{"id":4367,"date":"2019-11-18T09:05:58","date_gmt":"2019-11-18T08:05:58","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4367"},"modified":"2019-11-22T09:23:39","modified_gmt":"2019-11-22T08:23:39","slug":"akoresheje-utumwanya-amacupa-ya-plastike-fiacre-nijimbere-ahingura-amatafari-burundi-ens","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/akoresheje-utumwanya-amacupa-ya-plastike-fiacre-nijimbere-ahingura-amatafari-burundi-ens\/","title":{"rendered":"Akoresheje utumwanya n&rsquo;amacupa ya plastike, Fiacre Nijimbere ahingura amatafari y&rsquo;i pav\u00e9"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Utumwanya tutabora hamwe n\u2019amacupa ya plastike atekerwa mwo amazi \u00a0n\u2019imitobe y\u2019ubwoko butandukanye bitabwa aho ari ho hose, biri mu bibangamiye ibidukikije. Ariko naho biri uko, Nijimbere Fiacre umunyeshure muri kaminuza nderabigisha ENS avuga ko bikozwe neza aho kwonona ibidukikije vyokoreshwa mw\u2019iterambere ry\u2019igihugu. Ni no muri iyo ntumbero, uwo munyeshure yihaye ihangiro ryo kugabanya iyo micafu mu kuyihingura mwo ama-pav\u00e9s.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nijimbere Fiacre, ni umwana wa kabiri mu muryango w\u2019abana 7. Uwu musore w\u2019imyaka 27 avuka mu ntara ya Kayanza, muri komine Muhanga. Nkuko rero avyivugira, ngo iciyumviro co guhingura ibintu bivuye mu tumwanya tutabora hamwe n\u2019amacupa ya plastike, si ivya vuba. Ngo vyamuje mwo mu mwaka wa 2017 aho yari ari mu gihugu ca Uganda. Aho na ho akaba yaguma abona iyo micafu bayegeranya bayijana akumva bavuga ko bayikura mwo ibindi bintu vy\u2019akamaro ariko ntamenye ivyo ari vyo.<\/p>\n\n\n\n<p>Afatiye ku kuntu rero utumwanya (amasashe) hamwe n\u2019amacupa ya plastike ari ibintu bitabora kandi bititura isi cane, eka mbere akabuwe n\u2019itegeko ry\u2019umukuru w\u2019igihugu ribuza ivyo bikoresho mu Burundi, yafashe ingingo yo kwegeranya ivyo bintu bibonwa nk\u2019ingorane, maze ahita mwo kubihingura mwo ama-pav\u00e9s akomeye cane, gutyo ivyari bibi bicika ivy\u2019akamaro. Igikorwa Fiacre amaze mwo amezi atanu akora. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uti none ayo ma pav\u00e9s akozwe gute&nbsp;? <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nijimbere ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Negeranya amasashe hamwe n\u2019amacupa ya plastike ivyo benshi bita amakinju. Ndabiyonza mu kubiturira, ubona ko binatuba cane, nca ndabicanga n\u2019umusenyi nkaheza nkabiha iforoma nshaka. Iyo pav\u00e9 usanga ikomeye nk\u2019amabuye ku buryo uyisashe hasi mw\u2019ibarabara ikamyo ipima nk\u2019itoni 50 yoyica ko ntihagire ico iba\u00a0\u00bb.<\/em> Akabona rero ko, hamwe ico gikorwa cobandanya, ndetse kigashigikirwa, ayo mapave ahingurwa mu tumwanya hamwe n\u2019amacupa ya plastike yoshobora gukoreshwa mu kwubaka amabarabara meza asenye neza, eka mbere yonasaswa mu nzu canke mu mpangu z\u2019abantu. <\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignright is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/11\/Fiacre-1-1024x586.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4374\" width=\"398\" height=\"227\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/11\/Fiacre-1-1024x586.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/11\/Fiacre-1-300x172.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/11\/Fiacre-1-768x439.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/11\/Fiacre-1.jpg 1112w\" sizes=\"auto, (max-width: 398px) 100vw, 398px\" \/><figcaption>Fiacre Nijimbere ariko arahingura amatafari y\u2019i-pav\u00e9 ayakuye mu masashe hamwe no mu macupa ya plastike<\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Na yo Jules Habonimana umusore barikumwe,\nngo aratangazwa cane n\u2019ubuhinga n\u2019ubumenyi bwo kwiyumvira uwo Fiacre mwumva\nafise, mbere akaba anipfuza ko yokwamana nawe kugira ashobore kumurahura ko\nibitari bike.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intambamyi\u2026&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwa Nijimbere, intambamyi ni nyinshi\nariko izikomeye kurusha izindi ngo ni iyuko ari igikorwa kiruhisha kandi akaba\nagikora ari umwe atararonka abantu bashobora kwumva umugambi ngo bawufadikanye.\nArahura kandi n\u2019iyubukene\nbw\u2019ibikoresho ashobora kwifashisha mu gihe ahingura iyo micafu. Akamenyesha ko\nkugeza ubu agikoresha iminwe ata mashine yo guhingura mu mwanya muto araronka,\nakanemeza ko arinze ayironka, nk\u2019imicafu iri mu gisagara ca Bujumbura,\nbishoboka ko yose yoyihindura mwo ama-pav\u00e9s mu gihe kitonarenga ukwezi kumwe\ngusa. Gutyo igisagara kigasigara cera, eka mbere ngo honagera igihe abimara mu\ngihugu akabura n\u2019ivyahingura. Aranahura kandi n\u2019intambamyi yo kubura ikibanza\nc\u2019isanzuye yobikorera mwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Nijimbere abonera ho\nakaryo ko gutera akamo uwubishoboye wese guterera ico ashoboye, kugira uwo\nmugambi ushigikirwe, maze bagire uruhara mu gukingira no gukura imicafu mu\ngihugu mu ntumbero yo kuyihingura mwo ibindi bintu vy\u2019akamaro bifasha\nmw\u2019iterambere ry\u2019igihugu. Erega ngo ntahingura amatafari ya pav\u00e9 gusa, ngo\naranahingura amakara mu micafu itandukanye bataye hari mwo n\u2019impapuro !<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko mu ntumbero yo gukura mu gihugu utumwanya tutabora dusanzwe tunatitura isi ku rugero rukabije, umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi yari yaratanze ikiringo c\u2019amezi 18 cemerera abadandaza kuba basohoye utwo tumwanya, maze inyuma yaho bakiga uburyo bwo gukoresha utundi twoba dukozwe ku buhinga butuma tubora.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Utumwanya tutabora hamwe n\u2019amacupa ya plastike atekerwa mwo amazi \u00a0n\u2019imitobe y\u2019ubwoko butandukanye bitabwa aho ari ho hose, biri mu bibangamiye ibidukikije. Ariko naho biri uko, Nijimbere Fiacre umunyeshure muri kaminuza nderabigisha ENS avuga ko bikozwe neza aho kwonona ibidukikije vyokoreshwa mw\u2019iterambere ry\u2019igihugu. Ni no muri iyo ntumbero, uwo munyeshure yihaye ihangiro ryo kugabanya iyo micafu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4370,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209],"tags":[354],"coauthors":[189],"class_list":["post-4367","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga","tag-ibidukikije"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4367","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4367"}],"version-history":[{"count":8,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4367\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4382,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4367\/revisions\/4382"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4370"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4367"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4367"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4367"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4367"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}