{"id":4571,"date":"2019-12-17T13:45:04","date_gmt":"2019-12-17T12:45:04","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4571"},"modified":"2019-12-29T12:54:29","modified_gmt":"2019-12-29T11:54:29","slug":"umugambi-menyumenyeshe-care-burundi-apfb-netherlands-gitega","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugambi-menyumenyeshe-care-burundi-apfb-netherlands-gitega\/","title":{"rendered":"Ubwo birashoboka ko umugambi Menyumenyeshe uja mu minwe y\u2019abayobozi b\u2019indero mu mashure?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Isereruka ry\u2019umugambi Menyumenyeshe mu rwaruka ruri mu mashure ryaruhaye kumenya ico ruri, ivyo bituma rwihesha agaciro, abahora bagendera mu ngeso mbi baraziheba, inda z\u2019indaro ziragabanuka, umwanya bahora bata mu bitagira ikimazi bawukamisha ibikorwa vyo kwiteza imbere, mbere bamwe barahava bagira n\u2019umwitwarariko wo kuwukwiragiza ahandi. Ku bw\u2019ivyo vyamwa vyawo, abayobozi b\u2019amashure na bo bagize bati\u00a0: \u00ab Ihibambe, ntukazime tukiriho \u00bb.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva kw\u2019igenekerezo rya 11 gushika ku rya 13 Kigarama, mu ntara ya Gitega, ishirahamwe ryishinze guteza imbere umwigeme w\u2019umurundikazi APFB (Association pour la Promotion de la Fille Burundaise) rifashwe mu mugongo na Care International, ryaratunganije uruganda rwakoranije abayobozi b\u2019amashure mu ntara umugambi Menyumenyeshe umaze gushika mwo. Hari mu ntumbero yo kurabira hamwe ibikorwa bimaze kurangurwa n\u2019ubwo buyobozi, n\u2019ukwiga ingengene amashure nyene yowufata mu minwe akawugira uwayo ku buryo n\u2019aho ikiringo cawo cohera, utoca uzimangana.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri urwo ruganda harabaye\nho ugushingiranira intahe, intara ku ntara aho abayobozi basabikanya ivyo baranguye\nkubw\u2019umugambi Menyumenyeshe ndetse n\u2019ingaruka vyagize ivyo bituma bungurana\nivyiymviro.<\/p>\n\n\n\n<p>Claver Ndikuriyo, Ni\numuyobozi w\u2019indero muri komine Muha iri mu gisagara ca Bujumbura. Uwo,\namenyesha ko kuva mu mwaka wa 2016 umugambi Menyumenyeshe uhashitse habaye\nihinduka rikomeye. Atanga akarorero kw\u2019ishure shingiro Busoro higeze gutwara\ninda&nbsp; abana 8 mu mwaka&nbsp; umwe ariko ubu hakaba habonetse imwe yonyene.\nKw\u2019ishure rya Ruziba abigeme ngo wasanga ku mwaka ari nka 4 batwaye inda z\u2019indaro\nariko gushika ubu ngo nta n\u2019imwe ikiharangwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ob\u00e8de Bizovugayesu, umuyobozi w\u2019ishure ry\u2019i Remera muri komine ya Mugwi avuga ko n\u2019ibiburiburi abakobwa 3 ku mwaka batwara inda ariko ubu ngo ntibicibonekeza. Ku bw\u2019inyigisho zitangwa muri uwo\u00a0 mugambi abana b\u2019abigeme ngo basigaye batinyuka bakayaga n\u2019abavyeyi babo ivy\u2019ihindagurika ry\u2019imibiri yabo, ibitari vyoroshe mu myaka irenganye. <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"RUq4cVzuid\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugambi-menyumenyeshe-cordaid-rumonge-burundi\/\">Umugambi Menyumenyeshe ufasha urwaruka rurenga 4 700 mu ntara ya Rumonge<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umugambi Menyumenyeshe ufasha urwaruka rurenga 4 700 mu ntara ya Rumonge\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugambi-menyumenyeshe-cordaid-rumonge-burundi\/embed\/#?secret=IjJhE4BrPn#?secret=RUq4cVzuid\" data-secret=\"RUq4cVzuid\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hari\nubuhinga bwakoreshejwe&nbsp;mu gutanga inyigisho <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ha mbavu y\u2019abatanga\ninyigisho biciye mu migwi isanzwe iri ku mashure nk\u2019iyigishanya ivy\u2019irondoka\nrijanye n\u2019amagara meza, ivy\u2019isuku n\u2019ibindi, hari ukundi kuntu inyigisho\nz\u2019umugambi Menyumenyeshe zitangwa biciye mu vyese, abandi bakazicisha ndirimbo.