{"id":4259,"date":"2019-09-07T16:59:18","date_gmt":"2019-09-07T14:59:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4259"},"modified":"2019-10-30T19:58:42","modified_gmt":"2019-10-30T18:58:42","slug":"bubanza-ababanyagihugu-abajejwe-intwaro-croix-rouge-ntahe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bubanza-ababanyagihugu-abajejwe-intwaro-croix-rouge-ntahe-burundi\/","title":{"rendered":"I Bubanza: Ababanyagihugu n\u2019abajejwe intwaro barakenguruka ivy&rsquo;igitabu ca Ntahe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu ntara ya Bubanza, ico gitabu cahashitse kw\u2019igenekerezo rya 5 Nyakanga. Ba bapfasoni Mahwera Georgette na Mariam Ndayisenga ni bo babandanije gushinga intahe zabo. Umwe wese akavuga ico yakoze kugira ngo abo mu Kinama hari hiziziwe n\u2019abahutu basubire kunywana n\u2019abo mu Cibitoke hari hitiriwe abatutsi. Umunyamabanga wa komine ni we yuguruye ibikorwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abanyabubanza barashwabadutse ku bwinshi kandi ukabona ko bafise ishaka. Mu ntango, bari bazi ko bibera mu nyubakwa y\u2019ibiro vy\u2019intara, bica bihinduka ku munota wa nyuma. Ariko ivyo ntivyabaciye intege.  Baciye baza n\u2019umwete mwinshi, ku biro vy\u2019ishirahamwe Croix-Rouge vy&rsquo;i Bubanza. Vyabereye mu nyubakwa iberamwo inama.  <\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019ijambo ry\u2019ikaze, Augustin Misago, umunyamabanga wa komine Bubanza, yasavye umuntu wese ari ngaho ko yova muri ico kiganiro yifatiye ingingo yo kuba imboneza kandi bakabigendera haba mu bihe bigumye canke vyoroshe.<\/p>\n\n\n\n<p>Christine Ntahe yarabamenyesheje ko ivyo yanditse muri ico gitabu yavyegeranije akora mw\u2019ishirahamwe <a rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Search For Common Ground (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\" href=\"https:\/\/www.facebook.com\/search.burundi\/\" target=\"_blank\">Search For Common Ground<\/a> mu gihe  yariko atunganyanya ikiganiro <em>Mukenyezi nturambirwe<\/em> yari asanzwe aremesha. Aho rero hakaba hari mu gihe c\u2019intambara ikomeye.<\/p>\n\n\n\n<p>Yaciye asaba ba bakenyezi kwidondora.  Hari abaciye bavuga ko  Mariam Ndayisenga  bamwibuka cane mw\u2019ireresi yitwa Mugisha kuko yayikinyemwo yitwa Maman Mugisha. Ku bwiwe, ngo yarahimbawe cane kubona asubiye gushika muri iyo ntara, kuko ngo yayiheruka mu gihe c\u2019intambara akiri ku rugamba.  <\/p>\n\n\n\n<p>Mahwera Georgette na we yarabaciriye ku mayange ayo bari bagorewe muri Kinama banduruka barahunga kugeza aho bashika muri Kongo. Mu nyuma baragarutse baca bigira inama yo guharanira amahoro kandi vyarashobotse.  <\/p>\n\n\n\n<p>Umwanya wose abo bakenyezi baba bariko baravuga, warabona ko abari ngaho batangaye kandi banyuzwe. Uko\numwe wese yavuga, ni ko Christine Ntahe yamwunganira.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Bubanza-Igiabo-ca-Ntahe-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4260\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Bubanza-Igiabo-ca-Ntahe-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Bubanza-Igiabo-ca-Ntahe-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Bubanza-Igiabo-ca-Ntahe-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Bubanza-Igiabo-ca-Ntahe.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption> \u00a9Jimbere&nbsp;|<em> <\/em><strong><em>Umunyamabanga wa komine ariko arugurura ibikorwa<\/em><\/strong><em> <\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Bose\nbiyemeje guharanira amahoro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwafata\nijambo wese, yaravuga ico yungutse muri ico kiganiro, n\u2019inama\nyigiriye kugira ngo ahindure ibintu. \n<\/p>\n\n\n\n<p>Asiya\nNahimana, yavuze ko yakuze abona abo babana bafatanye mu nda. Ngo\nntiyorota rero areka guharanira amahoro. Ngo bazokorera hamwe\nn\u2019abandi ico umubanyi akeneye akimufashe.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwitwa Ruth Ndihokubwayo ati: <em>\u201cAho tubaye nta vy\u2019amacakubiri  bihari. Turakoreranira tutaravye iki canke kiriya. Tuzobandanya muri iyo nzira.\u201d<\/em> Mugabo rero yarahuvye ati<em>: \u201cNzobwira abantu ko ata bwoko buriho\u201d,<\/em> Christine Ntahe aca aramugarura. Amenyesha uwo n\u2019abandi bari ngaho ko bataje kwigisha ko ata bwoko buriho. Nyabuna ngo ubwoko buriho, mugabo ntitubupfe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu\nbantu 14 bafashe ijambo, harimwo umupfasoni wa Buramatari wa Bubanza.\nNa we nyene yarahanuye abari ngaho ko babwirizwa kubana vyanka\nbikunda.  Yasavye kurengera amoko, abantu bamariranire imanza, maze\nngo basangire akabisi n\u2019agahiye.<\/p>\n\n\n\n<p>No ngaho nyene, umupfasoni Christine Ntahe yarabashimiye cane, aca abasaba kwirinda ibihuha bivuye inyuma. Yaciye abereka ingene ibihuha vyica vyinshi mu kubaha ka karorero ko muri komine Ruyigi. Ati: <em>\u201cKu murwa mukuru w\u2019iyo ntara, mu gihe c\u2019intambara abatutsi baba ahitwa i  Sanzu bahunze bababwiye ko  Abahutu bava ahitwa mu Gasanda baza kubica. Baciye baja kurara mw\u2019ishamba. Erega basanzeyo ba Bahutu na bo bahungiye muri iryo shamba. Ngo bababwiye ko Abatutsi baza kubica. Baciye bataha bafatanye amaboko.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gusozera ikiganiro, umunyamabanga wa komine Bubanza yarakengurutse cane ukuntu abantu bitavye kandi bakagira ico biyemeje. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ntara ya Bubanza, ico gitabu cahashitse kw\u2019igenekerezo rya 5 Nyakanga. Ba bapfasoni Mahwera Georgette na Mariam Ndayisenga ni bo babandanije gushinga intahe zabo. Umwe wese akavuga ico yakoze kugira ngo abo mu Kinama hari hiziziwe n\u2019abahutu basubire kunywana n\u2019abo mu Cibitoke hari hitiriwe abatutsi. Umunyamabanga wa komine ni we yuguruye ibikorwa. Abanyabubanza barashwabadutse ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":4261,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[],"coauthors":[237],"class_list":["post-4259","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4259","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4259"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4259\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4284,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4259\/revisions\/4284"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4261"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4259"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4259"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4259"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4259"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}