{"id":4469,"date":"2019-12-03T16:18:55","date_gmt":"2019-12-03T15:18:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4469"},"modified":"2019-12-09T13:55:39","modified_gmt":"2019-12-09T12:55:39","slug":"chasaa-urunani-banyamyuga-burundi-tmea","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/chasaa-urunani-banyamyuga-burundi-tmea\/","title":{"rendered":"Chasaa, urunani rw\u2019abanyamyuga b\u2019i Burundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abajishi b\u2019ibiseke, abakora ibirato, abasudirizi, eka abarundi b\u2019ubuhinga butandukanye muri rusangi ni bo urwo runani rwaje rugana mu ntumbero yo guhesha agaciro bene iyo myuga igaragara nka mitomito ariko inyegej ubutunzi butandukanye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Adalbert Hakizimana umuyobozi nshingwabikorwa mu runani Chasaa (Chambre sectorielle de l\u2019art et artisanat) amenyesha ko urwo runani rugizwe n\u2019abanywanyi 4500, rwavutse mu 2010. Rwihaye amahangiro menshi hari mwo: kwigisha abanyamyuga gukora ibintu bigezweho bihurumbirwa,  kubaronderera amasoko y\u2019ivyo bahingura biciye muri Colucaab (Coop\u00e9rative Lumi\u00e8re des Centres de formation des Artisans et Artistes du Burundi) n&rsquo;ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>No mu mashure Chasaa irinjira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe abatari bake batakiriye neza ingingo ivuga ko umwana ahejeje umwaka w\u2019icenda ntagire amahirwe yo kubandanya amashure aca aja mu myuga,&nbsp; Adalbert we abona ko nyabuna<em> <\/em>uwiyigiye umwuga aba yize igisata ciza . Kira noneho, ngo ubushikiranganji bw\u2019indero bwaragitoreye umuti kuko bukorana n\u2019ishirahamwe Chasaa, na yo ikaba ifise abahinga bavyize neza<strong>.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-youtube wp-block-embed is-type-video is-provider-youtube wp-embed-aspect-16-9 wp-has-aspect-ratio\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<iframe loading=\"lazy\" title=\"646 604 US Dollars granted by TMEA-Burundi as an aid to more than 2000 women in trade\" width=\"1000\" height=\"563\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/Bp6vnRzNyZo?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture\" allowfullscreen><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>None vy\u2019ukuri ibikorwa vy\u2019abanyamyuga birahurumbirwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Birakundwa cane\nmbere &nbsp;n&rsquo;abanyamahanga &nbsp;baravyirukira. Adabert atanga akarorero ko mu\nkwezi kw\u2019icumi Colucaab yinjije amafaranga y\u2019amarundi 18 000&nbsp;000F. Akavuga\nko hamwe abarundi bokwijukira imyuga ngo ubutunzi bwokwiyongera bimwe biboneka.<\/p>\n\n\n\n<p>Chasaa imaze gushika mu ntara 13, aho itarashika hakaba ari Bururi,  Mwaro, Ruyigi, Cankuzo n&rsquo;i Ngozi. Mu ntumbero yo guteza imbere abanyamyuga, Chasaa iratanga kandi ibikoresho vyo kubaza, guhingura inshato, gusudira, kujisha, ivyo bakoresha mu gushaza no gushariza bikozwe mu mahembe y&rsquo;inka n\u2019ibindi<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Akarusho umunyamwuga akura muri Chasaa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Vincent Harerimana akora ibirato mu ntara ya Kayanza agira ati: \u00ab<em>Mu gihe gito maze muri Chasaa, bivanye n\u2019uko nkora ibirato neza bigashimwa, ndamaze kugura parasera y\u2019amafaranga 1&nbsp;500&nbsp;000 mbere n\u2019umugore ndamuha umutahe wa 300 000, ubu ni umudandaza<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Rosine &nbsp;Ndayishimiye aba mu ntara ya Gitega we asanzwe\nadesa amashuka. Uwo, arashimishwa n\u2019urwo runani kuko ishuka yahora adesa ku\nmafaranga 200&nbsp;000 ashobora kuyigurisha amafaranga 350 000 mu bihe\nvy\u2019ihayanishwa. Akavuga ko kubwa Chasaa yaronse abakiriya benshi no hanze\ny\u2019igihugu harimwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Adalbert Hakizimana akaba ashimira ikigo gifasha mu kworohereza abakora urudandaza rutoruto mu gushorera mu karere ka afirika y\u2019ubuseruko ( Trademark East Africa) kuko gifasha kenshi nko mu kurungika abanyamyuga nka 30 hanze y\u2019igihugu mu mahayanishwagurisha. Agasaba reta y\u2019uBurundi ko&nbsp; Chasaa yoronswa uruhusha&nbsp; rwo kuja kwigisha mu mashure y\u2019imyuga&nbsp; ndetse  n\u2019urwo gutanga impapuro zemeza ko umwana afise ubumenyi bukwiye kuko bicibonekeza ko hari agahaze mu biga imyuga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abajishi b\u2019ibiseke, abakora ibirato, abasudirizi, eka abarundi b\u2019ubuhinga butandukanye muri rusangi ni bo urwo runani rwaje rugana mu ntumbero yo guhesha agaciro bene iyo myuga igaragara nka mitomito ariko inyegej ubutunzi butandukanye. Adalbert Hakizimana umuyobozi nshingwabikorwa mu runani Chasaa (Chambre sectorielle de l\u2019art et artisanat) amenyesha ko urwo runani rugizwe n\u2019abanywanyi 4500, rwavutse mu 2010. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4470,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[274],"coauthors":[231],"class_list":["post-4469","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-tmea"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4469","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4469"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4469\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4498,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4469\/revisions\/4498"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4470"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4469"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4469"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4469"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4469"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}