{"id":4380,"date":"2019-11-18T14:10:12","date_gmt":"2019-11-18T13:10:12","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4380"},"modified":"2019-11-22T09:23:44","modified_gmt":"2019-11-22T08:23:44","slug":"daniel-burundi-kayanza-arsab","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/daniel-burundi-kayanza-arsab\/","title":{"rendered":"Kubera intambamyi zo kutabona, Daniel ageze muri kaminuza afise imyaka 45"},"content":{"rendered":"\n<p> <strong>Daniel Ntiranyibagira ni umunyeshure atabona ariko w\u2019ingabirano nyinshi n\u2019ugucuraranga biri mwo. Yaciye mu bikomeye imbere yo gutangura ishure ariko igihe ciwe kiratinda kirashika ariga mbere ateba aba n\u2019umuyobozi. <\/strong> <\/p>\n\n\n\n<p>\nUwo\nmunyeshure w\u2019igitangaza yavutse mu mwaka wa 1974 muri komine\nMatongo iri mu ntara ya Kayanza, ku mutumba wa Kijuri. Yavukiye mu\nmuryango ubayabaye. Abavyeyi biwe bakaba bari abirimizi ariko se\nakaba n\u2019umuvumbi. Ntiranyibagira Yavutse abona nk\u2019abandi, ahuma\nku myaka 5 kubw\u2019imbwa yamugazuye ku kuboko, abavyeyi bishinga\nbamuvuza mu bapfumu amaso ateba aradegera. \n<\/p>\n\n\n\n<p> Inyuma y\u2018umwaka anyegejwe mu nzu, abavyeyi biwe batinya ku mushira ahabona ngo boba bikojeje isoni, yariganzuye uwo mwiza ajana n\u2019abandi bana mw\u2019ishure aho bitamworoheye na gato ariko aranangira, ubu akaba ari mu mwaka wa mbere wa kaminuza  y\u2019ivyizigiro vya Afirika.<\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Anyegururwa\nn\u2019inyota y\u2019ishure \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Naho yari mu rutara amatwi yo yarabanze. Kubw\u2019agafaransa k\u2019abana bo mu kibano ntivyamukundiye ko aguma kw\u2019itegeko yahawe n\u2019abavyeyi. Ni vyo ikibano ngo camushibaguza agati ngo ni ikintu si umuntu. Ariko abana bo bakamukunda kuko yakunda kubacurarangira umurya w\u2019inanga n\u2019igitari yigishijwe na sekuru, akanabaha ku buki n\u2019imikate se yamuha ngo amwibagize agahinda aterwa mu kibano.  <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"P284ETRc0w\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abana-ubumuga-ishure\/\">Burundi : abagendana ubumuga baracahura n&rsquo;intambamyi kw&rsquo;ishure<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Burundi : abagendana ubumuga baracahura n&rsquo;intambamyi kw&rsquo;ishure\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abana-ubumuga-ishure\/embed\/#?secret=1fmZuc6Qm9#?secret=P284ETRc0w\" data-secret=\"P284ETRc0w\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p> Umunsi umwe ahejeje kuvugiriza umurya w\u2019inanga abo bana ni ho yabinginga ngo bamujane kw\u2019ishure baremera. Umwigisha akimubona mw\u2019isomero atatira cane abamwinjije maze baramusohora. Ntiyashizwe. Yisabiye kwigira hanze ngo apfume aza arumviriza ibivugwa, ho aremererwa. Ntiyashobora kubifata vyose ku mutwe ariko ageze i muhira yaraheza agakoranya ba bana akabazimana akaziki akabasaba ko bamusubiriramwo ivyo bize naho yatevye akurwamwo.<\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Ishure\nry\u2019i Gihanga riserukira abatabona, ahatorera akoyoko<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nHari\nmu mwaka wa 1987. Daniel amaze guhungishwa n\u2019abavyeyi muri komine\nGatara kubw\u2019ikibano cagira giti <em>Nta\nmpumyi yiga, <\/em>yaratevye\natumwako na musitanteri yatwara ikomine ico gihe, aho yamucurarangira\ninanga araryoherwa mbere aca aramukundwakaza. Ni ho yamushira\nmw\u2019ishure ry\u2019intango ry\u2019aho i Gihanga (Ecole\nKanura pour les Aveugles)\nyigana n\u2019abandi bagendana ubuhumyi bavuye mu mihingo itandukanye\nkandi aramenya neza. \n<\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Aba\numuyobozi w\u2019ishure yitangurije ku mashure atandatu yiwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Iryo shure ayoboye ryitwa Espoir de l\u2019avenir riri mu ntara ya Kayanza. Ryavyawe n\u2019ishirahamwe yariyatanguje ARSAB (Association pour la Reintegration Sociale des Aveugles au Burundi), aho yigisha abagendana ubumuga bwo kutabona. Inyuma yo kubona ko hari abo yaramuye bashobora kubandanya ibikorwa ni  ho yigira inama yogusubira kwiga.