{"id":4665,"date":"2020-01-08T09:09:55","date_gmt":"2020-01-08T08:09:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4665"},"modified":"2020-05-09T14:13:53","modified_gmt":"2020-05-09T12:13:53","slug":"imyiteguro-kugwanya-ebola-banque-mondiale-oms-oim-pam-unicef-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imyiteguro-kugwanya-ebola-banque-mondiale-oms-oim-pam-unicef-burundi\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, imyiteguro yo kugwanya umugera wa Ebola irabandanya"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu rugamba rwo kugwanya umugera w\u2019indwara ya Ebola mu Burundi, harateguwe abaganga bashizwe mu bibanza 21 biri ku mbibe zegeranye n\u2019ibihugu bibanyi, harashirwa ho ivyuma vyo gupima ibimenyetso biyiranga, harubakwa n\u2019ikigo gishasha ku Mudubugu ku buhinga busabwa na OMS, n\u2019ibindi vyinshi nkuko bishikirizwa na muganga Girukwishaka Jean Bosco, umuvugizi w\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Jean Bosco avuga ko mu vy\u2019ukuri imyiteguro yo kugwanya Ebola ibandanya kandi ubushikiranganji n\u2019abo bafashanya babishize mwo inguvu nyinshi kugira bashobore gukinga iyo ndwara itaribonekeza mu Burundi. Muri ivyo rero, amenyesha ko hatunganijwe neza ibibanza 21 biri ku mbibe z\u2019intara zihereranye n\u2019ibihugu bibanyi ari vyo Congo, Rwanda na Tanzaniya. Aho rero hakaba harashizwe abaganga babiherewe inyigisho, ibikoresho bikenewe bibafasha gupima ibijanye n\u2019uwo mugera nka Th\u00e9l\u00e9moscan, Th\u00e9l\u00e9moflash, n\u2019ibindi. Avuga kandi ko muri ivyo bibanza hanashizwe ho amazi meza n\u2019utuzu twa surwumwe. <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"Ji8EdUrvcS\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-urucanco-ebola-oms\/\">Mu Burundi, abantu barenga 4 000 bararonkejwe urucanco rukinga umugera w\u2019indwara ya Ebola<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Burundi, abantu barenga 4 000 bararonkejwe urucanco rukinga umugera w\u2019indwara ya Ebola\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-urucanco-ebola-oms\/embed\/#?secret=pVM0INcPle#?secret=Ji8EdUrvcS\" data-secret=\"Ji8EdUrvcS\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Iruhande y\u2019ivyo Muganga Girukwishaka J.Bosco amenyesha ko bashize ku bitaro 21 vy\u2019uburere vy\u2019ubuvuzi (Hopitaux de District) babonye ko bushobora kugeramirwa \u00a0ubwa mbere ibibanza vyo kwakirira mwo uwofatwa n\u2019iyo ndwara mu kurindira ko atwarwa mu kigo ca bigenewe cubatswe ku Mudubugu i Bubanza gikwije ibintu vyose OMS isaba. Rero ngo no muri ubwo burere bw\u2019ubuvuzi hariho abaganga bakurikiranye inyigisho bama biteguriye ico gikorwa, ibikoresho vyose bikenewe hamwe n\u2019imigwi ibikurikirana ku munsi ku munsi yashinzwe ku ntara ku ntara co kimwe n\u2019umugwi ubikurikirana ku rwego rw\u2019igihugu urongowe n\u2019umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"oEtc4xPXE6\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibimaze-gukorwa-mu-kugwanya-malaria-ebola-cholera\/\">Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibimaze-gukorwa-mu-kugwanya-malaria-ebola-cholera\/embed\/#?secret=gB8OendHo3#?secret=oEtc4xPXE6\" data-secret=\"oEtc4xPXE6\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019inyigisho\nmu barundi ziratangwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gukinga uwo\nmugera wa Ebola ntivyagarukiye ku gutunganya ibibanza no kwigisha abaganga gusa,\nharatanzwe n\u2019inyigisho mu bantu batandukanye bo mu buzima bw\u2019igihugu kugira ngo\nbose bashobore kumenya ibijanye n\u2019iyo ndwara. Uwo muvugizi akavuga ko ari na co\ngituma mu bibanza bihurirwa mwo n\u2019abantu benshi bashize ho indobo zirimwo amazi\narimwo imiti kugira umuntu wese ahaciye abanze gukaraba iminwe. Agira ati: \u00ab<em>\nIvyo vyo gukaraba iminwe ni umugenzo mu shasha waje bivuye ahanini kuri uwo\nmugera w\u2019indwara ya Ebola, kandi twipfuza ko wokwamaho kuko biri no mu\nmabwirizwa y\u2019isuku <\/em>\u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Girukwishaka Jean Bosco abandanya avuga ko hariho n\u2019inyigisho zo guhimiriza n\u2019abanyagihugu zabaye, kandi ko hari n\u2019izindi ziriko ziraba mu ntara 10 z\u2019uBurundi arizo : Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Bujumbura Mairie, Rumonge, Makamba, Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga. Aho hose bakaba bahimirizwa kwijukira kugwanya uwo mugera wa Ebola.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"AF4Qj0aAwJ\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-ebola\/\">Ubumwe bw\u2019ibihugu vya Buraya mu rugamba rwo gukinga umugera wa Ebola mu Burundi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Ubumwe bw\u2019ibihugu vya Buraya mu rugamba rwo gukinga umugera wa Ebola mu Burundi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-ebola\/embed\/#?secret=HlDWiWTshd#?secret=AF4Qj0aAwJ\" data-secret=\"AF4Qj0aAwJ\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Mu mugambi wo gukinga no kurwanya iyo ngwara, uwo muvugizi avuga ko ibitari bike bimaze gukorwa, ariko akanamenyesha ko hari n\u2019ibindi bitaratungana neza, nka laboratoire mobile iyo na yo ikaba ari imodoka irimwo ibikoresho vyose bikoreshwa mu gupima yoza irazunguruka \u00a0aho hose hakenewe ibipimo, ariko akanizeza ko n\u2019iyo modoka iri mugushika, kuko muri uwo mugambi bariko barakorana n\u2019ibanki y\u2019isi, OMS, Unicef, OIM na PAM.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu rugamba rwo kugwanya umugera w\u2019indwara ya Ebola mu Burundi, harateguwe abaganga bashizwe mu bibanza 21 biri ku mbibe zegeranye n\u2019ibihugu bibanyi, harashirwa ho ivyuma vyo gupima ibimenyetso biyiranga, harubakwa n\u2019ikigo gishasha ku Mudubugu ku buhinga busabwa na OMS, n\u2019ibindi vyinshi nkuko bishikirizwa na muganga Girukwishaka Jean Bosco, umuvugizi w\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu. Muganga Jean Bosco [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4666,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[243,378,295,279,135],"coauthors":[189],"class_list":["post-4665","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ebola","tag-oim","tag-oms","tag-pam","tag-unicef"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4665","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4665"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4665\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4669,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4665\/revisions\/4669"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4666"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4665"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4665"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4665"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4665"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}