{"id":4285,"date":"2019-10-31T15:54:54","date_gmt":"2019-10-31T14:54:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4285"},"modified":"2019-11-05T15:13:47","modified_gmt":"2019-11-05T14:13:47","slug":"ishure-ngagara-indero-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ishure-ngagara-indero-burundi\/","title":{"rendered":"Ishure ry\u2019akarorero rya Ngagara, irya mbere mu Burundi mu kibazo ca reta c\u2019umwaka w\u2019ishuri wa 2018-2019"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ishuri ry&rsquo;akarorero rya Ngagara ni ryo ryabaye irya mbere mu mashuri yose yo mu Burundi mu kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c\u2019inyuma y\u2019ishuri shingiro. Ni mugihe ico kibazo cakozwe ubwa mbere n\u2019abanyeshuri batanguranye n\u2019umugambi w\u2019inyigisho z\u2019akarorero mu mwaka w\u2019ishuri wa 2016-2017.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ishuri\nry\u2019akarorero rya Ngagara ni rimwe mu mashuri atandatu y\u2019akarorero yatangujwe mu\nBurundi mu mwaka wa 2016-2017. Ayo na yo akaba ari: ishure Musenyi riri mu\nntara ya Ngozi, Notre Dame de la Sagesse ry\u2019i Gitega, Kiremba ry\u2019i Bururi,\nRusengo yo mu Ruyigi, Saint Marc hamwe na Ngagara ziri mu gisagara ca Bujumbura.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko bishikirizwa na Tharcisse Bendantunguka, umuyobozi w\u2019ishuri ry\u2019akarorero rya Ngagara, mu banyeshuri 47 bari biga mu mwaka w\u2019icenda ari n\u2019abo bakoze ikibazo ca reta mu mwaka uheze, bose baramenye ku rugero rushimishije. Muri bo, 4 baserutse mu banyeshuri cumi ba mbere ku rwego rw\u2019igihugu. 8 bamenye bafise amanota ashika 90%, hama 33 bamenya bafise ayarenga 80%, na yo 1 amenya afise 74%, mu gihe uwa nyuma yamenye afise amanota 60%. Iryo shuri rero ngo rikaba ryamenye rifise amanota 83.4%, amanota atari bwigere abaho, nk\u2019uko uwo muyobozi avyishimira.<\/p>\n\n\n\n<p>Bendantunguka avuga ko ico kibanza kitiyadukije ahubwo carondewe. Agira ati: \u00ab <em>Dufise abigisha bamenyereye akazi, bafise ubwira kandi bitanga mu gukurikirana abanyeshuri. Igishimishije kandi n\u2019uko n\u2019abavyeyi babandanya gukurikirana abana babo gutyo bakagumiza umutima ku vyigwa. Turabamenyereza kuguma tubaha utubazo twinshi, canecane tugashimika kuri vya bibazo vy\u2019imyimenyerezo (\u00e9preuve-types) bitegura ikibazo ca reta<\/em> \u00bb. N\u2019umunezero mwinshi, uwo muyobozi avuga ko ico kibanza ca mbere yari aciteze. Ivyo rero akavyemeza afatiye ku kuntu ari bo bari babaye aba mbere mu gisagara ca Bujumbura muri vya bibazo bibanziriza ikibazo ca reta. Akanizera kandi ko bazokigumana no muri uwu mwaka w\u2019ishuri wa 2019-2020.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Woba\nwari uzi kahise k\u2019ishuri ry\u2019akarorero rya Ngagara?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ishure rya Ngagara ryahoze ryitwa ishure nderabigisha rya reta. Ryatangujwe mu Burundi mu mwaka 1955 biturutse k\u2019umwami Mwambutsa IV. Rikaba ryari ryashinzwe mu ntumbero yo kworohereza abatari abakirisu kuronka inyigisho. Iryo shure ryahoze ryitwa \u00ab Groupe Scolaire Officiel La\u00efc \u00bb, rikaba ryari risanzwe rikorera muri karitiye ya 2. Iryo rero ryahurumbirwa cane n&rsquo;abanyeshure b&rsquo;aba congomani hamwe n&rsquo;abanyarwanda gusumba abanyeshure b&rsquo;abarundi. Mu 1959 iryo shure ryarungururije mu nyubakwa nshasha risanzwe rikoreramwo gushika ubu. Mu 1961 ryarahinduye izina ryitwa \u00ab Ath\u00e9n\u00e9e Ngagara \u00bb. Mu 1963 naho nyene ryarahinduye izina ryitwa Ishure nderabigisha rya Reta (ENE). Mu 1984 hamaze gushingwa amashure nderabigisha menshi mu Burundi, iryo shure ryaciye ryitwa Ishure ryisumbuye rya Ngagara. Muri rusangi iryo shure rimaze kuyoborwa na Bayobozi 17. Imbere ya 1972 ryayoborwa n\u2019abazungu. Kuri iryo shure hamye higa abakobwa n&rsquo;abahungu, nk\u2019uko vyashikirijwe na Samuel Nduwingoma umukurambere wo kuri iryo shuri.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ishuri ry&rsquo;akarorero rya Ngagara ni ryo ryabaye irya mbere mu mashuri yose yo mu Burundi mu kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c\u2019inyuma y\u2019ishuri shingiro. Ni mugihe ico kibazo cakozwe ubwa mbere n\u2019abanyeshuri batanguranye n\u2019umugambi w\u2019inyigisho z\u2019akarorero mu mwaka w\u2019ishuri wa 2016-2017. Ishuri ry\u2019akarorero rya Ngagara ni rimwe mu mashuri [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4286,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[247,299],"coauthors":[189],"class_list":["post-4285","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-abana","tag-ishure"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4285","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4285"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4285\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4287,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4285\/revisions\/4287"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4286"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4285"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4285"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4285"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4285"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}