{"id":4528,"date":"2019-12-12T11:27:30","date_gmt":"2019-12-12T10:27:30","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4528"},"modified":"2019-12-12T12:47:23","modified_gmt":"2019-12-12T11:47:23","slug":"burundi-imico-imigenzo-iterambere-care","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-imico-imigenzo-iterambere-care\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, imico n\u2019imigenzo ni inzitizi z\u2019iterambere ridakumira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Imico n\u2019imigenzo y\u2019ikirundi iri mu bikumira umukenyezi maze bigatuma abagabo eka mbere n\u2019ikibano bayikika inyuma mu guhohotera agateka k\u2019umukenyezi. Ivyo biri mu vyavuye mu cigwa cashikirijwe kuri uwu wa 9 kigarama kuri Royal Palace Hotel na Nic\u00e9dore Nkurunziza umuhinga mu gisata ca \u00ab\u00a0Inclusion financi\u00e8re, March\u00e9 et Genre\u00a0\u00bb muri Care Burundi. Ni mu gihe bariko baraba icokorwa kugira bashikire iterambere ridakumira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu mugambi wa Care Burundi baripfuza ko mu myaka ibiri canke itatu iri imbere bazoba bafise imitumba 200 y\u2019akarorero izira amabi afatiye ku gitsina. Ivyo bishikirizwa na Juv\u00e9nal Afurika arongoye ishirahamwe Care Burundi aho yamenyesha ko nubwo ishirahamwe Care Burundi rikwije imyaka 25 rikorera mu gihugu c\u2019Uburundi na canecane mu gisata co guteza imbere iterambere ry\u2019umukenyezi, bigaragara ko intambwe ikiri ndende.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntara zitandatu Care ikoreramwo imigambi yayo arizo Ngozi, Kayanza, Muyinga, Kirundo, Bujumbura Rural na Gitega, harakozwe ivyigwa bitatu, bibiri mu mwaka wa 2017 n\u2019ikindi muri uyu mwaka wa 2019 bifatiye ku kuraba ingene umukenyezi afashwe mu kibano. Nic\u00e9dore Nkurunziza yashikirije ivyavuye muri ivyo vyigwa avuga ko basanze imico n\u2019imigenzo ishira umugabo imbere maze umugore agakumirwa, agahohoterwa eka mbere bikamuviramwo kudaserukirwa nkuko bikwiye mu nzego zifata ingingo. <br>Tubonereho kwibutsa ko mu rusansuma ruheruka gukorwa mu Burundi mu 2008 rwerekanye ko abagore n\u2019abakobwa bangana 50,8% mu gihe abagabo bangana 49,2%.  <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"hNetgqYToi\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kuziganya-kuguranana-urwaruka-karusi-burundi-menyumenyeshe-care-cordaid-unfpa\/\">Kuziganya no kuguranana bifasha gute urwaruka guheba ingeso mbi ?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Kuziganya no kuguranana bifasha gute urwaruka guheba ingeso mbi ?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kuziganya-kuguranana-urwaruka-karusi-burundi-menyumenyeshe-care-cordaid-unfpa\/embed\/#?secret=eOFpZrKLMQ#?secret=hNetgqYToi\" data-secret=\"hNetgqYToi\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Abagabo 73,25% n\u2019abagore 28,60% bati: \u00abUmugore ni umunyakigo\u00bb<\/strong> <\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko biri muri ivyo vyigwa vyakozwe, abagabo 75,85% n\u2019abagore 6,56% baremeza ko atamugore yokwubahuka kuvuga ivyerekeye amabanga mpuzabitsina mu rugo, kuko ngo iyo ari ingingo ifata abagabo gusa. <br>Ivyo rero biraheza bikaba ihohoterwa rifatiye ku gitsina ribera mu ngo kuko umugabo ashobora guhatira umugore wiwe kurangura amabanga y\u2019abubatse batavyumvikanye no mu gihe atoba ari mu gihe ciza. Muri ico gihe ngo umugore ntaheza avuge kuko ngo ababanyi barinze babimenya aca acika ikimena banga bikandurukiramwo no kwahukana.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo abagabo 73,25% n\u2019abagore 28,60% baremeza ko umugore ari umunyakigo adakwiye kurenga umutaru ngo akorere akazi kure y\u2019urugo, kuko ngo ivyo vyemerewe abagabo gusa. <br>Vyongeye ngo umugore nta n\u2019uburenganzira afise kw\u2019itongo n\u2019ibirivamwo gutyo ngo nta n\u2019ingingo yofata ku butunzi buva mu vy\u2019imburwa. Ariko umugabo ngo ni we afise uburenganzira bwo gukoresha amafaranga uko avyipfuje n\u2019iyo hoba mu kaborerwe canke mu kurenga ibigo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nta terambere ritagira akaranga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>V\u00e9nant Manirambona, buramatari w\u2019intara ya Gitega agira ati: <em>\u00abNtawovuga ngo ntituratera intambwe ku bijanye n\u2019iterambere ridakumira kuko ubu dusigaye dufise n\u2019abakenyezi bari mu mabanga atandukanye. Ariko rero ni ukuraba nimba iterambere ry\u2019abakenyezi dushaka gushikako ryoba rijanye n\u2019akaranga k\u2019abarundi. Kuri ivyo twomenya ko umugabo uko biba kose aguma ari inkingi y\u2019urugo kuko urugo rukeneye umuntu aruhagararira, bagafashanya gufata ingingo n\u2019umugore gutyo tugateza imbere ibitsina vyose kuko tudashize imbere akaranga tuzohava tumera nk\u2019abazungu, aho ubu umugabo ahitamwo kurongora uwo basangiye igitsina kuko abona ko umugore yahawe ububasha burengeje\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Thierry Ndayizigiye, umunyeshure wo kuri kaminuza Lumi\u00e8re de Bujumbura avuga ko hakenewe inyigisho zo gutahuza abantu ibijanye n\u2019iterambere ridakumira maze zigahabwa abakenyezi hamwe n\u2019abagabo kuko mu gihe higishijwe umugore gusa n\u2019ivyo bihava bivamwo ukudatahurana mu rugo. <br>Abandanya avuga kandi ko iterambere ari iry\u2019umuryango, umwe wese akwiriye gufashanya na mugenzi we, bakubaka urugo ruzira ubusumbasumbane, ahubwo rurangwa ubwumvikane.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Imico n\u2019imigenzo y\u2019ikirundi iri mu bikumira umukenyezi maze bigatuma abagabo eka mbere n\u2019ikibano bayikika inyuma mu guhohotera agateka k\u2019umukenyezi. Ivyo biri mu vyavuye mu cigwa cashikirijwe kuri uwu wa 9 kigarama kuri Royal Palace Hotel na Nic\u00e9dore Nkurunziza umuhinga mu gisata ca \u00ab\u00a0Inclusion financi\u00e8re, March\u00e9 et Genre\u00a0\u00bb muri Care Burundi. Ni mu gihe bariko baraba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4533,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[234,293],"coauthors":[189],"class_list":["post-4528","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-care-burundi","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4528","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4528"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4528\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4548,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4528\/revisions\/4548"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4533"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4528"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4528"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4528"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4528"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}