{"id":4729,"date":"2020-01-22T15:48:04","date_gmt":"2020-01-22T14:48:04","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4729"},"modified":"2020-05-09T14:15:20","modified_gmt":"2020-05-09T12:15:20","slug":"bujumbura-urusimbi-ubunyonyezi-burundi-banyagisagara-be-maso","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-urusimbi-ubunyonyezi-burundi-banyagisagara-be-maso\/","title":{"rendered":"Banyagisagara, be maso !"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ikete rya mbere rya Njebarikanuye ryerekeye ubusuma n\u2019ubunyonyezi bwigize ndanse mu bisagara.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Banyagisagara\nbenewacu nkunda cane,<\/p>\n\n\n\n<p>Mbaje\nkubaramutsa ndabifuriza umwaka mushasha wa 2020. Ndabandikiye iri kete\nndabamenyesha ko aho muba hari ibimwenyi n\u2019ibisiga bishonje biryamiye amajanja.\nBamwe babita abanyamitwe abandi bakabita abatuwuneri, mugabo baragisibije\nbenedata&nbsp;! Bakoresha amayeri n\u2019amanyanga akomeye kugira mwikore mu mifuko\nmubahe ivyo mwabiriye akuya. Ndabasavye n\u2019ukuri kwose, mwirinde abo basuma babahenda\nngo bashaka kubatungisha mu mwanya muto. Bamwe data ngo zana amahera make ngo\nbayagwize muronke menshi, abandi ngo natomboye nyereka kuri Lona duca tugabura\nkuko sindahazi nd\u2019uwaruguru<strong>.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Benshi\nmuri mwebwe baramaze kwisopa amahera n\u2019amaterefone bakayakorera ivyo\nbipfamutima, siko none ? Benshi muri mwebwe bagiye kwibuka kwambara bwakeye\nkera, bakikangura izo mbura kimazi zabasahuye zagiye kera. Eee !! Abakongomani\nbati&nbsp;: \u00ab Kebanayo \u00bb ! Nanje nti : &nbsp;Be maso ! <\/p>\n\n\n\n<p>Ehee,\nbagenzi banje kanura, aho mubisagara harakurya hatakubariye&nbsp;! Uburyo bwiza\nbwo kwirinda abasuma bo mu gisagara, ni ukwima amatwi n\u2019amaso abo bose bakwereka\nko barajwe ishinga no kugutungisha kandi batakuzi. Barafise ba se na ba nyina.\nBarafise bashiki babo na ba inarume eka barafise imiryango. Baratungisha abo b\u2019iwabo\nmwebwe mubiyime. Abo ni imbobo zo mu muji. &nbsp;N\u2019ijisho borigutwara ukanabaherekeza.<\/p>\n\n\n\n<p>Muti\n\u00ab mbe ivyo uvuga urabifitiye ivyemezo \u00bb ? Cane nyene ndi na vyo. Umvurize\nbagenzi ndabayagire ivyashikiye umwigeme Niyonsaba Anita avuka mu ntara ya Kayanza.\nUwo mwigeme yashitse i Bujumbura aje kwiga muri kaminuza y\u2019Uburundi. Ntahejeje ?\nBurya yaciye aja mu vyo kwikorera utwiwe. Yadandaza ama inite ya Lumicash na\nEcocash. Umunsi umwe avuye gutora amahera muri Interbank yo kudandaza, aca ahura\nn\u2019umutama amusaba ko yoja kumutorera amahera imiriyoni 7 yatomboje muri Lona.\nMaze amwemerera kumuhamwo imiriyoni 2. <\/p>\n\n\n\n<p>Kugatima,\nwa mukobwa ati : \u00ab<em> Ahwiii&nbsp;! Ndaronse amafaranga yo\nkwongereza umutahe ntavunitse \u00bb&nbsp;<\/em>!Ngabo baragiye, ntibahageze&nbsp;? Wa mutama\namuhaye impapuro ngo aje kumutorera za miriyoni. Ngaho aba amusavye\ngusiga ivyo afise vyose imbere yo kwinjira. Agira ati: \u00ab <em>Bagenzi, yambwiye\nkwataco binjirana bagiye gutora za miliyoni <\/em>\u00bb. Erega yahavuye asiga isakoshi\nirimwo ibihumbi amajana atandatu na terefone 2 harimwo n\u2019iyo yakoresha kuri WhatsApp.\nWari kugira ngo yarozwe. Yarinjiye ashitse aho yatumwe, baratwenga baruma abo\nahasanze bamubwira ko yibwe kuko tike ya Lona yarafise yari iya magendo.\nYasubiye inyuma yiruka asanga ahari ihene hasigaye ikiziriko. Yikubise hasi\navuza induru. Umutama fye! Yari yahise kera.