{"id":4686,"date":"2020-01-13T11:37:02","date_gmt":"2020-01-13T10:37:02","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4686"},"modified":"2021-01-27T15:54:14","modified_gmt":"2021-01-27T14:54:14","slug":"burundi-amagara-kugwanya-cholera","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-kugwanya-cholera\/","title":{"rendered":"Uburundi mu nzira nziza yo gutuza ikiza ca chol\u00e9ra"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Haraheze ikiringo cababa amezi 2 ata murwayi n&rsquo;umwe yibonekeza afise ibimenyetso vy&rsquo;indwara ya Chol\u00e9ra. Ni inyuma yaho ico kiza cibonekeje aha mu Burundi kuva mu kwezi kwa gatandatu 2019 mu ntara zitandukanye. Nkuko mu bushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu babimenyesha ngo barashizeho ingingo zo kurwanya no kugerageza gutuza ico kiza. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva mu kwezi kwa 6 kw&rsquo;umwaka uheze ikiza ca chol\u00e9ra caribonekeje mu mihingo itandukanye y&rsquo;igihugu aha twovuga nko mu ntara ya Bujumbura Mairie, Bujumbura Rural, Cibitoke n&rsquo;igice gitoya ca Bubanza, aho abantu bagera kuri 1087 bashoboye gufatwa n\u2019iyo ndwara, abashika kuri 6 na bo bakaba baritavye Imana, nkuko bishikirizwa na Jean Bosco Girukwishaka umuvugizi w&rsquo;ubushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubukene bw&rsquo;amazi meza, ukutamenya n&rsquo;ukutubahiriza amabwirizwa y&rsquo;isuku, ni bimwe bikunze gutuma ico kiza gifata abanyagihugu. Iyo rero ico kiza cibonekeje, abana hamwe n&rsquo;abakenyezi ngo ni bo bakunze gufatwa cane kubera aribo baguma hafi y&rsquo;imyanda mu gihe baba bariko barakora udukorwa two muhira. Muri ico gihe ikiza kije gishikira kuribo. Nkuko uwo muvugizi w&rsquo;ubushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu abandanya abivuga.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"rWwkuo7h7j\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibimaze-gukorwa-mu-kugwanya-malaria-ebola-cholera\/\">Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibimaze-gukorwa-mu-kugwanya-malaria-ebola-cholera\/embed\/#?secret=H2u7tmBPd0#?secret=rWwkuo7h7j\" data-secret=\"rWwkuo7h7j\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ibiriko\nbirakorwa mu kurwanya ico kiza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo\nkurwanya ico kiza ubushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu bwarashizeho ibigo vyama\nvyiteguye kwakira uwo wese babonyeko ibimenyetso vya Chol\u00e9ra: \u00ab <em>Twarashizeho ibigo, abaganga hamwe\nn&rsquo;ibikoresho kugira hacibonekeza umurwayi bace bamukurikirana na cane cane ko\ntuzi ko iyo ndwara yica vuba na vuba kandi ikarandagata ningoga <\/em>\u00bb<em>.<\/em>\n<\/p>\n\n\n\n<p>Na cane cane ko mu\nbitera ico kiza harimwo isuku rike mu bushikiranganji babandanya bahimiriza\nabanyagihugu ko boza barakurikiza amabwiririzwa 10 y&rsquo;isuku ariyo&nbsp;: kunywa\namazi meza, kwimba akazu ka sugumwe, kwegeraniriza iyarara mu mifuko canke\nkwimba nyabarega aho bikenewe, gufundikira amazi n&rsquo;ibifungurwa mu kubikingira\ninkungugu n&rsquo;amasazi, kuronga imfungurwa ziribwa zidatetse imbere yo kuzihereza,\nkugirira isuku uburiro amasoko ubunywero n&rsquo;ibindi bibanza bikoraniramwo abantu\nbenshi, guha umurwayi ivyo kunywa birimwo ivyunyunyu, kwirinda gukorana mu\nntoke mu gihe c&rsquo;indwara ya korera hamwe no gutabariza umurwayi wa chol\u00e9ra mu\nkumujana kwa muganga. <\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo biri uko m&rsquo;ubushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu baripfuza kuzoshiraho urucanco rukinga iyo ndwara ya chol\u00e9ra muri kazoza. Muganga Girukwishaka ati:\u00ab <em>Nkuko vyagiye biribonekeza indwara nyinshi zariho kera nk&rsquo;agasama, ibigoga n&rsquo;izindi vyatujijwe igihe hagiyeho urucanco rwazo. Nico gituma n\u2019iyi ndwara ya chol\u00e9ra twizeye neza ko nihajaho urucanco rwayo tuzoshobora kuyituza nkuko kw\u2019izo zindi ndwara <\/em>\u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\">   <strong>Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong>   <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Haraheze ikiringo cababa amezi 2 ata murwayi n&rsquo;umwe yibonekeza afise ibimenyetso vy&rsquo;indwara ya Chol\u00e9ra. Ni inyuma yaho ico kiza cibonekeje aha mu Burundi kuva mu kwezi kwa gatandatu 2019 mu ntara zitandukanye. Nkuko mu bushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu babimenyesha ngo barashizeho ingingo zo kurwanya no kugerageza gutuza ico kiza. Kuva mu kwezi kwa 6 kw&rsquo;umwaka uheze [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4687,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,486],"tags":[292],"coauthors":[34],"class_list":["post-4686","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-ijwi-ryabana","tag-cholera"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4686","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4686"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4686\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4806,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4686\/revisions\/4806"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4687"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4686"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4686"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4686"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4686"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}