{"id":4642,"date":"2019-12-29T13:13:21","date_gmt":"2019-12-29T12:13:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4642"},"modified":"2021-01-27T14:33:40","modified_gmt":"2021-01-27T13:33:40","slug":"utuzu-surwumwe-akayobera-bahinga-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/utuzu-surwumwe-akayobera-bahinga-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Utuzu twa surwumwe, akayobera bahinga mu gisagara"},"content":{"rendered":"\n<p> <strong>Mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ubukene bw\u2019utuzu twa surwumwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. N\u2019utuhari si benshi bafise amahirwe yo kutujamwo kuko barihisha amahera.<\/strong>..<\/p>\n\n\n\n<p>Akazu ka surwumwe kamwe kari gakwiye gusangirwa n\u2019abantu cumi gusa kandi hakaba igice cagenewe abagabo ikindi abagore, nkuko umwe mu bahinga mu vy\u2019isuku abivuga. Ariko ushitse mu bibanza vyinshi mu gisagara ca Bujumbura, si uko biri. N\u2019iyo bishitse n\u2019utwo tuzu twasurwumwe tukaba duhari kudukoresha ni ukwisopa mu mifuko: 100 canke 200 Fbu iyo bakwibonyemwo, gutyo ukabona kwiherera.  <\/p>\n\n\n\n<p> Akarorero ni ako muri Galerie Kilimandjaro twagendeye. Muvy\u2019ukuri iki kibanza kirimwo uruja n\u2019uruza rw\u2019abantu isinzi. Ariko utuzu tw\u2019ubwiherero duhari ntiturenga 4 (2 ku bakobwa na 2 ku bahungu) kandi na two nyene turihishwa 100fbu. Aho rero kuriha ntibirinda kuba uhakorera canke uvuye hanze.  <\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Abakorera\nmuri ivyo bibanza babikika gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Vestine ni umwe mu badandariza muri Galerie Kilimandjaro. Ati: \u00ab <em>Reka reka hari ivyo twahevye kubera ibura ry\u2019utuzu tw\u2019ubwihero, n\u2019uduhari dutorezwa amahera. Kera jewe nahora ntonda nyoye amazi nkuko tubihanurwa n\u2019abaganga ariko ubu narahevye kuko nabonye nohahombera. Nogira kuriha ayo ku mwanda muto nkashirako ayo ku mwanda mukuru, nkaba ndanajayo akarenga kabiri noba ndiko nkorera kuriha surwumwe? Eka mama ndigumya umusonga nkawurindirako gushika ntahe\u00bb<\/em>. <\/p>\n\n\n\n<p> Erega uwo Vestine ashobora kwihangana gushika atashe ngo ari mu bo bigendeka. Faustin we ngo ntarabugayigwa! Uyu ni umuhungu w\u2019imyaka 17 adandaza utumwanya ahasanzwe hakorera amashirahamwe yunguruza abantu nka za Volcano, Memento kuri Cotebu. Agira ati<em>: \u00ab Jewe ndi umuhungu. Iyo umusonga umfashe ndihengeka ahantu nkawushora, ayo majana abiri nari gutanga nkayatoza igitumbura congera kumfata mu nda \u00bb<\/em>. N\u2019aho nyene kuri Cotebu harangwa utuzu twa surwumwe tune gusa! Rero, uravye igitigiri kinini c\u2019abantu bahagendera ukongerako abasanzwe bahakorera, uca utahura igituma hamwe na hamwe umunuko uhamagarira kure.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">4,5 mds de personnes n\u2019ont pas de <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/toilettes?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#toilettes<\/a> fiables, 892 m pratiquent la d\u00e9f\u00e9cation \u00e0 l&#39;air libre, et des millions de jeunes <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/filles?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#filles<\/a> sont priv\u00e9es d\u2019\u00e9cole pendant leurs r\u00e8gles. Le 19\/11 pour la <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/journ%C3%A9emondiale?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#journ\u00e9emondiale<\/a> des toilettes, PARLONS-EN ! <a href=\"https:\/\/t.co\/PiI2KHPnH7\">https:\/\/t.co\/PiI2KHPnH7<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/NoMoreTaboo?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#NoMoreTaboo<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/MKjIZ3RZrA\">pic.twitter.com\/MKjIZ3RZrA<\/a><\/p>&mdash; Banque mondiale (@Banquemondiale) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/Banquemondiale\/status\/1063832983734501378?ref_src=twsrc%5Etfw\">November 17, 2018<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>\n<strong>Ingaruka\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nMuganga\nIrumvira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Kutikura\numusonga ni bimwe mu bitera ingwara ya infection urinaire,\nukutihangana, eka mbere n\u2019ingwara y\u2019amafyigo iraziramwo<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em>\nYongerako ati: <em>\u00ab<\/em><em>\nIyo kwihagarika bigiriwe ahantu bitagenewe canke aho utuzu twa\nsurwumwe tutagirirwa isuku bikwiye, birongereza ingwara ziva kw\u2019isuku\nrike nko gucibwamwo, Cholera, Hepatite A, Typho<\/em><em>\u00ef<\/em><em>de\nn\u2019izindi nyinshi<\/em><em>\u00bb<\/em>.\n\n<\/p>\n\n\n\n<p> Abakorera co kimwe n\u2019abagendera muri ivyo bibanza barasaba ko abajejwe inyubako mu gisagara bokurikirana ko zikwije amategeko na cane cane ubwiherero butarihishwa, ubwo na bwo bukubakwa aho hose hateranira abantu nk\u2019amasoko, ibituro vy\u2019imiduga, amashure n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p> Mwomwenya ko mu cirwa cakozwe n\u2019ishirahamwe rijejwe amagara y\u2019abantu kw\u2019isi (OMS) na UNICEF mu 2017, abantu barenga imiriyaridi zibiri kw\u2019isi ata tuzu twa surwumwe bafise. Muri abo imiriyoni amajana atandatu bikurira umusonga hanze, mu ma-caniveaux, mu nzuzi n\u2019ahandi. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Kathia Iradukunda, ariko arimenyereza mu\u00a0<a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong> <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ubukene bw\u2019utuzu twa surwumwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. N\u2019utuhari si benshi bafise amahirwe yo kutujamwo kuko barihisha amahera&#8230; Akazu ka surwumwe kamwe kari gakwiye gusangirwa n\u2019abantu cumi gusa kandi hakaba igice cagenewe abagabo ikindi abagore, nkuko umwe mu bahinga mu vy\u2019isuku abivuga. Ariko ushitse mu bibanza vyinshi mu gisagara [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4643,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,486],"tags":[23,333],"coauthors":[34],"class_list":["post-4642","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-ijwi-ryabana","tag-bujumbura","tag-isuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4642","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4642"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4642\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4805,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4642\/revisions\/4805"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4643"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4642"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4642"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4642"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4642"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}