{"id":4625,"date":"2019-12-26T14:29:54","date_gmt":"2019-12-26T13:29:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4625"},"modified":"2020-05-09T14:13:27","modified_gmt":"2020-05-09T12:13:27","slug":"burundi-amagara-urucanco-ebola-oms","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-urucanco-ebola-oms\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, abantu barenga 4 000 bararonkejwe urucanco rukinga umugera w\u2019indwara ya Ebola"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva aho umugera wa Ebola wigaragarije mu gihugu ca <a href=\"https:\/\/www.who.int\/csr\/don\/06-september-2019-ebola-drc\/fr\/\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Congo (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\">Congo<\/a> ugahitana abantu barenga 2000, harakozwe ubushakashatsi bwo gukinga ico kiza batako baratora urucanco rukinga uwo mugera wa Ebola witwa \u00ab Za\u00efre \u00bb. Ku bw\u2019ivyo n\u2019uBurundi bwarungukiye kuri urwo rucanco aho abantu bashika 4 105 biboneka ko bogeramirwa cane baruronse ku bantu 4320 bari barutegekanirijwe. Bishikirizwa na Muganga J.Bosco Girukwishaka umuvugizi w\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019urucanco rwatanzwe mu ntumbero yo gukinga Ebola, muganga Girukwishaka amenyesha yuko urwo bakoresheje rukinga uwo mugera, rwatanguye gutangwa kuva ico kiza gitanguye kwibonekeza muri Congo. Rero ngo kubera ko abantu bari batanguye gupfa ku bwinshi, ngo harakozwe ivyigwa vyinshi cane bashakisha uburyo bwo kuwukinga kugeza aho mbere ico gihe banarutanga ivyigwa vy\u2019urwo rucanco bitarahera mu ntumbero yo kuraba ko n\u2019imiburiburi inyungu ishobora kuba nyinshi gusumba ingaruka mbi. Ni ko kurugerageza basanga rurakinga.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"Zqq3R3I7bi\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-ebola\/\">Ubumwe bw\u2019ibihugu vya Buraya mu rugamba rwo gukinga umugera wa Ebola mu Burundi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Ubumwe bw\u2019ibihugu vya Buraya mu rugamba rwo gukinga umugera wa Ebola mu Burundi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-ebola\/embed\/#?secret=n064mclJNL#?secret=Zqq3R3I7bi\" data-secret=\"Zqq3R3I7bi\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Nta\nngaruka mbi urwo rucanco rufise<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko uwo muvugizi w\u2019ubushikirangaji bw\u2019amagara y\u2019abantu abandanya abivuga, ngo bari barindiriye gusa kumenya ko nk\u2019iyo umukenyezi yibungenze canke yonsa ata ngaruka mbi zishobora kuba mu gihe yoronswa urwo rucanco. Rero ngo basanze ata kibazo rutera. Ariko amenyesha ko ivyigwa vyari vyerekanye ko uwuhawe urwo rucanco mu masaha 24 ashobora kugira ibimenyetso nk\u2019ivyindwara ya Malaria. Ivyo na vyo ni nko kugira ingoga nke, kutamera neza mu kanwa, kumeneka umutwe, ubushuhe n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urwo\nrucanco rwoba ruzoshikira abarundi bose?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga J.Bosco Girukwishaka agira ati<em>: <\/em>\u00ab<em> Kuri urwo rucanco, ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n\u2019amagara y\u2019abantu OMS ntirica rikingira abantu bose bari mu gihugu iyo ndwara yibonekejemwo ubwa mbere. Ahubwo icihutirwa ni ugukingira abantu bashobora kwandura ubwa mbere bivanye naho bari n\u2019ivyo bakorera mu gace iyo ndwara ivugwamwo \u00bb.<\/em> Akanamenyesha ko mu Burundi hahawe urucanco imigwi y\u2019abantu bashizwe ku mbibe bajejwe gusuzuma abinjira. Abo na bo bakaba ari : abavuzi, abajejwe umutekano bagendura uruja n\u2019uruza ku mbibe, hatibagiwe n\u2019abakorera ku bitaro bishobora kwakira abofatwa na Ebola, abakorera ku kibuga c\u2019indege, ku bivuko, \u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga J.Bosco Girukwishaka aheraheza amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekana yuko abaronse urwo rucanco n\u2019ubwo bohura n\u2019uwugwaye Ebola atandura kandi ko rumukingira mu kiringo kingana n\u2019umwaka umwe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva aho umugera wa Ebola wigaragarije mu gihugu ca Congo ugahitana abantu barenga 2000, harakozwe ubushakashatsi bwo gukinga ico kiza batako baratora urucanco rukinga uwo mugera wa Ebola witwa \u00ab Za\u00efre \u00bb. Ku bw\u2019ivyo n\u2019uBurundi bwarungukiye kuri urwo rucanco aho abantu bashika 4 105 biboneka ko bogeramirwa cane baruronse ku bantu 4320 bari barutegekanirijwe. Bishikirizwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4626,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[243],"coauthors":[189],"class_list":["post-4625","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ebola"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4625","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4625"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4625\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4631,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4625\/revisions\/4631"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4626"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4625"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4625"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4625"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4625"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}