{"id":4317,"date":"2019-11-05T15:05:15","date_gmt":"2019-11-05T14:05:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4317"},"modified":"2019-11-15T17:04:37","modified_gmt":"2019-11-15T16:04:37","slug":"kate-sabrina-ishimwe-umwigeme-yabaye-uwa-mbere-muri-concours-national-2019","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kate-sabrina-ishimwe-umwigeme-yabaye-uwa-mbere-muri-concours-national-2019\/","title":{"rendered":"Kate Sabrina Ishimwe, umwigeme yabaye uwa mbere muri Concours National 2019"},"content":{"rendered":"\n<p>\n<strong>Ku\nmyaka 15 gusa, Ishimwe yaranejereje cane abavyeyi biwe. Uwo mwigeme\nyabaye uwa mbere afise amanota 191 ku 200 mu kibazo co mu w\u2019icenda\ncakozwe mu mwaka w\u2019ishuri uheze wa 2018-2019.  Uwu rero, ngo aho\nyagiye araca hose abanyeshuri bigana bari bamuzi mu kwama aba uwa\nmbere mu gihe co gusomerwa amanota.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nZacharie\nNzeyimana, yamana akanyamuneza ku bw\u2019uwo mwana wiwe. Agira ati: \u00ab<em>\nUyu Ishimwe wanje, yama antera iteka buri igihe. Kuva agitangura mu\nbinyoni gushika ubu, ntarigera areka kuba uwa mbere\u00bb<\/em>.\nSabrina na we acumva iryo jambo aca aramwibutsa agira ati: <em>\u00ab\nOya papa, ibuka neza. Narigeze kuba uwa kabiri niga mu mwaka wa\nkabiri w\u2019ishuri shingiro. Ni muri ca gihe nari naravunitse ukuboko\nkw\u2019iburyo bitakunda ko nandika neza. Ariko maze gukira naciye\nnongera kuba uwa mbere mu gice ca nyuma kirangiza umwaka<\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>\nUrukundo\nn\u2019impanuro Ishimwe ahabwa n\u2019umuvyeyi wiwe Zacharie, ngo ni ryo\nshingiro ry\u2019umwete uwo mwana agira mu kwiga. Nzeyimana agira ati: <em>\u00ab\nJewe nk\u2019umuntu yize ivyigwa vy\u2019imibano, ndatahura ko umukobwa\nwanje asanzwe afise ubumenyi bwisununuye. Ni na yo mpamvu nama\nnamuhanuye ko ingabire afise yoyikoresha neza mu gukunda ibikorwa\nmaze akaba umuntu w\u2019agaciro mu buzima \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>\nKu\nbijanye n\u2019ikibazo ca reta giheruka co mu w\u2019icenda Ishimwe, ngo\nntiyari yiteguriye guhiganwa ku gwego rw\u2019igihugu kuko atari azi\nubumenyi abandi banyeshuri bo ku yandi mashuri bafise. Agira ati: <em>\u00ab\nIvy\u2019uko noba uwa mbere mu gihugu ntivyari bindi mu mutwe. Ariko\nnarizera ko noshobora kuba mu ba mbere. Ivyo nkaba nabivuga nisunze\nishuri nsanzwe nigako \u00abLycee du Saint Esprit\u00bb. <\/em>Uyu\nrero ngo aranibuka ko yari yarigeze kubwira se wiwe ko ashaka\nkuzoronka amanota arenga canke angana n\u2019185\/200. Ayo na yo akaba\nyari amanota umwana yabaye uwa mbere mu mwaka wa 2017-2018 yari\nafise.<\/p>\n\n\n\n<p>\n<strong>Ubwenge\nn\u2019ubugwaneza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\nKuba\nIshimwe hohava haboneka abamurusha, ngo ivyo nta bwoba bimuteye kandi\nntivyomubuza kubandanya afasha abandi banyeshuri bigana. Nk\u2019uko\nanabimenyesha, ngo asanzwe afise umugwi w\u2019abanyeshuri afasha\ngusigurira ivyigwa baba bize mw\u2019ishuri. Agira ati: <em>\u00abAbakobwa\nbose twafashanya tuba mu ba mbere mw\u2019ishuri. Birashika umwe muri bo\nakankurikira ku rutonde rw\u2019amanota yo mw\u2019ishuri, ariko sinigera\nniyumvira kwanka kumusigurira canke kumubwira ibitari vyo mu vy\u2019igwa\naba adatahura neza. Ahubwo iyo ndiko ndabigisha bituma ntera iy\u2019indi\nntambwe mu bumenyi\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>\nNaho\nSabrina yiyumvamwo cane ibiharuro na \u00abfiziki\u00bb, ngo arafise indoto\nyo kuziga ivyigwa bijanye n\u2019amategeko. Agira ati: <em>\u00ab\nMbaye umushingwamanza, novugira abakumiriwe. Kuko ndababazwa cane no\nkubona umuntu abuzwa uburenganzira bwiwe bwo kwigwanira \u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku myaka 15 gusa, Ishimwe yaranejereje cane abavyeyi biwe. Uwo mwigeme yabaye uwa mbere afise amanota 191 ku 200 mu kibazo co mu w\u2019icenda cakozwe mu mwaka w\u2019ishuri uheze wa 2018-2019. Uwu rero, ngo aho yagiye araca hose abanyeshuri bigana bari bamuzi mu kwama aba uwa mbere mu gihe co gusomerwa amanota. Zacharie Nzeyimana, yamana [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4318,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[353],"coauthors":[189],"class_list":["post-4317","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-lse"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4317","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4317"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4317\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4319,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4317\/revisions\/4319"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4318"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4317"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4317"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4317"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4317"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}