{"id":4581,"date":"2019-12-20T12:23:33","date_gmt":"2019-12-20T11:23:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4581"},"modified":"2019-12-29T12:54:56","modified_gmt":"2019-12-29T11:54:56","slug":"cossessona-syndicat-indero-imishahara-abigisha-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/cossessona-syndicat-indero-imishahara-abigisha-burundi\/","title":{"rendered":"Harakenewe umwaka ugira 5 wo kuringaniza imishahara mu bakozi ba reta"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nubwo reta atako itakoze kugira umugambi wo gutunganya gushasha imishahara uje mu ngiro, biragaragara ko ukwezi kwa mbere kw\u2019umwaka wa 2020 bitoba biraja mu ngiro kuko ibikorwa bikiri vyinshi kugira umugambi uranguke neza ata mahinyu yibonekeje.\u00a0 Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uwu 17 Kigarama 2019 na Victor Ndabaniwe arongoye urunani mpuzamasendika y\u2019abigisha (Cossesona).<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu minsi mike cane, imyaka ine izoba irangiye umugambi wo gutunganya gushasha imishahara no gukuraho ubusumbasumbane bw\u2019imishahara mu bakozi ba reta utanguye. Muri iyo ntumbero abaserukira urwo runani bashikirije umwitwarariko ku bijanye n\u2019ishirwa mu ngiro y\u2019uwo mugambi narirya inyishu y&rsquo;ico kibazo kirindiranywe igishika n\u2019abakozi ba reta batari bake basanzwe bazeye akoyokwe kuri uwo mugambi. Vyongeye biri no mu masezerano bamaze igihe kitari gito baragiriraniye n\u2019abarongoye Reta y\u2019Uburundi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari\nibimaze gukorwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko bishikirizwa na Victor Ndabaniwe arongoye urunani Cossesona, reta yaragaragaje ishaka muri ico gikorwa. Agira ati: <em>\u00abReta yaradufashije mu kubohora amapete mu mwaka wa 2003 yari asanzwe yarahagaritswe n&rsquo;ingingo yo kuduga amapete hakoreshejwe ikibazo, kuduza umushahara wa mbere gushika ku bice 15% n&rsquo;ibice 34% ku turusho tw\u2019uburaro no kwiyunguruza. Reta yarasubiyemwo kandi ibijanye no guharura amakori yo ku mishahara, irahinyanyura itegeko rijanye n&rsquo;uburambe mu kazi mu mwaka wa 2007 kuko iryo muri 2003 ritorohereza umukozi, iratunganya ivyo gukuraho ubusumbasumbane bw&rsquo;imishahara, iranashiraho umugwi wo kuganiriramwo nka CNDS n&rsquo;ibindi\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None\nubu naho hasabwa iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Victor Ndabaniwe avuga ko bihweje ibikorwa bitegerezwa gukorwa, urunani Cossesona rusaba reta gutegekanya kuva mu kwezi kwa mbere ku mwaka wa 2020 ibahasha rigizwe n&rsquo;imiburiburi imiriyaridi 10 y&rsquo;amafaranga y&rsquo;amarundi mu mezi atandatu azotangurira uyo mwaka ayo nayo akazofasha mu kubandanya batunganya neza imishahara y&rsquo;abigisha n&rsquo;abandi bakozi bafise imishahara ibangabanganwa ni y&rsquo;abigisha. Muri make avuga ko hasabwa umwaka wa gatanu w&rsquo;itunganywa ry&rsquo;imishahara. Si ivyo gusa, barasaba kandi reta ko yofata nkama uwo mugambi urindiranywe igishika n&rsquo;abakozi kuva kera batibagiye kwiga neza imyitwarariko y&rsquo;abakozi ku bijanye n&rsquo;uturusho ku mishahara yabo nkuko vyategekanywa muri uwo mugambi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo arongoye urwo runani agasaba\nabigisha nabo kudaha ikibanza amakuru atari yo aca ku mbuga ngurukana bumenyi\nasanzwe arimwo ibinyoma bakama na ntaryo bibuka ko iyo ntambwe bashitseko ari\nicamwa cavuye mu bisabo n&rsquo;ibiganiro vyakozwe n&rsquo;amasendika bafatanije\nn&rsquo;ababijejwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intambamyi\nmw\u2019ihangiro bari bihaye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Emmanuel Mashandari icegera c&rsquo;uwuserukira\nurwo runani avuga ko ahanini intambamyi yabaye akazi kenshi kategerezwa kubanza\nkurangurwa imbere y\u2019igihe. Aho rero akavuga nk&rsquo; ibijanye no gutanga amanota vyabatwaye\numwanya munini narirya ubushikiranganji bw&rsquo;indero bwonyene bufise abakozi\nbarenga ibihumbi 80, kuraba ko amanota yatanzwe mu muco hamwe no guha agaciro\nayo amanota ari na vyo bazofatirako mu guhemba abakozi hatibagiwe gushiraho\namategeko agenga abakozi ba reta mbere no gusubiriza amategeko amw\u2019amwe\natagihuye n&rsquo;ibihe.<\/p>\n\n\n\n<p>Twibukanye ko uwo mugambi wa reta watanguye mu mwaka wa 2016 inyuma y&rsquo;imyaka myinshi abakozi b&rsquo;ubushikiranganji bw&rsquo;indero bari bamaze basaba ko botunganirizwa atakivamwo mbere n&rsquo;ingendo yo guhagarika imirimo ikaba yari yahindutse umugenzo ku mwigisha mu kugira ico asaba reta. Uwo mugenzo ukaba utakivugwa muri iki gihe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nubwo reta atako itakoze kugira umugambi wo gutunganya gushasha imishahara uje mu ngiro, biragaragara ko ukwezi kwa mbere kw\u2019umwaka wa 2020 bitoba biraja mu ngiro kuko ibikorwa bikiri vyinshi kugira umugambi uranguke neza ata mahinyu yibonekeje.\u00a0 Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uwu 17 Kigarama 2019 na Victor Ndabaniwe arongoye urunani mpuzamasendika y\u2019abigisha (Cossesona). Mu minsi mike [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4582,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[374],"coauthors":[34],"class_list":["post-4581","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-cossessona"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4581","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4581"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4581\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4600,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4581\/revisions\/4600"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4582"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4581"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4581"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4581"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4581"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}