{"id":4676,"date":"2020-01-12T12:21:49","date_gmt":"2020-01-12T11:21:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4676"},"modified":"2020-05-09T14:14:27","modified_gmt":"2020-05-09T12:14:27","slug":"cossessona-sygepebu-sepeduc-abigisha-syndicat-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/cossessona-sygepebu-sepeduc-abigisha-syndicat-burundi\/","title":{"rendered":"None vyukuri hagati ya Cossessona, Sygepebu et Sepeduc, ninde avugira umwigisha ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muti kuki ico kibazo? Haraheze nk\u2019ikiringo c\u2019ukwezi Sygepebu na Sepeduc, ama syndicats y\u2019abigisha atari mu runani mpuza ma syndicat Cossesona, abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, yagiriza urwo runani ko ruriko ruriba abigisha.\u00a0 Agira ati : \u00ab<em>\u00a0Cossesona iriko iriba abigisha. Iriko ibatwara amahera batagishijwe inama <\/em>\u00bb. Mu kwisigura, indongozi za Cossesona ziti\u00a0: <em>\u00ab\u00a0Ntimurire ngo muhogore, turazi ico muduhora. Ni agashavu kuko twabankiye kwinjira mu runani \u00bb.<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Intandaro ya vyose si iyindi. Ni amahera 500 urunani Cossesona rwamenyesheje ko rugiye kuza ruratoza ku munywanyi wese wama syndicats agize Cossessona. Muti ayo mahera azokora iki\u00a0? Victor Ndabaniwe arongoye Cossesona aratanga umuco : <em>\u00ab\u00a0Kuva 2017 hari umugambi twise \u00ab\u00a0Solidarit\u00e9 nationale\u00a0\u00bb twashizeho muri Assembl\u00e9e G\u00e9n\u00e9rale mu nzira yo kwitabira akamo kari katewe n\u2019umukuru w\u2019igihugu ko gushigikirana. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntango uwo mugambi\nwaje kugira uze uragarukira ku bahuye n\u2019ibibazo bijanye nama catastrophes\nnaturelles, nk\u2019aba baheruka guhitanwa n\u2019imvura, aho uruzuba rwatse canke imvura\nn\u2019urubura bikonona imirima, \u2026 Ibituma haca haduka inzara aho hantu. Ico gihe\numwigisha wese yiyemeje kuzoza aratanga amahera 4 000 mu mwaka. Ayo mahera akahora\natozwa mu biringo bibiri, muri ruhuhuma no muri Ntwarante. <\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab <em>Tumaze kuraba tugasanga abo gufasha ari benshi, no hagati y\u2019abigisha ubwabo harimwo abakeneye gufashwa, mu nama ya twese iheruka twarasavye abanywanyi ko twongerako makeya kugira abafashwa babe benshi. Bonyene batoye ko ako gafashanyo batanga koduzwa ku bihumbi bitandatu ariko hakaza haratangwa 500 buri kwezi ku ma compte<\/em> \u00bb, nk&rsquo;uko vyemezwa na Victor Ndabaniwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo mu ma syndicats adahurikiye muri urwo runani nabo bati : \u00ab\u00a0<em>Wanguha ! Umwigisha ariko aribwa<\/em>.<em>\u00a0Ko Cosssesona ivuga ko ashikira abo yategekanirijwe, imiriyoni zirenga 490 zo gufasha abanya Kirundo yakamanganiye hehe ? Ko tutumvise agakuru kayo\u00a0?\u00a0<\/em>\u00bb <br>Cossesona na yo iti\u00a0<em>:\u00ab\u00a0Mbanje kubeshuza ko ata amahera angana uko twari bwatoze ku mwaka. Menshi twatoje ni ayo mu mwaka uheze, nazo zari imiriyoni 350 z\u2019amarundi ku bigisha 70 000 bari muri Cossesona. kandi yarakoze ico yari agenewe gukora. Mu Kirundo twarabashikirije amatoni arenga 250 y\u2019ibifungurwa, ibitenge, abigisha barahawe amabati mbere hari n\u2019abashika hafi icumi twavuje hanze. Hari n\u2019abo turihira ibitaro <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"B8YlHx3ipW\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/cossessona-syndicat-indero-imishahara-abigisha-burundi\/\">Harakenewe umwaka ugira 5 wo kuringaniza imishahara mu bakozi ba reta<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Harakenewe umwaka ugira 5 wo kuringaniza imishahara mu bakozi ba reta\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/cossessona-syndicat-indero-imishahara-abigisha-burundi\/embed\/#?secret=bBP2eZgHtB#?secret=B8YlHx3ipW\" data-secret=\"B8YlHx3ipW\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>None\nvyukuri umwigisha ariko aribwa&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku cerekeye ko abigisha\nbatagishijwe inama, Victor Ndabaniwe, arongoye Cossesona avuga ati&nbsp;<em>: <\/em>\u00ab&nbsp;<em>Abakuru b\u2019ama Syndicats baragiye baravugana\nn\u2019abanywanyi babo mu nyuma batuzanira ivyegeranyo vy\u2019inama bagize yemeza ko\nbahawe uburenganzira bwo gusinya ku gatwe ka syndicat <\/em>\u00bb<em>.