{"id":4718,"date":"2020-01-21T08:41:02","date_gmt":"2020-01-21T07:41:02","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4718"},"modified":"2020-05-09T14:15:13","modified_gmt":"2020-05-09T12:15:13","slug":"kaminuza-burundi-umwaka-ishure-2020","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kaminuza-burundi-umwaka-ishure-2020\/","title":{"rendered":"Muri Kaminuza y\u2019Uburundi, bamwe mu banyeshure batanguranye ukujuragirika"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uwu wa 20 nzero, Kaminuza y&rsquo;Uburundi yakiriye abanyeshure baje gutangura umwaka w&rsquo;ishure wa 2019-2020. Bamwe muri bo bakaba bariko barajuragirika kubw\u2019utubazo dutandukanye nk\u2019ukutisanga ku ntonde z\u2019ibisata bari barahawe, kuba batumweko batarakwiza impapuro zisabwa, &#8230; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Turi\nku munsi wa mbere w&rsquo;ishure. Kuri \u00ab Paruwasi \u00bb (ikigo ku Mutanga), abanyeshure\nbashasha bari bitabiriye akamo ko gutangura ivyigwa. Abashika babanza\nkwiyandikisha kugira binjire mw&rsquo;ishure. Ariko hari n&rsquo;abandi basubizwa inyuma\nkurondera impapuro zibura mu zo bategerezwa kuba bafise kugira bandikwe. Urupapuro abatari bake wasanga badafise ni urwo bita mu kinofunofu\n: Attestation de r\u00e9ussite \u00e0 l&rsquo;Examen d&rsquo;\u00c9tat. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikibazo si ico kudakwiza ibisabwa gusa \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu\ngihe bamwe baba bariko bariyandikisha hari abandi wasanga bariko bandikira\namakete umuyobozi wa Kaminuza y\u2019Uburundi (Recteur) kubera ko batisanze ku\nrutonde rw\u2019abahawe ibisata kandi bari baraje gusaba ivyo bipfuza kwiga\nbakavyemererwa ndetse bakabaha n&rsquo;udupapuro twemeza ibisata bihitiyemwo. <\/p>\n\n\n\n<p>Hari\nuwundi mugwi rero w\u2019abanyeshure basa n\u2019abajumarariwe eka bahagaritse imitima\nbibaza nimba bazoshobora kwiga ibisata bahitiwemwo kuko ngo basanze ata huriro\nnamba riri hagati y\u2019ivyo bahawe n\u2019ivyo bo ubwabo bari barisabiye. Abo\nbanyeshure rero bakaba bariko barashakisha kumenya iyo baca n\u2019ivyo bokora\nkugira bashobore guhinduza ibisata bahawe batipfuza. <\/p>\n\n\n\n<p>Hari abo wasanga bize ibisata vy&rsquo;ubuhinga (Scientifique A canke B) bakiri mu mashure yisumbuye, ariko bakaba basanze babashize mu bisata vy&rsquo;indimi canke abashizwe mu vy\u2019ubuhinga kandi bo bari bize indimi. Bakabona ko bizobagora cane kwiga.&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"xBDsGMsYAr\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikibazo-uburaro-kaminuza-burundi\/\">Kuronka imatera ni umuzi w&rsquo;ibuye muri kaminuza y\u2019Uburundi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Kuronka imatera ni umuzi w&rsquo;ibuye muri kaminuza y\u2019Uburundi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikibazo-uburaro-kaminuza-burundi\/embed\/#?secret=7ZHV44xfDi#?secret=xBDsGMsYAr\" data-secret=\"xBDsGMsYAr\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ico babivugako mu buyobozi bwa Kaminuza y\u2019Uburundi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019ivyo bibazo vy\u2019abo banyeshure, Paul Hakizimana umuyobozi w\u2019inyigisho za Kaminuza amenyesha ko abo batisanze ku ntonde babwirizwa kwandikira \u00ab Recteur \u00bb amakete bagafatanyako n\u2019agapapuro bari barahawe kerekana igisata bari bihitiyemwo. Akemeza ko bazoca batunganirizwa. Hama kubatanditswe kubera kubura \u00ab\u00a0Attestation de r\u00e9ussite \u00e0 l&rsquo;Examen d&rsquo;\u00c9tat\u00a0\u00bb, uwo muyobozi avuga ko bamaze kubwira abarongoye ibisata muri Kaminuza ko babandika bakabandanya barondera  impapuro zibura gahorogahoro bari mw&rsquo;ishure gushika igenekerezo rya 14 ruhuhuma 2020.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo\nku kibazo c\u2019abahawe ibisata batipfuza uwo muyobozi yagize ati&nbsp;<em>: <\/em>\u00ab\n<em>Vyavanye n\u2019amanota baronse. Nimba\nhari abaronkejwe ibisata basavye, nuko bari bakwije amanota ahuye na vyo. Hari\nrero n\u2019abandi basavye ibisata bihabwa ab\u2019amanota menshi kandi bo bafise make.\nAbo rero bumve ko ibibanza vyuzuye ntitwashobora kubaha ivyo bipfuza. Tuzoraba\nneza kwatawe twarenganije <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko abanyeshure bari bitezwe gutangura uwu mwaka, nkuko vyashikirijwe n\u2019umuyobozi Paul Hakizimana afatiye ku rutonde rw\u2019abari biyandikishije, bashika 4.801. Ariko akavuga ko ico gitigiri gishobora kw\u2019iyongera kubera abo bariko barandika amakete batisanze ku ntonde hamwe n\u2019abandi bataje kwiga umwaka uheze mugabo bakaba bariko barasaba kuza gutangura uwu mwaka. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uwu wa 20 nzero, Kaminuza y&rsquo;Uburundi yakiriye abanyeshure baje gutangura umwaka w&rsquo;ishure wa 2019-2020. Bamwe muri bo bakaba bariko barajuragirika kubw\u2019utubazo dutandukanye nk\u2019ukutisanga ku ntonde z\u2019ibisata bari barahawe, kuba batumweko batarakwiza impapuro zisabwa, &#8230; Turi ku munsi wa mbere w&rsquo;ishure. Kuri \u00ab Paruwasi \u00bb (ikigo ku Mutanga), abanyeshure bashasha bari bitabiriye akamo ko gutangura [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4720,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[252],"coauthors":[189],"class_list":["post-4718","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-ub"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4718","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4718"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4718\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4727,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4718\/revisions\/4727"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4720"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4718"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4718"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4718"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4718"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}