{"id":4661,"date":"2020-01-07T10:53:39","date_gmt":"2020-01-07T09:53:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4661"},"modified":"2020-05-09T14:13:44","modified_gmt":"2020-05-09T12:13:44","slug":"ishure-indero-ecofo-winterekwa-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ishure-indero-ecofo-winterekwa-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Igice ca kabiri c\u2019umwaka w\u2019ishure 2019-2020 gitanguye abanyeshure bo ku Winterekwa batararonka aho bigira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe abandi banyeshure batanguye igice ca kabiri kuri uwu 6 nzero 2020, abo kuri Ecofo Winterekwa bobo ntivyakunze ko batonda mw&rsquo;ishure. Icabiteye si ikindi, ni uko kuri iryo shure ariho hegeranirijwe ababomorewe amazu n&rsquo;imvura imaze iminsi yiha inkumbi muri ako karere. Muti none abo bana bagiye kuba abande\u00a0?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;<\/strong>Nk&rsquo;abandi banyeshure, na\nbo nyene bari batonze kw\u2019ishure. N\u2019abigisha ntibari batanzwe kuhashika ukuri\nkwamye. Binjiye mu mashure ngo barabe ko biga ariko uruyogoyogo rwabanyagihugu\nbegeranirijweho ntirwabakundiye kwiga. Niho Rosalie Nganyirende, umuyobozi\nw\u2019iryo shure, yaciye abishikiriza DCE wa Ntahangwa. Uyu nawe ntiyatevye\nkuhashika aca abwira abana batahe bazogaruke mercredi. \u00ab&nbsp;<em>DCE yatubwiye ko hariho aho abanyagihugu\nbariko barubakirwa. Ejo canke hirya y&rsquo;ejo bazoba bimuriwe muri ayo mazu<\/em>&nbsp;\u00bb.\nBivugwa na Rosalie. <\/p>\n\n\n\n<p>Mu\ngihe hari ingingo ya reta yuko umuyobozi w\u2019ishure wese atamenyesheje ku rugezo\nrwa 30% aca asubirizwa, Rosalie wewe abona ko ata nzira n&rsquo;imwe ihari yo kwikura\nkuri iryo tegeko. N\u2019ubwo abanyeshure bose bariko barahahombera, abo muri 6<sup>\u00e8me<\/sup>\nna 9<sup>\u00e8me<\/sup>&nbsp;&nbsp; bobo ntacabona\nbokora mu bibazo vya reta bibarindiriye. <\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em>\u00a0Mu nteguro twari twafashe ko kugira turwize umwimbu, ayo mashure azokora Concours national na concours d\u2019entr\u00e9e dans les \u00e9coles d\u2019excellence yoguma yiga mu gihe c&rsquo;akaruhuko, none nta n&rsquo;umunsi n&rsquo;umwe bize kubera imvura. Ivyo bikaba bije gusongera isibe umwimbu w\u2019abanyeshure uguma ukoroka. Mu gihe mu mwaka w&rsquo;ishure wa 2016-2017 abanyeshure bamenye muri Concours national ku bice birenga 90%, umwaka ukurikira bamenye ku bice 46%, uwuheruka na wo ku bice 35% <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muti none umwimbu kuri iryo shure\nugabanuka kubera iki&nbsp;? <\/strong><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Iruhande y&rsquo;ico kindi kibazo citayemwo, iryo shure ryugarijwe n\u2019ibindi bibazo. Ica mbere gihanze iryo shure, n\u2019ubwinshi bw\u2019abanyeshure. Hari uwokwibaza kw\u2019abanyeshure 450 bokwiga mu kirasi\u00a0kimwe\u00a0? Uwushaka kubitahura yogendera iryo shure kuko birashoboka. Nko muri 1<sup>\u00e8re<\/sup> ann\u00e9e primaire ni ko bangana. \u00ab <em>Bicara ari 7 canke 8 ku ntebe imwe. Dufatiye ku banyeshure 2 516 bigira mu birasi icenda, biboneka ko abanyeshure 280 ari bo boba basangira ikirasi <\/em>\u00bb. Mu gihe indinganizo nshasha y&rsquo;ishure shingiro ivuga ko ikirasi kimwe gikwiye kwigamwo abanyeshure 30. <\/p>\n\n\n\n<p>Dusigara tubaza tuti bishika gute umu Directrice yandike gushika ku banyeshure 450 ? Rosalie ati: \u00ab<em>\u00a0Ugira aho uhejeje kwandika abakwiye kugira abana bige neza, uza ubona DPE, DCE, abarongozi mu ntwaro hamwe n\u2019abategetsi baserukira abanyagihugu umwe wese akuzaniye abiwe kandi utegerezwa kubandika, na cane cane ko turi muri wa mugambi wa \u00ab\u00a0twige twese\u00a0\u00bb <\/em>\u00bb . Muti none bandika gute ari 8 ku ntebe imwe\u00a0? \u00ab\u00a0<em>Hariho bamwe bandika bafatiye ikaye mu kirere, abandi bakandikira mu migongo ya bagenzi babo. Hari n&rsquo;abandika baryamye hasi <\/em>\u00bb<em>.