{"id":4615,"date":"2019-12-24T13:03:19","date_gmt":"2019-12-24T12:03:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4615"},"modified":"2019-12-29T12:55:16","modified_gmt":"2019-12-29T11:55:16","slug":"abadandaza-unites-mairie-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abadandaza-unites-mairie-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Kuva abadandaza b&rsquo;ama unit\u00e9s babujijwe gukorera mu mitaka, imyidogo ni yose"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva aho umukuru w&rsquo;igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa afatiye ingingo yo guhagarika urudandaza rw\u2019ama unit\u00e9s rubera mu mitaka muri ico gisagara no hagati mu makaratiye, imyidogo ni myinshi ku bari batunzwe no gukora urwo rudandaza .<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi igitigiri kinini c\u2019abakora urudandaza rw\u2019ama unit\u00e9 haba mu muhora wa Econet Wireless, Lumitel, Smart canke Onamob \u00a0usanga ari urwaruka mbere benshi bakaba bijukiye ico gikorwa kuva aho ubuzi butanguriye gukena, aho bamwe bagikora barondera ubuzima nk\u2019uko bavyivugira ubona ko cari igikorwa kidasaba umutahe munini kandi benshi bakaba bagikora baciga canke bagiheza amashure.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-very-light-gray-background-color\">Igitigiri c&rsquo;abadandaza ama-unit\u00e9 bakanafasha mu kurungika amafaranga gitera ciyongera: ubu ni 77.000 baharugwa muri urwo rudandaza muri Lumitel. Muri Econet Wireless naho, baharurwa mu 73.000.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00a0Urwo rudandaza ngo rwabasahiriza cane kuko bamwe batari bakigoza abavyeyi babo akantu ako ari ko kose ahubwo mbere bamwe bavuga ko bashobora gutahana n\u2019amafaranga ashika 10000 ku munsi. None ho ngo : <em>\u00abBwavunikiyemwo umushoka?\u00bb <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bagiye\nkworoherwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bati : \u00abAho umworo yanitse ntibwuma\u00bb. Dismas avuga ko amaze imyaka 3 ahejeje kaminuza y\u2019Uburundi, akaba yaramaze imyaka 3 nyene akora urwo rudandaza. Akagira ati: \u00ab<em>Mu bisanzwe twe twabona ko kudandaza ama unit\u00e9 bwari uburyo bumwe mu&nbsp; bundi bwinshi cane umuntu ashobora gucamwo mu kurondera ubuzima. Ntitwiba kanatsinda nta n\u2019amakosa twagirizwa uretse ko dufasha abatwituye. Twari dukwiye kurekurirwa tukabandanya akazi canke na ho hari ivyo babonye dukora nabi babitubuza ahandi ho ntitworohewe na gato<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Louis ati: \u00ab<em>Ama-init\u00e9 yari ambeshejeho n\u2019umuryango wanje ntitwari twidoga, ariko kuva aho ingingo isohokeye sinkigira ayo ncira n\u2019ayo mira. Ni aho gusubira ruguru kuragira udutungwa 3 narimaze kugura negere umuryango ntakundi<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Eka n\u2019abagura ama init\u00e9 ngo ntibarasobanukirwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em>Nahora ngura ama inite aho ngeze hose kandi vyoroshe, mbere mvuye i muhira nta n\u2019amfaranga nahora nirirwa nditwaza kuko nayagendana muri carte sim &nbsp;nkayatora ku mukozi wa lumicash canke uwa ecocash aho ngeze&nbsp; ku gutinya abasuma ariko ubu ndabona bizoza birangora kuko nzohora ntonda imirongo nko kuri banki ivyo twari twarabisezereye<\/em> \u00bb. Uwo ni Jean Christophe, umutama wo mu Ngagara.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu mihora, agacerere ni kose &#8230;.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubajije mu mihora yo gutumatumanako amakuru ikorera mu Burundi, ko hari ico boba bariko barakora mu ntumbero yo guherekeza abo bahora badandariza ama inite mu gisagara ca Bujumbura ari nko kwugurura amazu y\u2019idandarizo ry\u2019ama unit\u00e9 azwi kandi yemewe n\u2019amategeko, ntibashima gutanga inkuru .<\/p>\n\n\n\n<p>Muri Econet Wireless, umukozi waho atashimye ko izina ryiwe ryandikwa, amenyesha ko agahombo katabuze kwibonekeza ariko ngo hari ukuntu bariko bariga bazogenzereza abakozi babo nubwo atashimye kuvuga adomyeko urutoke.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko muri Mairie ya Bujumbura ingingo ikiri ya yindi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva aho umukuru w&rsquo;igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa afatiye ingingo yo guhagarika urudandaza rw\u2019ama unit\u00e9s rubera mu mitaka muri ico gisagara no hagati mu makaratiye, imyidogo ni myinshi ku bari batunzwe no gukora urwo rudandaza . Mu Burundi igitigiri kinini c\u2019abakora urudandaza rw\u2019ama unit\u00e9 haba mu muhora wa Econet Wireless, Lumitel, Smart canke Onamob \u00a0usanga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4616,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[252],"coauthors":[34],"class_list":["post-4615","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-ub"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4615","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4615"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4615\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4621,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4615\/revisions\/4621"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4616"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4615"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4615"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4615"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4615"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}