\n<\/em>None ko hari abigisha bari muri ayo ma syndicats badatahura umugambi wa \u00ab Solidarit\u00e9\nNationale \u00bb, mbere batanazi n\u2019ico ari co kandi bari muri ayo ma syndicats&nbsp;?\nNdabaniwe ati&nbsp;:\u00ab<em>&nbsp;Hariho abatarawutahura kubera\ninyigisho zabo zitarabashikira kuko tumaze kuwusigurira abakuru bo mu ndero\ngushika kuba DCE. Aba nabo ngira ntibarashika kw\u2019ishure rimwerimwe ngo bawutahuze\nabandi. Kubadashigikiye uyu mugambi ariko bari mu ma syndicats na bo,\ntwararungitse ama fiches hose kugira uwumva wese atawushaka ntibamuhatireko <\/em>\u00bb<em>.\n<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Impande y\u2019abari muri ayo\nma syndicats, hari n\u2019abandi batazirimwo bavuga ko batwawe ayo mahera ari na bo\nSygepebu na Sepeduc ziriko zivugira. Uwutwara Cossesona arongera ati&nbsp;<em>:\u00ab&nbsp;Twe nta mwigisha ari muri ayo ma\nsyndicats twokwubahuka gutwara amahera kuko twaranayankiye kwinjira mu runani.\nIcatumye tubankira ni uko biyonkoye ku ma syndicats ari mu runani abandi n\u2019abo\nbirukanwa muri yo. Bagiye gutanguza ayiwabo hari abanywanyi bari babashigikiye\nbagenda bajanye. Ico niyumvira coba carabaye kubera uwo mugambi wo\ngushigikirana waje imbere yivuka ryayo ma syndicats, abari muri ayo ma syndicats\nntibibibutse kutubwira tubakure kuma listes yacu <\/em>\u00bb<em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu\nbushikiranganji bw\u2019indero bobo bakivugako iki&nbsp;? <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Direction des Ressources humaines mu bushikiranganji bw\u2019indero iremeza ko izi uwo mugambi wa Cossesona kandi banawushigikiye. \u00ab<em>\u00a0Uwo mugambi ni wo kuko uje gukora aho ayandi ma caisses sociales atahora ashika. N\u2019abakozi ba minist\u00e8re bariko barawitabira nubwo batari mu ma syndicats. Ku ma niveau yose hariko haraba ihimirizwa. Sensibilisation igeze kuba DCE. Mu minsi mike abigisha nabo bazoshikirwa kandi ntankeka ko bose bazowushigikira kuko ni ku neza yabo <\/em>\u00bb<em>. <\/em>\u00a0Djuma Edouard, umuvugizi w\u2019ubwo bushikiranganji abunganira agira ati\u00a0: \u00ab<em>\u00a0Umwigisha atari muri syndicat ariko akaba yarakuriweko amahera niyandikire Fonction Publique ayihe nivyemeza hanyuma bamusubize amahera yiwe. Nta muntu numwe arekuriwe gukora ku gashahara kiwe ataruhusha yatanze <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muti kuki ico kibazo? Haraheze nk\u2019ikiringo c\u2019ukwezi Sygepebu na Sepeduc, ama syndicats y\u2019abigisha atari mu runani mpuza ma syndicat Cossesona, abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, yagiriza urwo runani ko ruriko ruriba abigisha.\u00a0 Agira ati : \u00ab\u00a0Cossesona iriko iriba abigisha. Iriko ibatwara amahera batagishijwe inama \u00bb. Mu kwisigura, indongozi za Cossesona ziti\u00a0: \u00ab\u00a0Ntimurire ngo muhogore, turazi ico [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":27,"featured_media":4677,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[344],"coauthors":[186],"class_list":["post-4676","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-abigisha"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4676","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/27"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4676"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4676\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4684,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4676\/revisions\/4684"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4677"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4676"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4676"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4676"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4676"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}