{"id":4622,"date":"2019-12-25T11:00:14","date_gmt":"2019-12-25T10:00:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4622"},"modified":"2021-01-27T16:34:37","modified_gmt":"2021-01-27T15:34:37","slug":"gutegura-uburobe-nyanza-lac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gutegura-uburobe-nyanza-lac-burundi\/","title":{"rendered":"Ingene uburobe butegurwa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu benshi bakunze kubona uburobe bukubiye mu mutoto ariko ntibazi ngo butegurwa gute. Bavuga ko ata co bwungura mu mubiri, ariko bukama bwarenze ururinga. Mu minsi mikuru ho n\u2019ibindi. None ivyo bibuvugwa ko ni vyo\u00a0? Ico bikoze co ngo buboneka habaye ukwiyuha icuya bigakomera\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwatsitaye akanyama canke utudagara, agakeke n\u2019utundi tuboga turyoshe, na cane cane abari mu karere k\u2019imbo bagiye gusuma ibirungo bategerezwa kwibangikanya n\u2019udufaranga tw\u2019akantu gashishiriye. \u00ab <em>Mpa mpereza akabamo ntuze ndihuta<\/em>\u00bb. Iryo ni\u00a0 ryo jambo rizokurangira aho ububamo budandarizwa. <\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;<strong>None woba uzi ingene akarobe gategurwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma yo gusoroma imyumbati, igatonorwa, barayihimbagura, bakayinika kuva ku minsi itatu gushika ku ndwi (aho ni mu gihe iyo myumbati irura cane). Iyihoze yinikwa iminsi itatu, canke ine. Ariko rero\u00a0 nubwo biri uko, ngo uguma hafi uko iminsi ibiri irangiye uza usimba uyiropora kugira usese amazi ya mbere yarimwo umururazi, ugaheza ukongera mwo mashasha. Igikorwa kiba kikibandanya.\u00a0 Ya minsi imaze gukwira, ngo iranurwa yose. Aho rero haba hageze ko itekwa kugira ngo mu gihe c\u2019isekurwa ryayo\u00a0 ibe yamaze kworoha neza, yimirije gushika ku ntambwe ya nyuma yo gujingurwa ngo ivemwo umutsima ukwiriye kurondererwa akaboga. <\/p>\n\n\n\n<p>Niyogusenga Joselyne ari na we atanga ayo makuru, yongera ko ati\u00a0:\u00ab <em>Tubaye tugihezeze kubutsumba tsanke kubutsutsuma turaheza tukabuhakurira\u00a0 ku mitoto y&rsquo;ibitoke ibabuye\u00a0 tukabuzingazingira mwo maze tukabupangapanga mu migwi twisunze ibiciro dushaka kubutanga<\/em> <em>ko<\/em>\u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega ni bande bakora ico\ngikorwa&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Estella Iradukunda aba i Nyanza-Lac, agakora n\u2019ubwo bubamo agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab Ku mvo z\u2019uko ari igikorwa gisaba umwete no kwama umuntu ari\u00a0 hafi, bikunze gukorwa n&rsquo;abigeme canke abagore. Erega utagiye urabikurikiranira hafi wosanga vyononekaye.\u00a0 Ntuzi ko abagabo kenshi baba bibereye mu kabare canke bafashe ingendo za kure bagataha bateba\u00a0? Kira noneho\u00a0 si n\u2019abagabo bose bopfukama babucumba kuko kenshi tubucumbira mu bwato, dupfukamye, aho ni ho ducumba bwinshi gusumba mw\u2019isekuro<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri iyo mfungurwa hoba harimwo akamaro akahe?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ntiyanogeye Athanase, umuhinga yanonosoye ivyigwa vy\u2019ugufungura neza, agira ati:\u00a0\u00ab<em>\u00a0Bivanye n\u2019uko imyumbati bayimaza iminsi mu mazi yinitse, umugwi w&rsquo;ingaburo ntanganguvu uravamwo ukisigarira muri ya mazi. Ni co gituma abenshi bavuga ko ata kintu na kimwe c\u2019akamaro mu mubiri w&rsquo;umuntu kiba kiri mwo.\u00a0 Ariko burya akamaro kari mwo nubwo kadashemeye\u00a0<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00a0Athanase avuga ko uwo mutsima uhabwa agaciro n&rsquo;imboga bijana nk&rsquo;irengarenga, ibiharage, akanyama, n&rsquo;ibindi kuko arizo zica zizana akamaro mu mubiri, na zo zikaba ziri muyindi migwi y&rsquo;imfungurwa\u00a0\u00bb. Uwo muhinga avuga kandi ko ku muntu afise ingwara y&rsquo;igisukari atorya iyo mfungurwa kenshi kuko hari mwo \u00abamidon\u00bb nyinshi. Akarangiza ahanura ko n\u2019imiburiburi bimwankiye atorenza nka kabiri mw&rsquo;iyinga. Na yo ababikora bagahamagarirwa kwitwararika isuku na ntaryo mu gihe bategura uwo mutsima.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu benshi bakunze kubona uburobe bukubiye mu mutoto ariko ntibazi ngo butegurwa gute. Bavuga ko ata co bwungura mu mubiri, ariko bukama bwarenze ururinga. Mu minsi mikuru ho n\u2019ibindi. None ivyo bibuvugwa ko ni vyo\u00a0? Ico bikoze co ngo buboneka habaye ukwiyuha icuya bigakomera\u2026 Uwatsitaye akanyama canke utudagara, agakeke n\u2019utundi tuboga turyoshe, na cane cane [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4623,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,213],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-4622","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4622","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4622"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4622\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4624,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4622\/revisions\/4624"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4623"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4622"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4622"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4622"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4622"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}