{"id":4257,"date":"2019-09-17T14:23:21","date_gmt":"2019-09-17T12:23:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4257"},"modified":"2019-10-30T19:51:02","modified_gmt":"2019-10-30T18:51:02","slug":"muyinga-umukenyezi-burundi-search-ntahe-cooperation-suisse","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/muyinga-umukenyezi-burundi-search-ntahe-cooperation-suisse\/","title":{"rendered":"I Muyinga, umukenyezi yitangira abandi mu gihe c&rsquo;intambara"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kw\u2019igenekerezo rya 10 Nyakanga 2019, <em><a rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"&quot;Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe&quot;  (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\" href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=frYY2BWa0nE\" target=\"_blank\">\u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb <\/a><\/em>bari bageze mu ntara ya Muyinga. Abahutukazi Mariya Roza Nicimpaye na Koreta Ndaruzaniye b\u2019i Karusi ni bo bashinze intahe. Abantu bari bashwabadutse kandi barakengurutse cane. Ubitegereje warabona ko banyuzwe n\u2019ivyo bashikirijwe, barongowe n\u2019uwuramutswa ikigo kijejwe iterambere ry\u2019ingo n\u2019imiryango (CDFC).<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abanyamuyinga baratewe akamo barakitaba. Vyari bitangaje ukuntu bashwabadutse kandi hariho ikindi gikorwa co kwakira Umukuru w\u2019igihugu. Baremeye barazinduka, kugira ngo bace baja kwakira iyo ndongozi. Bari benshi kandi ukabona ko bakurikira n\u2019umutima umwe.  <\/p>\n\n\n\n<p>Uwurongoye CDFC &#8211; Muyinga amaze gutanga ikaze, ba bashitsi baciye bidondora bagirako banavuga ico umwe wese yamaze mu ntumbero yo kugarukana amahoro yari yahungabanye mu 1993. Abari ngaho barwiriyemwo abakenyezi baciye babakiriza amashi, maze babatega yompi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mariya Roza Nicimpaye ati\u00a0: <em>\u00ab\u00a0Umubanyi w\u2019umututsikazi yampungiyeko. Narabuze aho ndamunyegeza. Baje kumunyicirako ndarahira ndarengwa. Ndabwira abari bafise ibicumu n\u2019ibibugita ko bamwica babanje jewe. Ntibabaye bakimwica, mu nyuma vyarakunze mpava ndamuherekeza ndamushikana iyo abatutsi bahungiye.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abariko baramwumviriza baratangaye, ukabona ko bakenguruka ubutwari bw\u2019uwo mupfasoni. Umwe wewe yongoreye mugenziwe ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Ivyo bintu mpava ndara ndabirota.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nicimpaye yabandanije amenyesha ukuntu mu gusubira inyuma, ari kumwe n\u2019abamuherekeje bajanye wa mututsikazi iyo abandi bahungiye ngo bagiye barabundabunda, kugeza aho barara mw\u2019ishamba n\u2019inzara n\u2019akantu.  <\/p>\n\n\n\n<p>Bamaze gutandukana abahutu bagasigara mu zabo na bo nyene vyarashika bakarara rubunda, nayo abatutsi bakaja mw\u2019ikambi y\u2019abateshejwe izabo&#8230; Amakuba baciyemwo ngo ntagira izina.  <\/p>\n\n\n\n<p>Akabandanya ati\u00a0: <em>\u00ab\u00a0Twarahagorewe tukarwara canke tukarwaza mugabo ntituronke imiti. Ntawashobora gushora utuntu mw\u2019isoko canke ngo aje gusuma.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo butwari umupfasoni Nicimpaye yagize, ni na bwo bwaranze mugenziwe Koreta Ndaruzaniye. Na we ngo yari yaratoye abana b\u2019abatutsi bane, maze igihe urwo rwimo rwaduka baza kubamutsindako. Ico yakoze ngo yarabanyegeje kandi barahererwa bagenda uko baje naho bamusizi ari ikiruruma. <em>\u00ab\u00a0Baciye bantemagura mugabo Imana ishimwe narakize. Ubu nsigaranye inkovu gusa.\u201d<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>Mu nyuma Imana yaracanye umututsikazi yitwa Bujeniya Bancako arabahuza bukebuke, bariyunga mugabo bigoranye bahava baraharanira amahoro birakomera kugeza aho bashinga ishirahamwe bararima barimbura amahoro arasasagara, abarabana iry\u2019ingwe bagwana mu nda.  <\/p>\n\n\n\n<p>\u201c<strong>Umukenyezi\narahangwa n\u2019intambara kurusha abandi\u201d<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Bahejeje kuvuga umwe wese ayo yaboneye mu ntambara ariko agatabaruka kubera umutima wo kwitangira abandi, umupfasoni Christine Ntahe yarabunganiye. Ikintu yashimikiye ko kurusha ibindi ni uko abana n\u2019urwaruka atawobashiramwo umugera w\u2019amacakubiri. Ivyabaye ngo ntibigasubire, mugabo bitwigishe gutegura kazoza keza. <\/p>\n\n\n\n<p>Yaramenyesheje abari ngaho ko mu mihingo yose y\u2019igihugu habonetse abakenyezi badasanzwe, bitanze batiziganya, gutyo amahoro asubira gusasagara. Yaranakebuye abakenyezi bari ngaho, ubona ko ari bo bari benshi mu bitavye ati<em>: \u201cUmukenyezi arahangwa n\u2019intambara kurusha abandi.