{"id":4670,"date":"2020-01-09T12:52:36","date_gmt":"2020-01-09T11:52:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4670"},"modified":"2020-05-09T14:14:16","modified_gmt":"2020-05-09T12:14:16","slug":"burundi-musitanteri-ategerezwa-kuba-yararangije-kaminuza","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-musitanteri-ategerezwa-kuba-yararangije-kaminuza\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, Musitanteri ategerezwa kuba yararangije kaminuza"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uwu wa 8 nzero 2020, Inama nshingamateka yasubiyemwo yongera iremeza itegeko rigiye kuzogenga amakomine. Musitanteri co kimwe n\u2019abakoseye biwe bategerezwa kuba bararangije kaminuza. Hampande y\u2019abakozi komine yari ifise, hagiye kujaho umunyamabanga yamaho wa komine yarangije kaminuza akaba ari na we azosubirira musitanteri mu gihe afatiriwe. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u201cBirakwiye\nko ikomine irongorwa n\u2019abantu bize kandi baciye ubwenge bashobora guhagararira\nikomine yabo mu buryo ubwo ari bwo bwose.\u201d<\/em> Uko ni ko vyashikirijwe na Pascal Barandagiye\numushikiranganji w\u2019intwaro yo hagati n\u2019inyigisho zo gukundisha igihugu mu gihe abashingamateka\nbariko barahinyanyura itegeko nomero 1\/33 ryo 28 munyonyo 2014 rigenga\namakomine. <\/p>\n\n\n\n<p>Ku bw\u2019ivyo, umusitanteri wa komine\nakaba yahawe ububasha n\u2019itegeko ryemejwe ko ariwe azobazwa ikomine atwara ariko\nakabwirizwa kuba yararangije kaminuza kandi agategerezwa kuba yahora akora mu\nyandi mabanga y\u2019igihugu. <em>\u00ab<\/em><em>Ivyo rero\nbiri ukwo mu gihe ikomine yahora itwarwa n\u2019abasitanteri muri bo harimwo abatize\nkaminuza bikibonekeza ko hamwehamwe bibagora guhagararira neza ikomine bajejwe\nnkuko bikwiye<\/em>\u00bb. Nk\u2019ukwo bibandanya\nvyemezwa na Pascal Barandagiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Arongera ati<em>: <\/em><em>\u00abU<\/em><em>ko vyahora\nmusitanteri yaboneka nk\u2019uwuri musi y\u2019abakoseye biwe, Uwo mushikiranganji\nakavuga ko bikwiye ko ubu, musitanteri ari we aramutswa ikomine ariko akagira\nabakonseye baza baramwama hafi kandi na bo nyene bakaba barangije kaminuza<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hagiye\nkujaho umunyamabanga yamaho wa komine<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ndinganizo y\u2019ingene amakomine\natwarwa, hagiye kwiyongerako kandi umunyamabanga yamaho wa komine. Uyu rero ngo\nabwirizwa na we nyene kuba ari umuhinga. Aciye ubwenge. Yarize agatako\nakarangiza kaminuza. Azotorwa hisunzwe ubumenyi afise kandi nta bwo azonatorwa\nmu ba konseye ba musitanteri. Ntazorabana n\u2019ivy\u2019ibiringo ahubwo azokorera\nikomine atekanye kandi azoyama hafi. <\/p>\n\n\n\n<p>Uyu munyamabanga yamaho rero, ngo ni\nna we azosubirira musitanteri mu gihe afatiriwe n\u2019ayandi mabanga. Nk\u2019uko biri\nku basitanteri n\u2019abakonseye biwe, ngo n\u2019uwu munyamabanga yamaho azohembwa na\nreta nk\u2019uko bivugwa na Pascal Barandagiye. <\/p>\n\n\n\n<p>Akanamenyesha kandi ko ku bw\u2019iyo\nndinganizo nshasha y\u2019amakomine, ata nkeka amakomine agiye kwisununura mu vy\u2019ubutunzi\nkuko bamwe bose bazoba bazi ivyo bategerezwa gukora. Gutyo musitanteri ngo azokora\nibintu bimugenewe kandi abishitse yorohewe kuko ngo baravye uko vyari bisanzwe\nbimeze, amabanga yamukoranirako ari menshi maze ivyo akora akabikora yikurayo\nntabikore neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Abashingamateka 94 n\u2019abandi 9 batumye bari bashashe aho, bamaze kwumviriza no kubaza ibibazo bijanye n\u2019isubirwamwo ry\u2019iryo tegeko, eka mbere bamaze no guhinyanyura neza tumwe mu dukosa tw\u2019inyandiko twarimwo bakaba baciye baryemeza bose uko bari 103. Gutyo itegeko riba ryemejwe ibice 100%.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uwu wa 8 nzero 2020, Inama nshingamateka yasubiyemwo yongera iremeza itegeko rigiye kuzogenga amakomine. Musitanteri co kimwe n\u2019abakoseye biwe bategerezwa kuba bararangije kaminuza. Hampande y\u2019abakozi komine yari ifise, hagiye kujaho umunyamabanga yamaho wa komine yarangije kaminuza akaba ari na we azosubirira musitanteri mu gihe afatiriwe. \u201cBirakwiye ko ikomine irongorwa n\u2019abantu bize kandi baciye ubwenge [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4671,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-4670","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4670","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4670"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4670\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4672,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4670\/revisions\/4672"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4671"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4670"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4670"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4670"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4670"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}