{"id":4452,"date":"2019-11-29T17:32:15","date_gmt":"2019-11-29T16:32:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4452"},"modified":"2019-12-09T13:55:05","modified_gmt":"2019-12-09T12:55:05","slug":"iron-steel-burundi-obr-regideso","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/iron-steel-burundi-obr-regideso\/","title":{"rendered":"\u00abIron and Steel Burundi\u00bb: ivyuma vy&rsquo;urwubako ntibikirinda kuva mu mahanga"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Iron &amp; steel Burundi ni rimwe mu mahinguriro akora ivyuma vyizerwa n\u2019abaguzi kandi vyinshi kuko rishobora guhingura amatoni mirongitatu y\u2019amaferabeto ku munsi. Kuva uyu mwaka wa 2019 rikaba ryinjije amafaranga y\u2019amarundi imiriyaridi 5.<\/strong> <strong>Uwurongoye ikigo cegeranya amakori n\u2019amatagisi (OBR) Audace Niyonzima yaramutse agendera iryo hinguriro. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Mu mwaka wa 2011 niho iryo hinguriro ryatanguye , ariko ngo ryagiye rirahura n\u2019ingorane zitandukanye kuva rigishingwa gushika mu 2018. Iyikomeye cane ikaba ari iyijanye no kubura umuyagankuba aho wasanga bashobora gukora nk\u2019amasaha atarenga 8 kandi bategerezwa gukora amasaha 24. Ariko muri uyu mwaka wa 2019 barashoboye kwisuganya gutyo barisununura babifashijwe mwo n\u2019ishirahamwe regideso ryabaronkeje amatara akwiye. Ivyo rero bikaba bishikirizwa na Jean Nduwamungu asanzwe ajejwe ivyo kugwiza umwimbu muri iryo hinguriro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong><em>\u00ab<\/em><\/strong><strong><em>Itunga rikuvako rikakugarukako<\/em><\/strong><strong><em>\u00bb<\/em><\/strong><strong><em><\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nduwamungu arongera ati<em> \u00abIvyo dukora vyose tubikesha ugukorana neza na reta y\u2019Uburundi kandi biri mu vyo twiyemeje\u00bb<\/em>. Abandanya agira ati: \u00ab<em>Kugira dushobore gukora neza, reta yaradufashije ibicishije mu mugambi wayo wo gushigikira amahinguriro mu kutugabaniriza amakori ku vyo dukoresha bivuye hanze y\u2019igihugu ni nayo mpamvu ivyo dukora vyose twipfuza ko vyokoreshwa cane n\u2019abarundi. Vyongeye turinjiza amafaranga atari make mu kigo ca reta kijejwe amatara n\u2019amazi kuko dukenera amatara menshi yo gushusha ivyuma ngo tubihingure, turanakoresha amazi meshi mugukanyisha ivyo vyuma\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Joselyne Kampimbare ajejwe ivy\u2019ubutunzi muri iryo hinguriro aramwunganira agira ati: <em>\u00abIhinguriro rirafasha ibitari bike. Ryarashoboye guha akazi abakozi bangana 250. Abo nabo bafise imishahara iva ku bihumbi 160 kuduga mbere harimwo n\u2019abarenza 250.000. Ivyo rero ni akunguko kuri reta kuko turetse amakori dusanzwe turiha nka TVA, IPR n\u2019ayandi kandi n\u2019abo bakozi turanabarihira ikori ry\u2019umushahara\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibikorwa ni vyinshi muri Iron\n&amp;Steel<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko bimenyeshwa na Jean Nduwamungu, ihinguriro ryaramaze gutanguza umugambi wo guhingura umwuka bita oxyg\u00e8ne kandi mu kiringo c\u2019igeragerezo barimwo, ngo intambwe bagezeko irashimishije kuko n\u2019ibikono vyo kuzishingura mwo biza biri mu kibanza cavyo. Ivyo rero bizofasha cane mu mavuriro ubona ko abari basanzwe bayihingura batari ikirenga kandi ari nkenerwa mu buzima.<\/p>\n\n\n\n<p>Iron &amp;Steel ikora cane cane ferabeto \u00a0inomero 10,12,16 na zo zikaba zigurwa kw\u2019isoko amafaranga 13500, 18500 na 32000 bivanye n\u2019uko inomero zisumbana. Na yo Joselyne Kampimbare akaba yaciye anavuga ko uyu mwaka binjije amafaranga y\u2019amarundi imiriyaridi 5,8 mu gihe mu mwaka uheze wa 2018 bari binjije amafaranga y\u2019amarundi yababa umuriyaridi 1,5. Ivyo rero bikerekana ko abenshi batanguye kuzijukira. Akavuga ko zinazimbutse ata mpamvu yo kugura izivuye hanze. Ariko ngo nubwo biri uko barafise ikibazo c\u2019ububiko bw\u2019ivyo bahingura kuko bahingura ivyo baba batumwe n\u2019abaguzi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ngo bizeye ko kazoza k\u2019iryo hinguriro ari keza kuko impande y\u2019ivyo vyuma bahingura, biteze ko iyimbura ry\u2019ubutare riri mu migambi ya reta y\u2019Uburundi bizofasha cane kuko ihinguriro rizoca rikoresha ubwo butare gutyo umwimbu wiyongere ubutunzi bwisununure mu bice vyose vy\u2019igihugu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iron &amp; steel Burundi ni rimwe mu mahinguriro akora ivyuma vyizerwa n\u2019abaguzi kandi vyinshi kuko rishobora guhingura amatoni mirongitatu y\u2019amaferabeto ku munsi. Kuva uyu mwaka wa 2019 rikaba ryinjije amafaranga y\u2019amarundi imiriyaridi 5. Uwurongoye ikigo cegeranya amakori n\u2019amatagisi (OBR) Audace Niyonzima yaramutse agendera iryo hinguriro. Mu mwaka wa 2011 niho iryo hinguriro ryatanguye , ariko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4453,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[367],"coauthors":[34],"class_list":["post-4452","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-ubudandaji"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4452","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4452"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4452\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4457,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4452\/revisions\/4457"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4453"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4452"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4452"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4452"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4452"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}