{"id":4658,"date":"2020-01-06T14:12:02","date_gmt":"2020-01-06T13:12:02","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4658"},"modified":"2020-05-09T14:13:38","modified_gmt":"2020-05-09T12:13:38","slug":"amakonteri-regideso-tipc-klk-ubucom-besco-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakonteri-regideso-tipc-klk-ubucom-besco-burundi\/","title":{"rendered":"Kuba amakonteri y\u2019umuyagankuba atakibarizwa muri Regideso gusa hari akarusho kanini"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva muri ruheshi umwaka wa 2019, amazu ane ariyo TIPC, KLK, UBUCOM na BESCO ni yo yashoboye kugiriranira amasezerano na Regideso kugira aze aragurisha amakonteri kuri buri muntu wese yipfuza amatara n\u2019amazi ku muhana iwe. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mvo z\u2019ibikorwa\nvyinshi vyarangurwa n\u2019ishirahamwe ritanga amatara n\u2019amazi Regideso, vyarashika\nko iyo umunywanyi asavye kuronka amatara amara iminsi atarashobora kuronka\nibikoresho bimufasha kuronswa ivyo yasavye. Gutyo bigiriye inama yo gukorana\nn\u2019abadandaji bashobora kurangura ivyo bikoresho Regideso igasigara ija\ngutunganiriza umunywanyi mu kumushirira ku nzu ikonteri.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ntawodeha\nko hari akarusho<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ntahondi\nAloys ni umunyagihugu yaguriye konteri yiwe mu minsi iheze mu nzu y\u2019ubudandarizo\nizwi kw\u2019izina rya TPIC, agira ati<em>: <\/em>\u00ab<em>Jewe\nntaraja kugura ikonteri barambwira ko ari ibintu bigoye cane. Ko ntaronse muntu\nasanzwe akorera muri ico gisata abimfashamwo, birateba cane ku buryo vyashobora\nkumara amezi atandatu mbere anarenga ntararonswa konteri. Ariko ivyo bambwira nasanze\natari vyo kuko naragiye kuri Tpic ndariha amafaranga ya konteri n\u2019ibindi\nbikoresho bijana kugira amatara anshikire muhira. Inyuma y\u2019ukwezi kumwe gusa\nnaraciye ku biro vya regideso nsanga baramanitse intonde z\u2019abasavye amatara\nnanje bandabiye nasanze ndimwo gutyo inyuma y\u2019imisi mikeya cane ndindiriye\nnagiye numva abo mu biro vya regideso bampamagaye bambwira ko baje kunshirira\namatara mu nyubakwa yanje <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Na Marise\nNzobonimpa ajejwe ivy\u2019ugutumatumanako amakuru muri regideso ntahakana iryo teba\nryibikoresho. Agira ati: \u00ab<em> bivanye n\u2019ibitigiri vy\u2019abarondera\namakonteri wasanga atari bike vyiyongera ku bikorwa bitandukanye dusanzwe\nturangura, vyarashika ko umunywanyi amara iminsi itari mike atararonswa konteri\nbigatuma imyidogo yumwe n\u2019uwundi yumvikana. Nubwo akabeyi kiyongereye gato ku mvo\nzuko ayo mazu aba yaranguye akenera akunguko, ubu birihuta cane mbere n\u2019abanyagihugu\nbarabishima cane <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ariko\nn\u2019utunenge ntitubuze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubu hari abamara\namezi atari make barasavye amakonteri ariko gushika ubu batarazironswa. Aho\ntwovuga nk\u2019abo muri koperative Terimbere iri muri Mpanda bamaze iminsi itari\nmike bararihiye konteri yabo mbere baranatwara fagitire muri Regideso ariko\ngushika ubu bakaba batarashobora kuyironka. Amazu ajejewe ubwo budandaji bo\nbavuga ko ivyo batabikurikirana kuko bo ububasha bwabo bugarukira ku\nkurungikira Regideso icemeza ko umunywanyi yarishe gutyo regideso ikabandanya\nimutunganiriza kuko ari na yo ifise ikongera igakurikirana ububiko bw\u2019izo\nkonteri gushika ironkejwe uwayisavye.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe kuwa 19 Munyonyo ariho umuyobozi mukuru wa Regideso yasohora itangazo ahamagarira abanywanyi bayo barishe devis za konteri zabo mu mwaka wa 2017 na 2018 ko boza kwimenyekanisha ku biro aho barihiye kugira babatunganirize, Marise Nzobonimpa yasiguye ko abanywanyi bari basanzwe barabimenyeshejwe ko iryo teba ryatumwe n\u2019iryo hindagurika gutyo haca habanza kuronka abari baguze babicishije kuri y\u2019amazu asanzwe acuruza ibikoresho vya Regideso.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva muri ruheshi umwaka wa 2019, amazu ane ariyo TIPC, KLK, UBUCOM na BESCO ni yo yashoboye kugiriranira amasezerano na Regideso kugira aze aragurisha amakonteri kuri buri muntu wese yipfuza amatara n\u2019amazi ku muhana iwe. Ku mvo z\u2019ibikorwa vyinshi vyarangurwa n\u2019ishirahamwe ritanga amatara n\u2019amazi Regideso, vyarashika ko iyo umunywanyi asavye kuronka amatara amara iminsi atarashobora [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4659,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207,213],"tags":[376,375],"coauthors":[34],"class_list":["post-4658","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","category-ukubana","tag-regideso","tag-umuyagankuba"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4658","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4658"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4658\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4660,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4658\/revisions\/4660"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4659"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4658"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4658"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4658"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4658"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}