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yaciye aboneraho akaryo ko guhanura urwaruka kutajana nyabahururu muri iki gihe himirije amatora. Yabasavye kudahirahira ngo bapfe imigambwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abitavye\nbarakengurutse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Ikiyago-i-Muyinga-recueil-Ntahe-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4276\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Ikiyago-i-Muyinga-recueil-Ntahe-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Ikiyago-i-Muyinga-recueil-Ntahe-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Ikiyago-i-Muyinga-recueil-Ntahe-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Ikiyago-i-Muyinga-recueil-Ntahe.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption><em><strong>\u00a9Jimbere&nbsp;| Abigize ico bashikirije na bamwe mu bitavye barahawe udushimwe <\/strong><\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p> Uwitwa G\u00e9rard Mbonigarura ni we yatanguye gufata ijambo. Yiyemeje ko agiye guhanura urwaruka kubana neza atakwisunga ubwoko, imigambwe, amadini canke ibindi. <br>Yaciye yunganirwa na Kandava Mariam. Na we nyene yamenyesheje ko yanyegeje abantu muri urwo rwimo. Yasavye ko abantu bose boshira imbere urukundo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubona\nko guharanira amahoro bidasaba gukora ibitangaza, Josiane\nBanderembako yamenyesheje ko azobwiririkanya n\u2019abandi ibijanye no\nkubumbatira amahoro. Ivyo na vyo ngo bizoca mu gukorera hamwe. Ati:\n<em>\u201cTuzohana\nibivi turime tworore.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kuyagira\namahoro abari ngaho, vyasa n\u2019ugukeburirako gusa. Ivyo vyaragaragara\nmu vyo bavuga.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwitwa Rehoniya Miburo arabishingira intahe. We ntiyavuze ivyo yiyemeje, nyabuna yavuze ivyo agiye kubandanya ati: <em>\u201cUwugwaye mu kibano nzomuba hafi nongere ndamuhe ikivi (kumufasha kurima) nk\u2019uko nsanzwe ndabikora.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abagabo\ncanke urwaruka rw\u2019abahungu bari ngaho, baranyuzwe na bo nyene\nbakaza barashikiriza ivyo biyemeje gukora kugira  ngo babumbatire\namahoro. \n<\/p>\n\n\n\n<p>Emmanuel Nduwayezu yavuze ko icigwa akuyemwo ari ukwitangira abandi. Ico agiye gukora na co ni ugukovya ku buryo azobigisha ubutwari, n\u2019urukundo, kuko ngo ni rwo rwatumye abo bakenyezi barokora abandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ba sokuru bati: <em>\u201cUbuja gusha buratagata\u00a0\u00bb<\/em>. Umupfasoni Alice Ndagijimana yavuze ko amahoro mu kuyigisha nyabuna azotangurira ku bana biwe. Ho ngo azoca agirako aze arabiyagira n&rsquo;abana b\u2019abanyi, abamenyesha ko atakwitwaza ubwoko, intara, imigambwe canke ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari abari ngaho bavuze ko igihe amoko yaryana batari bwabeho. Mugabo bose ico bagenda biyemeje, kwari ukubumbatira amahoro.<\/p>\n\n\n\n<p>Christine\nNtahe yaciye abwira urwaruka rwari ngaho ico rwokora: <em>\u201cNi\nvyo ubu nta ndyane zishingiye ku moko ziriho. Mugabo hari ukuryana\nbishingiye ku migambwe muturukamwo. Imigambwe myinshi ni vyiza,\nn\u2019ibwirizwa nshingiro rirabirekura. Kubera ko igihugu ari umuvyeyi\nwa twese mu budasa bwacu, tucubake rero.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Umwanya ico kiganiro camaze ntawarambiwe, kubera ko bose warabona ko bateze amatwi banyuzwe. Abagize ico bashikirije bose barahawe ubushimwe. Bwari bugizwe n\u2019ibitenge, ibitabu, n\u2019ibikoresho vy\u2019ishure. Eka n\u2019abandi batari bake barahawe ibitabu. Yaba uwurungoye ikigo kijejwe iterambare ry\u2019ingo n\u2019imiryango mu ntara ya Muyinga canke abandi bose bashoboye kuvuga, barakengurukiye abari ngaho bongera bakeza umupfasoni Christine Ntahe yanditse nya gitabo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 10 Nyakanga 2019, \u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb bari bageze mu ntara ya Muyinga. Abahutukazi Mariya Roza Nicimpaye na Koreta Ndaruzaniye b\u2019i Karusi ni bo bashinze intahe. Abantu bari bashwabadutse kandi barakengurutse cane. Ubitegereje warabona ko banyuzwe n\u2019ivyo bashikirijwe, barongowe n\u2019uwuramutswa ikigo kijejwe iterambere ry\u2019ingo n\u2019imiryango (CDFC). Abanyamuyinga baratewe akamo barakitaba. Vyari bitangaje ukuntu bashwabadutse [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":4275,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[],"coauthors":[237],"class_list":["post-4257","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4257","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4257"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4257\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4283,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4257\/revisions\/4283"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4275"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4257"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4257"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4257"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4257"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}