\nOb\u00e8de Bizovugayesu we amenyesha ko kw\u2019ishure ayoboye hari n\u2019abana basigaye\nbigisha ivy\u2019uwo mugambi babicishije mu bicapo kandi ivyo bakabikorana umwete ku\nburyo babishishikaye boshikana ikivi kure.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kubwa\nMenyumenyeshe urwaruka rwarajijutse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ob\u00e8de amenyesha ko\nkw\u2019ishure ry\u2019i Remera abana b\u2019abigeme batakiboshwe na ya mico ya kera itabemerera\nkwisanzura ngo bavuge canke bakore &nbsp;kandi\nkumbure botejwe imbere n\u2019ugushira ahabona impano ziri muri bo. Aho rero\nagatanga akarorero k\u2019ukuntu bashoboye kuja hamwe barigishanya ingene bakora\nudukoresho tubafasha mu bihe vy\u2019ubutinyanka bakaza barasahirizanya bitagoranye.\nUbu mbere ngo barugurutse mu mutwe, bararima, bakimbura eka bakaronka\nn\u2019udufaranga ku buryo bashoboye n\u2019ukwiyubakira inzu bakoranira mwo bahana\ninyigisho z\u2019ivy\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza. <\/p>\n\n\n\n<p>Nkunzimana Alice,\numuhuzabikorwa mw\u2019ishirahamwe Apfb, yisunze intahe z\u2019abayobozi zivuga ibikorwa\nbamaze kurangura, akumva ingene ishure rimwe ry\u2019i Muyinga ryashoboye\ngukwiragiza ivyigwa vy\u2019umugambi Menyumenyeshe mu makomine 6 aho utarashika, ngo\nafise ivyizigiro vy\u2019uko uzoguma utsimbatazwa no mu gihe ikiringo cawo kizoba\ncaheze. Agahamagarira abayobozi bose guhora bawuhagararira eka no mu manama\nbakunda kugira bakawugarukako kenshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko abayobozi bari bitavye urwo ruganda bahagurukanye inguvu zidasanzwe aho umwe wese yajanye umuhigo wo kurangura ibikorwa yabuye kuri mugenzi we. Bakaba biyemeje gufata mu minwe umugambi Menyumenyeshe na kare ngo vyaragaragaye ko aho inyigisho zawo zashitse, n\u2019umwimbu w\u2019amanota wiyongereye, bihesha agateka urwaruka ndetse n\u2019abarezi nyene ubwabo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Isereruka ry\u2019umugambi Menyumenyeshe mu rwaruka ruri mu mashure ryaruhaye kumenya ico ruri, ivyo bituma rwihesha agaciro, abahora bagendera mu ngeso mbi baraziheba, inda z\u2019indaro ziragabanuka, umwanya bahora bata mu bitagira ikimazi bawukamisha ibikorwa vyo kwiteza imbere, mbere bamwe barahava bagira n\u2019umwitwarariko wo kuwukwiragiza ahandi. Ku bw\u2019ivyo vyamwa vyawo, abayobozi b\u2019amashure na bo bagize bati\u00a0: \u00ab [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4573,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[144,234,293],"coauthors":[34],"class_list":["post-4571","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-apfb","tag-care-burundi","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4571","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4571"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4571\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4575,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4571\/revisions\/4575"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4573"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4571"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4571"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4571"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4571"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}