{"id":4673,"date":"2020-01-10T15:42:04","date_gmt":"2020-01-10T14:42:04","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4673"},"modified":"2020-05-09T14:14:21","modified_gmt":"2020-05-09T12:14:21","slug":"regideso-tanganyika-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/regideso-tanganyika-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Muri Regideso bati: \u00abAmazi agiye gutangwa nkuko vyahora mu gisagara ca Bujumbura\u00bb!"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe hari hibonekeje ingorane yari yabaye iturutse ku bikono vyakira amazi avuye muri Tanganyika yatuma amazi atarengana neza, Muri Regideso barahumuriza abanyabujumbura ko, ubu amazi arengana nkuko yahora. Abahora bayaronka bazoyaronka nkuko vyari bisanzwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abatari bake mwaravyisomeye bica ku mbuga\nngurukanabumenyi ko mu makaritiye y\u2019igisagara ca Bujumbura hagiye kugaruka\nikurakuranwa ry\u2019itangwa ry\u2019amazi. Nta nkeka ko bamwebamwe nk\u2019abo mu makaritiye\nari ku mpera z\u2019igisagara bari batanguye kugira ubwoba biyumvira ukuntu bagiye\nkuza barabura amazi, na cane cane ko amazi ari ubuzima. <\/p>\n\n\n\n<p>Muri Regideso rero bagarutse bagira bati<em>: \u00abNi muhumure uko mwahora muronka amazi nta\nkizohinduka kuko akabazo kari kadutse k\u2019ibikono vyakira amazi avuye muri\nTanganyika vyari bimeze nk\u2019ivyazivye biturutse ku mvura nyinshi twaciye\ntugatorera umuti mu ndwi imwe gusa\u00bb. <\/em>Bongera ko kandi bati:<em> \u00ab N\u2019ahari ingorane na canecane mu\nmakaritiye aherereye ku mpera z\u2019igisagara turiko turakora ibishoboka vyose\nkugira ico kibazo na ho nyene kive mu nzira\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kugira atange umuco neza, Fabrice Nkurunziza umuyobozi ajejwe ivy\u2019amazi muri Regideso avuga ko iyo nkuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yanditse ukutariko. Agira ati: <em>\u00abNari navuze ko muri urya mwanya imvura yariko iragwa ari nyishi hashobora kuba ikurakuranwa mu gutanga amazi. Ariko kubera ko yaciye igabanuka ata vyinshi birononekara, amazi aguma atangwa ukuri kwamye\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"Jf8YkNvRxo\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakonteri-regideso-tipc-klk-ubucom-besco-burundi\/\">Kuba amakonteri y\u2019umuyagankuba atakibarizwa muri Regideso gusa hari akarusho kanini<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Kuba amakonteri y\u2019umuyagankuba atakibarizwa muri Regideso gusa hari akarusho kanini\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakonteri-regideso-tipc-klk-ubucom-besco-burundi\/embed\/#?secret=FFfkrKB2H5#?secret=Jf8YkNvRxo\" data-secret=\"Jf8YkNvRxo\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Imvo y\u2019utugorane twari twibonekeje\nyatuma amazi atarengana<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muyobozi ajejwe ivy\u2019amazi muri Regideso\navuga ko imvo ahanini y\u2019iziba ry\u2019ibikono vyakira amazi, yari yaturutse ku mvura\nnyishi cane yariko iragwa muri Congo, mu Rwanda no mu Burundi. Ivyo bikaba\nvyatumye habaho igice c\u2019ivyondo vy\u2019ibumba bicanze n\u2019urubobi (Algues) bizanana\nmu ruzi Rusizi. Avuga ati:<em>\u00abKubera uruzi Rusizi ruzanana inguvu nyishi,\nrurinjira no muri Tanganyika rugashika aho twebwe dufatira amazi muri\nTanganyika ku birometero bitatu n\u2019igice. Iyo ruhageze rero ruca ruhomekako rya\nbumba rwakukumuye ricanze n\u2019urubobi bigaca bisasa ku mucanga bikamera nk\u2019isashe\ngutyo bikazibira inzira zituma amazi arengana\u00bb. <\/em>Yongera kandi akamenyesha ko\nivyo vyabaye mu kiringo c\u2019iminsi nk\u2019itatu gusa naho ibikorwa vyo kuhasibura\nvyabatwaye indwi yose.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo ngo abavuga ko hari amakaritiye atigera\nabura amazi naho hokwaduka utugorane, Fabrice Nkurunziza avuga ko bivana n\u2019ahantu\nikaritiye iherereye. Agira ati: <em>\u00abAmakaritiye\nyo hagati mu gisagara baronka amazi 24\/24h kubera ariho imihora itwara amazi iri.\nAmakaritiye ari ku mpera z\u2019igisagara n\u2019iyo agira ingorane, ariko naho nyene\nturagerageza kurondera ingene tuyafatira hirya no hino kugira na yo nyene aronke\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko amazi agaburira igisagara ca Bujumbura ahanini ava mu kiyaga Tanganyika, ariko hariho n\u2019umuhora w\u2019amazi ava mu Buhonga, uwuva muri Kanyosha ahitwa Misumba n\u2019uwuva mw\u2019Isare. Hari n\u2019uwundi uriko urigwa neza uzohava uyakura mu Rugazi mu ntara ya Bubanza, nkuko bivugwa n\u2019uyo ajejwe ivy\u2019amazi muri Regideso.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe hari hibonekeje ingorane yari yabaye iturutse ku bikono vyakira amazi avuye muri Tanganyika yatuma amazi atarengana neza, Muri Regideso barahumuriza abanyabujumbura ko, ubu amazi arengana nkuko yahora. Abahora bayaronka bazoyaronka nkuko vyari bisanzwe. Abatari bake mwaravyisomeye bica ku mbuga ngurukanabumenyi ko mu makaritiye y\u2019igisagara ca Bujumbura hagiye kugaruka ikurakuranwa ry\u2019itangwa ry\u2019amazi. Nta nkeka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4674,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[376],"coauthors":[189],"class_list":["post-4673","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-regideso"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4673","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4673"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4673\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4675,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4673\/revisions\/4675"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4674"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4673"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4673"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4673"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4673"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}