<\/em> Ikibazo uwo ari we wese asigarana ni \u00ab\u00a0<em>Mbega abo bana bandikira mu kirere biga mu wa mbere, ubwo bazobimenya neza\u00a0<\/em>\u00bb ?\u00a0 <\/p>\n\n\n\n<p>Ikena ry\u2019ibikoresho vyo kwigisha rica riza rigasongera isibe. Iruhande yo kwicara ku ntebe imwe ari benshi, ngo nta n\u2019ibitabo bikwiye bihari. \u00ab<em>\u00a0Muri iki kigo cose, nta kirasi na kimwe gifise ibitabu bingana n\u2019intebe zikirimwo. Muri cycles zitatu za mbere hoho birateye ikigongwe, nta n\u2019ibingana n\u2019inusu y&rsquo;izo ntebe dufise. Na mitende ihari n\u2019udutabo twagiye gusaba ku rindi shure ryari ryacaguje<\/em>.\u00a0\u00bb <\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi kibazo\nca gatatu nkora mutima iryo shure rihangana , ni uko ritagira uruzitiro.\n\u00ab&nbsp;<em>Mu gihe ata ba encadreurs\nbategekanijwe dans les 3 premiers cycles za fondamental, utwana twinshi\nturatoroka tugaca mu biti vy\u2019uruzitiro twigiriye gukina amabiye, utundi\nkwisimbira imigozi. Utwegereye duca twiyirukira kandi ntuzopfa umenye utwaritwo\nbiturutse ku bwinshi bw\u2019abanyeshure\u00a0\u00bb. <\/em>Kubw&rsquo;uyo&nbsp; muyobozi, ngo uruzitiro rw\u2019ishure ntirukenewe\nkubw\u2019ukugenzura indero y&rsquo;abanyeshure bari mu kigo gusa, rwofasha no\nkubw\u2019ugukinga impanuka narirya iryo shure riri kuri RN1 ricamwo imiduga\nmyinshi. \u00ab&nbsp; <em>Mu mezi biri gusa, habaye\nimpanuka zine zose. Mboneyeho n\u2019akaryo ko gusaba ko bishobotse protection\ncivile yoba iradufasha amasaha yo gutaha kugira abana bajabuke i barabara ata\nngorane.<\/em>&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari umuti w\u2019ikibazo woba uriko\nuraronderwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igituma iryo shure rifise abanyeshure b\u2019umurengera si ikindi ni uko ari ryo ryonyene ryakira abana bo mu Nyabagere, Winterekwa no mu Gatunguru.  \u00ab <em>Umuti w&rsquo;iki kibazo si uwundi, ni uko hokwubakwa ayandi mashure narirya hari ikibanza gikwiye. Naho twogura intebe, ntitworonka ibirasi tuzishiramwo<\/em>.<em> Ikibazo caraduze kiragera mu bushikiranganji bw&rsquo;indero. Une d\u00e9l\u00e9gation minist\u00e9rielle yaraje, iratembera mu mashure irabona ubwinshi bwabo. Ica iduterera iciyumviro c\u2019uko twokwitura BISEM isanzwe ariyo yubaka ayo mashure. Twarashitseyo tujanye na DCE ariko baca batubwira ko uyu mwaka bidakunda ngo tuje barahejeje kugira planification annuelle. Ngo nta projet yo kwubaka ishure muri Mairie iriho. Turindiriye turabe mu mwaka uza<\/em>\u00bb.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abandi banyeshure batanguye igice ca kabiri kuri uwu 6 nzero 2020, abo kuri Ecofo Winterekwa bobo ntivyakunze ko batonda mw&rsquo;ishure. Icabiteye si ikindi, ni uko kuri iryo shure ariho hegeranirijwe ababomorewe amazu n&rsquo;imvura imaze iminsi yiha inkumbi muri ako karere. Muti none abo bana bagiye kuba abande\u00a0? &nbsp;Nk&rsquo;abandi banyeshure, na bo nyene bari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":27,"featured_media":4662,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[23,320,377],"coauthors":[186],"class_list":["post-4661","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-bujumbura","tag-ishure-shingiro","tag-winterekwa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4661","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/27"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4661"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4661\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4664,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4661\/revisions\/4664"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4662"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4661"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4661"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4661"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4661"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}