{"id":4708,"date":"2020-01-18T13:32:27","date_gmt":"2020-01-18T12:32:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4708"},"modified":"2021-01-27T16:35:18","modified_gmt":"2021-01-27T15:35:18","slug":"gufungura-ingene-bakora-icapati-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gufungura-ingene-bakora-icapati-burundi\/","title":{"rendered":"Icapati: ivyo mukwiye kumenya kuri iyo mfungurwa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu benshi babona icapati mu mazu y&rsquo;uburiro abandi bakazibona mu tudobo bariko barazitembereza bakazigura bazifungura ariko batazi uko zitegurwa ndetse n\u2019ivyo bavangamwo kugira zigire akanovera gatuma abantu benshi abato n\u2019abakuze bazihurumbira. Nimuvyisomere.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uramaze gufungura icapati? Nimba utaragifungura ngo wumve ingene\nkiryoshe ndibaza uramaze kwumva abacumvirije bacivuga ko ata yindi mfungurwa\nborya mu gatondo. C\u00e9dric Barutwanayo aba mu Bwiza. Icapati ngo yakigize\numugenzi ubu. Agira ati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Abantu\nbenshi bazi icapati ku duharage. Ariko mu vy\u2019ukuri icapati kw\u2019isose y\u2019inyama\nndagutumiye uze wumvirize nawe. Ni wararaye. N\u2019intoke wocirako ndakurahiye.\nJewe amafaranga ari mu kumperako&nbsp;\u00bb<\/em>. Nayo Birori mu kuyica umurya avuga\nko icapati ari nk\u2019itabi ry\u2019igikamba. Iyo wamenyereye aho kiryoshe uhakurwa\nn\u2019amadeni amahera yaguhezeko.<\/p>\n\n\n\n<p>Kukaba nkako, ushitse mu nzu z\u2019uburiro harimwo icapati wumva\nabavyihereza baguma bagira bati: \u00ab<em> Jewe icapati ku duharage. Nanje icapati ku\nmata \u00bb<\/em>. Eka hari n\u2019abo wumva babisabirako icayi. Erega no ku mabarabara urwaruka\nrwicira amaranga rurabitembereza mu tudobo kandi ruvuga ko ruca ayatari make.\nNdoricimpa Martin avuga ko iyo vyagenze neza akavyuka yumva afise ingoga zo\ngukata amakaritiye neza, ashobora kudandaza icapati ijana, gutyo 40.000Fbu\nakazizingira ku w\u2019inyuma kuko imwe ayitanga ku 400Fbu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ngezahayo Porotazi umusore adandariza mu nzu y\u2019uburiro iri mu Kamenge ku\nrya 5 na we aremeza ko icapati gikwega abakiriya. Akishimira amahera abikuramwo\nkuko ashobora kudandaza icapati ziri hagati ya 100 na 200. Akaba akora\nizitandukanye, iza 200 n\u2019iza 300Fbu. Akavuga ko ashobora kudandaza mu capati\ngusa amafaranga ari hagati ya 3.000 na 60. 000Fbu ku munsi. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Menya rero ingene icapati gitegurwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ngezahayo uwo benshi bahamagara \u00ab Ngeza \u00bb avuga ko ico\nkumenya kubijanye n\u2019itegurwa ry\u2019icapati ar\u2019uko gigorwa mw\u2019ifu y\u2019ifarini iva mu\ngiterwa c\u2019ingano. Uti none bigenda gute? Uyo musore aratugira ku muriri: <em>\u00ab Ufata ifarini ukavanga n\u2019amazi ashuhe.\nUragerageza ukagereranya amazi bivanye n\u2019ibiro vy\u2019ifu ushaka gukoramwo ico\ncapati. Nko mu biro 10 vy\u2019ifarini ncanshiramwo ijage zibiri z\u2019amazi ashushe\nhama nkavanga n\u2019amata iritiro zibiri, ibitunguru, n\u2019amagi. Mpejeje gukandura\nndaheza nkashira ku meza kugira nshobore kuyiha incapuro yayo nkoresheje akantu\ntwita umushoferi gakozwe mu giti. Ndangije ncashira mw\u2019ipanu nkayikaranga. Iyo\nbakayita Cr\u00eape simple&nbsp;\u00bb<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<p>Na we Olivier Manirambona asanzwe yararonse inyigisho ku bijanye no\nguteka, amenyesha ko icapati ziri mu migwi ibiri. Ubwa mbere akaba ari cr\u00eape\nsimple, na yo iya kabiri ikitwa cr\u00eape dessert. Iyi rero mu gutegurwa bakaba bayikora\nnka kurya bakoroga umusururu. Agira ati:\u00ab<em>\nUfata ifarini ukayivanga n\u2019amata ugashiramwo amagi, ibitunguru, sucre vannille,\nisukari ndetse ubishoboye uranakatiramwo udushishwa tw\u2019indimu dutoduto <\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;<strong>Icapati kiri n\u2019akamaro mu mubiri w\u2019abacihereza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Athanase Ntiyanogeye Umuhinga mu vyo gufungura neza avuga ko icapati\ngifise akamaro mu mubiri w&rsquo;umuntu kuko gihingurwa mu ruvange rw\u2019intunga mubiri.\nNk\u2019akarorero ingano ziri mu mugwi w\u2019imfungurwa ntanganguvu. Agira ati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Icapati ni ikiribwa kiryoshe kuko mu\nkugitegura bavangamwo utuntu turyoshe twinshi nk&rsquo;amata, amagi, isukari,\nn&rsquo;ibindi\u2026&nbsp;\u00bb<\/em>&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga mu bijanye n\u2019imfunguro avuga ko iyo mfungugwa yahoze ari iy\u2019abaswahili ariko ubu ihurumbirwa na benshi ari vyiza kuyisomeza icayi, ibiharage, umusururu naho nayo nyene ubwayo isanzwe imirika.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"> <strong>Inkuru yatororokanijwe na Gis\u00e8le Uwimana, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong>      <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu benshi babona icapati mu mazu y&rsquo;uburiro abandi bakazibona mu tudobo bariko barazitembereza bakazigura bazifungura ariko batazi uko zitegurwa ndetse n\u2019ivyo bavangamwo kugira zigire akanovera gatuma abantu benshi abato n\u2019abakuze bazihurumbira. Nimuvyisomere. Uramaze gufungura icapati? Nimba utaragifungura ngo wumve ingene kiryoshe ndibaza uramaze kwumva abacumvirije bacivuga ko ata yindi mfungurwa borya mu gatondo. C\u00e9dric Barutwanayo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4713,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,207],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-4708","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ubutunzi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4708","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4708"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4708\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4714,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4708\/revisions\/4714"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4713"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4708"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4708"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4708"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4708"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}