{"id":4698,"date":"2020-01-15T14:36:15","date_gmt":"2020-01-15T13:36:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4698"},"modified":"2021-01-27T15:17:02","modified_gmt":"2021-01-27T14:17:02","slug":"ingene-amareresi-ashobora-kwonona-ubuzima-umwana-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ingene-amareresi-ashobora-kwonona-ubuzima-umwana-burundi\/","title":{"rendered":"Ingene amareresi ashobora kwonona ubuzima bw\u2019umwana"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu bisagara, ingo nyinshi usanga zifise imboneshakure zifasha imiryango guterama, kumenya amakuru, kwigisha abana ivy\u2019indimi n\u2019ibindi . Ariko rero zirashobora no kubangamira kazoza kabo mu gihe ivyo baraba bidakurikiranwe neza n\u2019ababakurira. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mugani w\u2019abakurambere, ngo ibintu birinze\nbibabaza umutima w\u2019umuntu bitegerezwa kugira inkurikizi ku bwenge bw\u2019umuntu\nnkuko nyene ibibangamiye ubwenge bigaragaza ingaruka ku mubiri. Ivyo ngo Minani\nImmacul\u00e9e wo mu Ngagara afise umwana yitwa Jean Michel Horicubunye\nyaravyiboneye n\u2019amaso yiwe. <\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muvyeyi agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Jean Michel agifise imyaka itandatu yaragiye gukina ku babanyi nkuko\nvyama ariko amaze gutaha I muhira yaranse gufungura, nyina abifata\nibisanzwe.&nbsp; Ntihageze kuryama umuhungu\naraturikisha ararira yanka kwirarana nkuko vyahora. Imvo ya vyose ngo yari\nyaravye ireresi iteye ubwoba cane kandi aho rero yari kumwe n\u2019abakuze\nbatiyumviriye kumusohora. Mu vy\u2019ukuri kugira uwo mwana wanje bimuvemwo vyafashe\nigihe kitari gito<\/em><em>\u00bb<\/em><em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Gute ho mu bibanza birabirwamwo amareresi?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uretse mu ngo hari n\u2019utundi tuzu two\nkuroreramwo amareresi bakarihisha amahera. Kenshi na kenshi ineza y\u2019umwana si yo\niza imbere. D\u00e9nis Karibwami umwe mu bafise inzu zirabishirizwa mwo amareresi\nmuri karitiye Nyakabiga ya III iri mu gisagara ca Bujumbura. Ukihashika usanga\nahagaze ku muryango n\u2019amafaranga mu ntoke. Ataravye imyaka canke urugero\nrw\u2019umuntu, wumva aguma agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Harimwo iy\u2019urusase. Kwinjira ni 100Fbu\nukirabira finale ugaca uraba n\u2019iyikurikira. Ubu haca hajamwo iy\u2019igipfunsi\nkimeze neza<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> Ntaraba abana canke abakuze. Akira kwiyegeraniriza inoti. Ariko abana\nngo abemerera mu masaha y\u2019ikigoroba bavuye kw\u2019ishure, nkuko D\u00e9nis avyiyemerera.\n<\/p>\n\n\n\n<p>No mu kibanza kimwe muri vyinshi biri mu\nCibitoke ca Bujumbura, ngo mu kwinjira ni amahera imbere. Ngo ukira kuba ufise\nayo basaba gusa winjira hatarabwe ubukuru mu myaka canke igihagararo. Nkuko kwa\nD\u00e9nis ngo nawe umwana yavuye kwiga aramwemerera. Erega ngo barakuramwo ayatari\nmake. Abo bose ubabajije ayo bashobora kuronka ku munsi bakubwira ko ari hagati\nya 20.000 na 30000Fbu.&nbsp; Ariko bakemeza ko\nmu gihe c\u2019imipira hoho kubera ukunzwe ngo baratoza amafaranga arenga ayo bavuze<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingaruka nti zibura ku\nmwana araba amareresi ateye ubwoba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Alexis Nsabimana umuhinga mu vy\u2019inyifato agira\nati: <em>\u00ab<\/em><em> Naho bamwebamwe mu bavyeyi badakurikirana ivyo\nabana babo baraba ku mboneshakure, burya birakenewe cane kuko hari ibizana\ningaruka mbi nk\u2019ihahamuka, kuba intagondwa, ukwigana imico mibi, guheba ishure,\neka mbere hari n\u2019abashobora kwizizirwa burundu n\u2019ivyo baraba bikabangamira\nugukura neza kwabo,n\u2019izindi nyinshi<\/em><em>\u00bb<\/em>. <\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019ivyo vyose ngo\u00a0 abavyeyi bipfuza kubaangiira ama \u00abchaines\u00bb amwe amwe ku mihora ya \u00abCanal+\u00bb na za \u2018Startimes\u2019 barashobora gushika ku biro vy\u2019ayo mashirahamwe bakabashirira mwo ibiharuro biba bizi abavyeyi gusa (code parental) mu ntumbero yo gukingira abana babo.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\">    <strong>Inkuru yatororokanijwe na Katia Gretta Iradukunda, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong>    <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu bisagara, ingo nyinshi usanga zifise imboneshakure zifasha imiryango guterama, kumenya amakuru, kwigisha abana ivy\u2019indimi n\u2019ibindi . Ariko rero zirashobora no kubangamira kazoza kabo mu gihe ivyo baraba bidakurikiranwe neza n\u2019ababakurira. Mugani w\u2019abakurambere, ngo ibintu birinze bibabaza umutima w\u2019umuntu bitegerezwa kugira inkurikizi ku bwenge bw\u2019umuntu nkuko nyene ibibangamiye ubwenge bigaragaza ingaruka ku mubiri. Ivyo ngo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4699,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,258],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-4698","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4698","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4698"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4698\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4702,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4698\/revisions\/4702"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4699"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4698"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4698"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4698"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4698"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}