{"id":4715,"date":"2020-01-20T10:04:17","date_gmt":"2020-01-20T09:04:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4715"},"modified":"2020-05-09T14:15:07","modified_gmt":"2020-05-09T12:15:07","slug":"burundi-ivyiza-bizwi-imbwa-inkomoko-imyibutsa-ikirundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ivyiza-bizwi-imbwa-inkomoko-imyibutsa-ikirundi\/","title":{"rendered":"Burundi : ivyiza bizwi ku mbwa n\u2019inkomoko y\u2019inenwa ryayo"},"content":{"rendered":"\n
Mu Burundi, hari ibikoko vyinshi. Ariko nta kirya inomero imbwa\u00a0 mu gusuzugurika\u00a0 ku buryo kugereranya umuntu na yo bingana igitutsi\u00a0 gikomeye. Naho biri uko, ngo yitwa Inziraguhemuka. Hambavu y\u2019ivyo, iritizwa cane haba mu myibutsa y\u2019ikirundi ihanura abantu ndetse ikishimikizwa no mu kugereranya ibikorwa vy\u2019ubuhizi bw\u2019abantu. Kuki rero ico gikoko kigendanira shebuja, kikiryamira\u00a0 aho avyagiye cahavuye cakwa agaciro\u00a0?<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Burya\numurundi nta co abonera ubusa. Atagikuyeko igitutsi agikurako umugani. Imbwa\niramurarira mbere rimwe na rimwe akayituma inyama mu ruhigi. Ntayituma\nkurahura  ariko arayikenera kenshi. \u00abUragasangira n\u2019imbwa\u00bb ni igitutsi gikomeye kuri we.\nNtayirya ariko ariye ntayibagira, kanatsinda n\u2019iyo yagize ico ifata mu ruhigi,\nhari inyama ayisigira mu kuyishimira. Bivugwa ko ata gaciro kazo mu Burundi\nariko n\u2019i bwami zirabundabundirwa mpaka zibwe( Maconco, i Bwami)\u2026.<\/p>\n\n\n\n
Imbwa irakoreshwa mu  ngereranyo\nzirora ivyiza<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Naho ico gikoko kiboneka ko gikengeretse nyabuna\u00a0 hari ivyo tucigirako. Hari uburanga bwaco umurundi yitiza ( Cane cane mu mvugo) iyo ashaka ko n\u2019abandi bohakura icigwa.\u00a0 \u00abAfise umwete nk\u2019imbwa isara\u00bb: Bisigura ngo uwo muntu ntiyirazako ikivi, arashiruka ubute. Yiruka nk\u2019imbwa\u00a0: aranyaruka cane gose. <\/p>\n\n\n\n
\u00a0Erneste Nahimana, umukurambere yize ivy\u2019imico n\u2019akaranga nyafirika muri Kaminuza y\u2019Uburundi \u00a0 avuga ko burya imbwa bayita Inziraguhemuka. Ijanye n\u2019umuntu akagwarira ku nzira, ngo ntiyigera imuva i ruhande.\u00a0 Ngo iranuranura hafi y\u2019aho ariko iragaruka ikarara aho araye. Uwo muntu n\u2019iyo apfiriye ku nzira, imuguma impande gushika anuke kandi na ho nyene nanzi ngo irakunda inyama, ntigeza kumurya. Igukunda ukomeye, ikagukingira kandi n\u2019iyo upfuye, itasaze, ntipfa ihemutse ngo irye ikiziga ca shebuja.<\/p>\n\n\n\n
Ariko rero\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Ngo amakosa yayo ntaharurika. Ernest abandanya agira ati:\u00abBurya imbwa ni ikimenabanga kandi imaramaza umuntu muri vyinshi. Imbwa nta co yinenaguza.N\u2019amazirantoke iraheha. Ikaguherekeza mu rubanza izokumaramaza kuko bugingo baguhaye icicaro yo izokwiruka gusutama aho bariko barateka canke naho ije kunuranura irondera amagufa mw\u2019iyarara. \u00bb <\/em>Abarundi bati imbwa y\u2019umukwe ni yo mukwe ( Nimba atashoboye kurera imbwa yiwe, n\u2019uwacu bizomugora kumukurikirana. Kubw\u2019ivyo, nta mugeni wacu tumuha). Erega\u00a0 umuntu nya muntu afise ubuntu, ni uwanka ko bomugaya. Imbwa yo rero ntinena\u00a0 kandi irangwa n\u2019umwanda. Ni\u00a0 insuma (Imbwa itobotse ubuhanza ntiba yamenye inzu nke). Ari na yo mpamvu bavuze ngo naka afise amakosa nk\u2019ay\u2019imbwa baba bakubonye ko amafuti menshi cane nk\u2019ayo yose yadondaguwe ku mbwa.<\/p>\n\n\n\n
Imwe mu myibutsa y\u2019ikirundi ifatira ku mbwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Urya nk\u2019inka ugapfa nk\u2019imbwa( ugusesagura)
Imbwa ntitinyirwa amenyo maremare itinyirwa Shebuja (Akarengane)
Abagabo bararya imbwa zikishura( Akarengane)
Imbwa ntiseka iba igomba kukurya( Ubwiyorobetsi)
Amabinga y\u2019indura ashira ipfuye(Kamere)
Imbwa irakira ariko ntikira uguhunahuna( kamere)
Umuntu iyo ashonje aribuka n\u2019ubwo yahaye imbwa( ibihe bitoroshe)
Ugaburira umworo imbwa zikagwana( Ishari)
Imbwa iravyagira ikaba iraye inzara( ingaruka z\u2019ubunebwe)
Imbwa y\u2019umworo yiba igwaye (Ubukene)
Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha( Ubwibone)
Usangira ibanga n\u2019imbwa ikarikwiza ibisaka( Kutagumya ibanga)
Imbwa ibura se ntibura shebuja (inzego)<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Mu Burundi, hari ibikoko vyinshi. Ariko nta kirya inomero imbwa\u00a0 mu gusuzugurika\u00a0 ku buryo kugereranya umuntu na yo bingana igitutsi\u00a0 gikomeye. Naho biri uko, ngo yitwa Inziraguhemuka. Hambavu y\u2019ivyo, iritizwa cane haba mu myibutsa y\u2019ikirundi ihanura abantu ndetse ikishimikizwa no mu kugereranya ibikorwa vy\u2019ubuhizi bw\u2019abantu. Kuki rero ico gikoko kigendanira shebuja, kikiryamira\u00a0 aho avyagiye cahavuye […]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4716,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[430],"coauthors":[231],"class_list":["post-4715","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-imbwa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4715","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4715"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4715\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4725,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4715\/revisions\/4725"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4716"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4715"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4715"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4715"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4715"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}