{"id":4703,"date":"2020-01-16T11:51:38","date_gmt":"2020-01-16T10:51:38","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4703"},"modified":"2021-01-27T15:55:40","modified_gmt":"2021-01-27T14:55:40","slug":"burundi-amagara-inkomoko-ijambo-nta-mugabo-atavyara","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-inkomoko-ijambo-nta-mugabo-atavyara\/","title":{"rendered":"Kuki kera bavuga ko abagore aribo gusa baba ingumba?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu kibano aho duherereye turamaze kwumva imvugo igira ngo \u00ab nta mugabo atavyara \u00bb. Ikinyamakuru Jimbere caregereye umuhinga mu mico n&rsquo;akaranga aratuyagira inkomoko y\u2019iryo jambo eka ndetse n\u2019uko abantu babifata muri kino gihe ca none. Mbega koko ni vyo nta mugabo aba ingumba? <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwa Ernest Nahimana umuhinga mu bijanye n&rsquo;imico n&rsquo;akaranga ukutamenya hamwe n&rsquo;ugushaka gukingira icubahiro c&rsquo;abagabo hamwe n\u2019ic&rsquo;umuryango biri muri bimwe bituma bavuga ngo \u00ab Nta mugabo atavyara \u00bb. Aha rero umuntu aca yibaza ati none vyagenda gute?<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga mu mico n&rsquo;akaranga abisigura avuga ati : \u00ab<em> Kera iyo umugabo azanye umugore, atavyaye yaca amwirukana. Uwa mbere, uwa kabiri bikagenda uko. Ku wa gatatu umuryango waba wamaze kubona ko ikibazo gifise umuhungu wabo kugira bikingire baca barungika uwo mugabo gushengera. Muri ico gihe murumuna w&rsquo;umugabo mukuru canke mutoya yaca aja kuryamana na wa mugore. Uyo mugore aciye avyara baca bemeza ko umuhungu wabo ariwe afise ikibazo. Umugabo agarutse yasanga umugore afise inda akibaruka uwa mbere uwa kabiri gushika no kuri minani muri ubwo buryo azi kw&rsquo;abana ari rwiwe kandi atarivyo ariho baca bavuga ngo ntamugabo atavyara <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri iki gihe\nca none hoba hariho abacemeranya n\u2019abo bakurambere?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bo twayaze\nbaremeza ko ata mugabo atavyara abandi na bo ngo habe namba bishikira bose.\nUmusore C\u00e9lestin Niyorurema twayaze aho twamusanze aha mu gisagara ca Bujumbura\nagira ati: <em>\u00abErega abagabo tuvuka\ntwarahezagiwe. Abagore ni nk&rsquo;umurima. Jewe nteragiye ikiba gisigaye ndaba\numurima umwimbu uzotanga. Kuko imbuto ziba zisanzwe zikomeye. Nta mugabo\nashobora gutera imbuto z&rsquo;ibijabija ntibibaho\u00bb.<\/em> Olivier Nahayo na we asa n\u2019uwuvuguruza\nico ciyumviro we agira ati: <em>\u00abIvyo jewe\nsindavyemera kuko ubu ubuhinga bwaraje batevye kuvyara bitura abaganga. Ahubwo\njewe novuga ko ubu abagabo benshi aribo batavyara kuko bishinga kunwa zirya\nnzoga zikaze cane kandi amatwi ansumira zoba na zo zitera ubugumba\u00bb<\/em>. Umwigeme\nDiane n&rsquo;akajwi gato ngo: <em>\u00abSha jewe nta co\nndabiziko! Ntavyo ndabona! Ivyo bizi Imana\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingaruka zibonekeza mu miryango iyo hari ico kibazo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uguharikwa, ugukubitwa eka ndetse no kwirukanwa mu rugo yagirizwa ko ariwe yaje guhonya umuryango ni bimwe mu bikunda gushikira umugore mu gihe hatabonetse ikibondo mu mu ryango wiwe.&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Umuhinga m&rsquo;uvyimico n&rsquo;akaranga Ernest Nahimana akunze kwiturwa n&rsquo;imiryango myinshi ifise ico kibazo ngo impanuro ya mbere atanga ni kwitura abaganga hama bamaze kubona ingorane batari buyitorere umuti ni kwihangana kuko ngo ntawushobora kuronka vyose: <em>\u00ab Ni ukwihangana maze ico wiyemeje ukacumako. Ntawuronka vyose ni nkuko hari abo Imana iha ubutunzi abandi ibaha ubukene, hari abo yahaye ukuvyara abandi ibaha ubugumba. Kuko hari n\u2019igihe uja kuvyara hanze abo bana bagapfa canke bakakubera gito <\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong>     <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu kibano aho duherereye turamaze kwumva imvugo igira ngo \u00ab nta mugabo atavyara \u00bb. Ikinyamakuru Jimbere caregereye umuhinga mu mico n&rsquo;akaranga aratuyagira inkomoko y\u2019iryo jambo eka ndetse n\u2019uko abantu babifata muri kino gihe ca none. Mbega koko ni vyo nta mugabo aba ingumba? Ku bwa Ernest Nahimana umuhinga mu bijanye n&rsquo;imico n&rsquo;akaranga ukutamenya hamwe n&rsquo;ugushaka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4704,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,213],"tags":[262],"coauthors":[34],"class_list":["post-4703","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ukubana","tag-abagore"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4703","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4703"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4703\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4707,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4703\/revisions\/4707"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4704"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4703"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4703"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4703"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4703"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}