kwiratira: gifise abantu bagikoramwo bakiri bato, abakozi&nbsp; benshi bakorana inguvu muri ico gigisata\nc\u2019umuburimyi( ibice 80% vy\u2019abarimyi ni abagore), ibihe vy\u2019irima bishobora\ngushika bitatu ku mwaka, ubwoko bwinshi bw\u2019ibiterwa bishoka hanze hamwe\nn\u2019ubwinshi bwibiterwa mbumbarugo, ukuba hari 120 000 ha vy\u2019ibiyaya bitararimwa,\ninzuzi, imvura ishobora kurwa amezi atandatu ku mwaka,\u2026<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intererano ya Reta n\u2019amashirahamwe bakorana mu guteza\nimbere ico gisata<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imbere y\u2019intambara\nyo mu 1993 imitahe yakozwe&nbsp; n\u2019inguvu Reta\nyashize mu bisata bijanye n\u2019uburimyi n\u2019amahinguriro, imyavu y\u2019ikizungu, imihora\nyo kwiyunguruza (amabarabara, mu mazi, mu kirere,\u2026), inyubakwa zo\nkwimburiramwo, gukingira ibidukikije,&nbsp;\nubushakashatsi bwakozwe kuri ivyo&nbsp;\nbwaragize ico buvamwo gishimishije n\u2019ubwo muri rusangi ivyo bakuyemwo\nbitashitse ku buryo bari bashize muri ico gisata c\u2019uburimyi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo\nkunagura umwimbu uva mu burimyi no kugabanya&nbsp;\nubukene bw\u2019ibifungurwa, Uburundi bwaritunganije ku bijanye n\u2019ibikoresho\nbikoreshwa mu migambi y\u2019uburimyi. Muri yo hari mwo PNIA( umugambi w\u2019igihugu\nushira imitahe mu burimyi). Uyo ukaba wakomotse kuri PNSEB( umugambi w\u2019igihugu\nutanga ifumbire y\u2019ikizungu) kuva mu 2012, umugambi wa Reta wo kuronsa abarimyi\nimbuto zirobanuye, itunganywa rishasha ry\u2019iterwa ry\u2019ibiterwa vy\u2019ikawa, icayi,\nipampa, umuceri&nbsp; mu dushirahamwe, \u2026 mu\nntumbero yo gushira mu ngiro&nbsp; imigambi\nn\u2019amategeko, Reta ikorana n\u2019amashirahamwe ayifata mu mugongo yaba ayo mu gihugu\ncanke amashirahamwe mpuzamakungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Dutange akarorero\nk\u2019ibikorwa vy\u2019ubuserukizi bw\u2019Ingoma y\u2019abaholanzi mu Burundi biciye mu mugambi\nPAPAB (umugambi ushigikira ukugwiza umwimbu mu burimyi mu Burundi) mu ntumbero\nyawo yo kwongereza akanovera isi ndimwa mu gukwiragiza ifumbire mu gihugu\nbiciye muri PNSEB no guhamagarira abarimyi kurwiza umwimbu biciye mu\nmashirahamwe meza y\u2019abarimyi. Umugambi ufasha abarimyi barenga 160000; aho\nibikorwa vy\u2019ishirahamwe<em> One Acre Fund Burundi<\/em>&nbsp; rikorera mu ntara zitandukanye z\u2019igihugu mu\ngufasha abarimyi kugwiza umwimbu&nbsp; rikaba\nrironsa abarimyi ingurane yintabire y\u2019ikizungu kandi rikanabigisha ubuhinga bwo\nkurima bubashikana ku kwimbura umwimbu mwinshi. Ubu iryo shirahamwe rikorana\nn\u2019abanywanyi 93,000,\u2026<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ugukoresha umwavu kuburyo budatitura isi ndimwa\nbigatuma umwimbu wiyongera<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Icegeranyo ca\nnyuma ca ENAB cerekana ko:<em>\u00abUkuronswa\nivyankenerwa mu burimyi( imbuto, umwavu,imiti y\u2019ica udukoko tuja ku biterwa)\nbitangwa na Reta muri iyo migambi bituma habaho igabanuka ku biciro n\u2019ibiguzi\nvy\u2019ivyimburwa\u00bb. <\/em>Ariko, ico cegeranyokiragabisha\nko<em>: \u00abMu gihe Reta itohabera magabo, uwo\nmugambi woshobora guhimiriza abarimyi gukoresha umwavu mwishi w\u2019ikizungu, ivyo\nna vyo bikaba vyoshobora kubangamira ubutunzi bw\u2019igihugu kandi bikanonona\nibidukikije\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Urashobora kwibaza\nko uburimyi bwo kugwiza umwimbu hakoreshejwe ifumbire y\u2019ikizungu&nbsp; bwamye bukorwa kuva kera mu Burundi, ubu\nbwoba bugiye kurangira (gukurwaho)? Bitayeko ko abahagarariye umugambi\nw\u2019uburimyi bwubahiriza ibidukikije bavuga ko uwo mugambi wo kurima hakoreshejwe\nifumbire y\u2019ikizungu&nbsp; ari wo <em>\u00abwatumye isi ndimwa itituka<\/em>\u00bb. Dufatiye\nku ntambamyi n\u2019ivyiza twamaze kuvuga biri mu gisata c\u2019uburimyi, ni ibiki\nvyoshobora gukorwa mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata gisanzwe ari\nishingiro ry\u2019ubutunzi bw\u2019igihugu?&nbsp; Hari\nho ivyiyumviro bitari bike tuzobashikiriza mu nkuru ikurikira iyi.<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ni kubera iki bahurumbira igisata c\u2019uburimyi? Vyoba ari vyiza cane twishuye ico kibazo dukoresheje ibiharuro vyavuye mu vyigwa vyakozwe. Muri iyi&nbsp; inkuru tugire tubashikirize, ikinyamakuru Jimbere kiragaruka cane ku bijanye n\u2019ico gisata kivamwo ica kane c\u2019ubutunzi buboneka mu Burundi buri mwaka. Igihugu gito kiri mu karere k\u2019ibihugu vya Afirika y\u2019ubuseruko, Uburundi ni igihugu gifise uburinganire [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":25,"featured_media":5370,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[],"coauthors":[181],"class_list":["post-4769","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4769","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/25"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4769"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4769\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4871,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4769\/revisions\/4871"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5370"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4769"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4769"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4769"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4769"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}