<\/p>\n\n\n\n<p> Mu mwaka wa 2010 ni ho yatangura ishure ryisumbuye mu Kabezi  kuri Ecole  Secondaire de la Grace aho yahavuye ahereza mu gisata c\u2019ubucamanza mu 2017- 2018, aboneraho no gutora ikibazo ca reta araheza aja kuri kaminuza Espoir d\u2019Afrique ari na ho yiga mu mwaka wa mbere.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abigenza\ngute mw\u2019ishure ko ubu yigana n\u2019abadahumye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Kuri uwo munyeshure, amatwi afise ibikorwa bibiri : Kwumviriza n\u2019ugusoma. Mwarimu akira ku mwicarika imbere kandi akigisha avuga. Bimwe abifata ku mutwe, ibindi akabifata amajwi. Hageze igihe c\u2019isubiramwo, araheza akumviriza ya majwi gushika abifate ku mutwe.  Hari naho biba ngombwa ko asaba ivyigwa kuri \u00ab flash disc \u00bb akaja kwumviririza i muhira canke akavyandika akoresheje ya nyandiko y\u2019abatabona, \u00ab braille \u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>\nHageze\numwanya wo gukora ubushakashatsi, akoresha imashini yiwe ikamusomera\nnawe agaheza akabanga amatwi. Mu gihe c\u2019ibibazo naho yishura ku\nmunwa kuko avyanditse mwigisha atoshobora ku bisoma.<\/p>\n\n\n\n<p> Daniel Ntiranyibagira akaba avunira akagohe abandi bana bagendana ubumuga bwo kutumva ko batokwikengera, ahubwo nyabuna ngo bakunde ishure. Nayo abajejwe indero, bakabaronsa ibikoresho nk\u2019imashini zifise \u00ab logiciel \u00bb isoma ivyanditse kuko amatwi akomeye vyose birashoboka.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-youtube wp-block-embed is-type-video is-provider-youtube wp-embed-aspect-16-9 wp-has-aspect-ratio\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<iframe loading=\"lazy\" title=\"Daniel yataye imyaka 17 kubera atabona! Mugabo yahavuye ashika muri kaminuza\" width=\"1000\" height=\"563\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/Fb3KfQOMxj8?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture\" allowfullscreen><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Daniel Ntiranyibagira ni umunyeshure atabona ariko w\u2019ingabirano nyinshi n\u2019ugucuraranga biri mwo. Yaciye mu bikomeye imbere yo gutangura ishure ariko igihe ciwe kiratinda kirashika ariga mbere ateba aba n\u2019umuyobozi. Uwo munyeshure w\u2019igitangaza yavutse mu mwaka wa 1974 muri komine Matongo iri mu ntara ya Kayanza, ku mutumba wa Kijuri. Yavukiye mu muryango ubayabaye. Abavyeyi biwe bakaba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4383,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[356,355,20],"coauthors":[231],"class_list":["post-4380","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-gihanga","tag-hope-university","tag-kayanza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4380","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4380"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4380\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4407,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4380\/revisions\/4407"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4383"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4380"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4380"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4380"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4380"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}