<\/p>\n\n\n\n<p>Si uwo gusa hari n\u2019uwitwa Niyonkuru\nEric, wewe n\u2019umushomeri. Ngo yagize gutya abona ubutumwa bugufi muri terefone bumubwira\nko aronse akazi muri UNHCR ariko asabwa kurungika amafaranga 250.000Fbu kuri\nterefone yo guhiga impapuro zituma atangura akazi. Erega yahavuye agurisha\nagaparasera kiwe kari ruguru. Yakize guheza kuyarungika terefone y\u2019uwo\nayarungikiye yazimye nk\u2019ejo. Ubwenge\nbwagiye kugaruka akanyoni kamaze kuguruka. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Banyamuji\nndabarahiye, ivyo ndiko ndababwira ni ukuri kutagabanije. Ahantu no mu gipolisi\nbabizi ! Naratiye agashambara nterefone na Pierre Nkurikiye umuvugizi\nw\u2019igipolisi c\u2019Uburundi kuri ico kibazo maze ambwira ati&nbsp;<em>: <\/em>\u00ab\n<em>Abasuma ni benshi mu gisagara.\nBaguma bahindura uburyo bwo kwiba. Batakwivye bakoresheje ikarata bakina ku\nmabarabara bakwiba biyambitse ishusho y\u2019abategetsi mu kwishira ku mbuga\nngurukanabumenyi<\/em>. <em>Hari abazokubwira\nuje kubatorera amafaranga batomboje kuri Lona. Abandi baze mw\u2019ishusho y\u2019abavuga\nbutumwa, uri abigira abaserukira amashirahamwe akomeye bashaka kuguha akazi,\nabadandaza amahera ku mbuga ngurukanabumenyi n\u2019abandi \u00bb.<\/em> Murahabere maso !&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Uwo\nNkurikiye avuga ko n\u2019ubwo abo basuma bahanganye n\u2019igipolisi mbere n\u2019imikwabu ikorwa,\nbamwe bagafatwa bagapfungwa bagakorerwa amadosiye ngo baguma biba bakoresheje\nubutumwa bugufi bibereye mu mabohero.<\/p>\n\n\n\n<p>Banyamuji\nnamwe basilimu, umve akamo k\u2019uwo muvugizi abasaba mwebwe muba mu gisagara ko\nmwofashanya nyabuna n\u2019abapolisi mugatuza abo ba \u00ab Escrocs \u00bb. Wawundi ati\nabambuzi nta bara bafise. Bagutera utiteguye bakagusiga urukombamazi. Gabe mwe\nbatawuneri mwese nay\u2019ubundi bazobasiga imbokoboko. Nti mumere nka ya mbeba\nyakurikiranye ivya gusa ihasiga agatwe. <\/p>\n\n\n\n<p>Ncuti zanje, ndangije ndabibutsa ko n\u2019ubwo imbeba ihabwa\nurudagara rukaranze neza, si uko umutezi aba ayikunda. Z\u00e9non Manirakiza ni we\nyivugiye ati : \u00ab <em>Ivya gusa biri ku mutego <\/em>\u00bb<em>.\n<\/em>\u00ab Ikibwirwa n\u2019icumva !\n\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Njeribakanuye<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ikete rya mbere rya Njebarikanuye ryerekeye ubusuma n\u2019ubunyonyezi bwigize ndanse mu bisagara. Banyagisagara benewacu nkunda cane, Mbaje kubaramutsa ndabifuriza umwaka mushasha wa 2020. Ndabandikiye iri kete ndabamenyesha ko aho muba hari ibimwenyi n\u2019ibisiga bishonje biryamiye amajanja. Bamwe babita abanyamitwe abandi bakabita abatuwuneri, mugabo baragisibije benedata&nbsp;! Bakoresha amayeri n\u2019amanyanga akomeye kugira mwikore mu mifuko mubahe ivyo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4731,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[23],"coauthors":[34],"class_list":["post-4729","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4729","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4729"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4729\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4732,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4729\/revisions\/4732"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4731"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4729"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4729"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4729"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4729"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}