{"id":4434,"date":"2019-12-02T08:49:23","date_gmt":"2019-12-02T07:49:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4434"},"modified":"2019-12-09T13:55:30","modified_gmt":"2019-12-09T12:55:30","slug":"umuvyeyi-ntasubirizwa-ubuzima-umwana-burundi-unicef-cde","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umuvyeyi-ntasubirizwa-ubuzima-umwana-burundi-unicef-cde\/","title":{"rendered":"Umuvyeyi ni ntasubirizwa mu buzima bw&rsquo;umwana"},"content":{"rendered":"\n<p>Umwana wese afise uburenganzira bwo kubana n&rsquo;abavyeyi biwe mu gihe bakiriho nkuko amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k\u2019abana abivuga mu ngingo yayo yi 9. Ariko n&rsquo;ubwo biri uko, haracariho abana bataronka ubwo burenganzira&#8230;<\/p>\n\n\n\n<p>David avuka mu ntara ya Gitega akaba afise imyaka 17. Kuva akivuka kugeza magingo aya arezwe na inakuru. Uwo mwana rero ngo igihe abavyeyi biwe bamwibaruka bose bari bigana mu mwaka w\u2019umunani, ariko se ntiyashotse yemera ko ari umwana wiwe, ivyo rero bikaba vyatumye amara igihe kinini atanditswe.<\/p>\n\n\n\n<p>David avuga ati: \u00ab<em>Nkuko babimbwiye kuko ico gihe nari nkiri muto, banyandikishije mfise imyaka 3. Papa yari yaranse kwemera ko ndi umwana wiwe, ariko nyokuru kubera ariwe yandeze araraba ukuntu noguma ntanditswe ni ko guca afata ingingo yo kwegera abavyeyi bavyara papa baravugana kugira banyemere. N\u2019ubwo bitoroshe cane, bahavuye banyemera hama baranyandikisha. Gusa ico gihe cose sinari bwabone papa. Yatanguye kuza kundaba mfise imyaka 11. Hari igihe vyashika nkabaza aho papa ari igihe cose babwira ko yantaye adashaka kumbona\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><em>&nbsp;<\/em>N&rsquo;ubwo inakuru wa David yashoboye kumutwara kw&rsquo;ishure akiga, hari abandi bana iyo barezwe na ba inakuru bataronka amahirwe yo kujanwa kw&rsquo;ishure nkuko vyashikiye Nadine w&rsquo;imyaka 9 aba mu ntara ya Kayanza. Uwu rero yakuriye kwa inakuru akaba ari na we yita nyina, nayo Diane yamuvyaye akamuhamagara mw\u2019izina kuko ata gishika c\u2019ubuvyeyi yigeze amugirira ubona ko yari yaramutaye yigira i Bujumbura. Ku bw\u2019ivyo Nadine ntivyashobotse ko aja kw&rsquo;ishure kuko inakuru yoca abura uwumufasha ibikorwa vyo muhira.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Akamaro k&rsquo;umuvyeyi mu buzima bw&rsquo;umwana<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ego ni vyo abo baja mu kibanza c&rsquo;abavyeyi bagaheza bagaha uburere abo\nbana bakora ibikora inka, ariko hari aho batageza na canecane mu bijanye\nn&rsquo;urukundo hamwe n&rsquo;ikigumba gumba c&rsquo;abavyeyi. David avuga ati :<em>\u00ab Birababaza cane kuba udafise uwo wita mama\ncanke papa bakwibarutse iruhande yawe. Nubwo bitaba kenshi ariko hari n&rsquo;igihe\nnkenera ikintu ndagisavye nyokuru akabwira kwataco afise, birambabaza kuko mba\nnumva ko iyaba mama ari ngaha atari kukinyima \u00bb.<\/em> <br>\nEric Nkurunziza umwigisha muri kaminuza akongera akaba umuhinga mu bijanye\nn\u2019inyifato nawe aremeranya ni vyo David avuga :<em>\u00ab Abavyeyi ni ntasubirizwa. Akenshi abana bafatira akarorero k&rsquo;ubavyeyi\nbabo, iyo badahari rero barabura uwo bigirako. Impande y&rsquo;abavyeyi n&rsquo;ico kibanza\nconyene umwana yumva yinsanzuyemwo. Bisigura yuko umwana adakuranye n&rsquo;abavyeyi\nbamwibarutse hariho ivyo ataronka \u00bb.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>Ngo n&rsquo;ubwo hariho abo abavyeyi bemera bakuze, hari n&rsquo;abandi bana barinda basaza batigeze bamenya papa wabo. David avuga ati : <em>\u00ab Jewe ndashima kubona papa wanje yaranyemeye. Ndazi abana kugeze uno munsi batazi ba papa babo \u00bb. <br> <\/em>Arangiza atera akamo abavyeyi bihakana abana avuga ati : <em>\u00ab Nimba abavyeyi baba bakoze amakosa, umwana aba akiri muto ntiyoca arwa mu mporero. Nico gituma umuvyeyi wese akwiye kuba hafi y&rsquo;umwana na canecane akiri muto kuko niho aba amukeneye cane. Naho ataco yoba afise amuha igikuru kiruta vyose ni urukundo. Ni na yo mpavu abana benshi bakura muri bene ubu buryo usanga atarukundo bafise kuko ntarwo baba bararonse \u00bb. <\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umwana wese afise uburenganzira bwo kubana n&rsquo;abavyeyi biwe mu gihe bakiriho nkuko amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k\u2019abana abivuga mu ngingo yayo yi 9. Ariko n&rsquo;ubwo biri uko, haracariho abana bataronka ubwo burenganzira&#8230; David avuka mu ntara ya Gitega akaba afise imyaka 17. Kuva akivuka kugeza magingo aya arezwe na inakuru. Uwo mwana rero ngo igihe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":3629,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[247],"coauthors":[34],"class_list":["post-4434","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4434","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4434"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4434\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4451,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4434\/revisions\/4451"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3629"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4434"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4434"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4434"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4434"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}